Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 11

“Inzira ziwe zose ziragororotse”

“Inzira ziwe zose ziragororotse”

1, 2. (a) Ni akarenganyo k’agahomerabunwa akahe kagiye karashikira Yozefu? (b) Yehova yakosoye gute ako karenganyo?

 KARI akarenganyo k’agahomerabunwa. Nya musore w’akaranga nta caha yari yakoze, yamara yagiye abona bamuta mw’ibohero, bamubeshera ngo yashatse gufata umugore ku nguvu. Ariko ubwo ntibwari bwo bwa mbere arenganywa. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, igihe yari afise imyaka 17, uwo musore Yozefu yarahemukiwe n’abo bavukana baramugurisha, habuze gatoyi ngo bamugandagure. Ico gihe yari yagurishijwe aba umuja mu kindi gihugu. Ari muri ico gihugu, yaranse kwemera kuryamana n’umugore wa shebuja. Nya mugore amaze guterwa akagere, yaradendekeranije ibirego vy’ikinyoma, ari na vyo vyatumye Yozefu ashirwa mw’ibohero. Ikibabaje ni uko ata muntu n’umwe yahaserutse ngo aburanire Yozefu.

2 Ariko rero, Imana yo “[i]kunda kugororoka n’imanza zibereye” yariko iravyitegereza. (Zaburi 33:5) Yehova yaragize ico akoze kugira ngo akosore ako karenganyo, arayobora ibintu ku buryo amaherezo Yozefu yarekuwe. Si ivyo gusa, Yozefu, ari we wa mugabo yari yatawe mw’“[i]bohero,” mu nyuma yarashinzwe amabanga ahambaye, aterwa n’iteka ridasanzwe. (Itanguriro 40:15; 41:41-43; Zaburi 105:17, 18) Amaherezo Yozefu yarakuweko iceyi yari yasizwe, maze amabanga ahambaye yari yashinzwe arayakoresha mu guteza imbere umugambi w’Imana.​—Itanguriro 45:5-8.

Yozefu yaracumukuriye mw’“ibohero” kubera akarenganyo

3. Ni kubera iki bidatangaje kuba twese dushaka gufatwa nk’uko bikwiriye?

3 Mbega none iyi nkuru ntidukora ku mutima? Ni nde muri twebwe atarabona akarenganyo canke atararenganywa? Emwe, twese dushaka gufatwa nk’uko bikwiriye, ata kurenganywa. Ivyo ntibitangaje, kubera yuko Yehova yaduhaye kamere zigaragaza uko we ubwiwe ameze, kandi ubutungane bukaba ari imwe muri kamere ziwe nkurunkuru. (Itanguriro 1:27) Kugira ngo tumenye Yehova neza, turakeneye gutahura ingene abona ubutungane. Gutyo turashobora gushima inzira ziwe z’akaroruhore washaka tukanarushiriza, kandi bigatuma turushiriza kumwiyegereza.

Ubutungane ni iki?

4. Turavye ukuntu umuntu abona ibintu, akenshi ubutungane butahurwa gute?

4 Dufatiye ku kuntu umuntu abona ibintu, ubutungane kenshi butahurwa gusa yuko ari ugukurikiza neza amategeko. Igitabu kimwe (Right and Reason​—Ethics in Theory and Practice) kivuga yuko “ubutungane bufitaniye isano n’itegeko, ivyo umuntu ategerezwa, ivyo umuntu afitiye uburenganzira be n’ivyo abwirizwa kurangura, kandi bugaca urubanza ata nkunzi kandi bukurikije ivyo umuntu akwiriye.” Ariko rero, ubutungane bwa Yehova ntiburimwo gusa kwa gupfa gukurikiza amategeko bitumwe n’ugushitsa ivyo umuntu aba abwirizwa canke ategerezwa gukora.

5, 6. (a) Amajambo yo mu ndimi z’intango yahinduwe ngo “ubutungane” asobanura iki? (b) Ivy’uko Imana itunganye bisobanura iki?

5 Ubwaguke n’ubwimbike bw’ubutungane bwa Yehova bishobora gutahurwa neza kuruta mu kurimbura amajambo yo mu ndimi z’intango yakoreshejwe muri Bibiliya. Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, hakoreshwa amajambo atatu y’ishimikiro. Ijambo rikunze guhindurwa “ubutungane” rishobora kandi guhindurwa ngo “ibigororotse.” (Itanguriro 18:25) Amajambo abiri yandi akunze guhindurwa ngo “ukugororoka.” Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya gikirisu, ijambo ryahinduwe ngo “ukugororoka” risigurwa ko ari “Ukuba ikintu ari co canke gitunganye.” Kw’ishimikiro rero, nta tandukaniro riri hagati y’ukugororoka n’ubutungane.​—Amosi 5:24.

6 Ni co gituma igihe Bibiliya ivuga yuko Imana itunganye, iba iriko itubwira ko Imana ikora ibigororotse kandi bikwiriye, be n’uko ivyo ibigira ata guhindagura, itagira nkunzi. (Abaroma 2:11) Mu vy’ukuri nta wokwiyumvira ko Imana yokora ukundi. Umwizerwa Elihu yavuze ati: “Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ukugabitanya.” (Yobu 34:10) Kukaba nkako, ntibishoboka yuko Yehova “yokora ivy’ukugabitanya.” Kubera iki? Kubera impamvu zibiri zihambaye.

7, 8. (a) Ni kubera iki Yehova adashobora gukora ivy’ukugabitanya? (b) Ni igiki gituma Yehova aba uwugororotse canke intungane mu vyo akora?

7 Ubwa mbere, Yehova ni mweranda. Nk’uko twabibonye mu Kigabane ca 3, Yehova aratyoroye kandi aragororotse bimwe bitagira agatosi. Kubera ico rero, ntashobora gukora ivy’ukugabitanya canke ibitabereye. Rimbura ico ivyo bisigura. Ubweranda bwa Dawe wa twese wo mw’ijuru buraduha imvo zikomeye zo kwizigira yuko atazokwigera afata nabi abana biwe. Yezu yari afise mwene ukwo kwizigira. Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, yasenze ati: “Data wera, ubazigamire [abigishwa] mw izina ryawe.” (Yohana 17:11) Mu Vyanditswe, iyo mvugo “Data wera” ikoreshwa kuri Yehova wenyene. Ivyo birabereye kubera ko ata muvyeyi w’umuntu ashobora kugereranywa na Yehova mu bweranda. Yezu yari yizeye bimwe bishitse yuko abigishwa biwe batogize inkomanzi mu maboko ya Se, uno akaba atyoroye rwose kandi akaba ari kure y’icitwa ikibi.​—Matayo 23:9.

8 Ubugira kabiri, urukundo ruzira ukwikwegerako ni kimwe mu bisanzwe bigize kamere y’Imana. Mwene urwo rukundo rutuma aba uwugororotse, canke intungane mu kuntu afata abandi. Mugabo akarenganyo mu mice yako myinshi, harimwo n’ukuvangura amoko, ukurobanura abantu, be n’ukugira nkunzi, kenshi biva ku mwina be no ku bwikunzi, ivyo na vyo bikaba bihushanye n’urukundo. Ku vyerekeye Imana y’urukundo, Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Uhoraho [ni] umugororotsi, kand’akunda ivyo kugororoka.” (Zaburi 11:7) Yehova yivugako ati: “Jewe Uhoraho nkunda [“ubutungane,” NW].” (Yesaya 61:8) Mbega none ntibiduhumuriza kumenya yuko Imana yacu ihimbarwa no gukora ibigororotse, canke ibitunganye?​—Yeremiya 9:24.

Imbabazi be n’ubutungane butagira agasembwa bwa Yehova

9-11. (a) Ni isano irihe riri hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe? (b) Ubutungane bwa Yehova hamwe n’imbabazi ziwe bigaragarira gute mu kuntu afata abantu b’abacumuzi?

9 Ubutungane bwa Yehova, cokimwe n’uwundi muce wose wa kamere ziwe ntangere, nta gasembwa bugira, nta na kimwe buhajije. Mu gushemagiza Yehova, Musa yanditse ati: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:3, 4) Uburyo bwose Yehova agaragarizamwo ubutungane ntibugira agahaze: ntiyigera na rimwe arekerana ibintu canke ngo ahambare kurenza urugero.

10 Hariho isano rya hafi hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe. Zaburi 116:5 igira iti: “Uhoraho n’umunyabuntu, kandi n’umugororotsi [“aratunganye,” The New American Bible]: Ek’Imana yacu n’inyembabazi.” Egome, Yehova aragororotse kandi ni n’umunyembabazi. Izo kamere zibiri zirajana. Ukuba agaragaza imbabazi ntikugabanya ubutungane bwiwe, nk’aho umengo ubutugane bwiwe bwohava buca buba ubukaze kurenza urugero. Ahubwo riho, akenshi izo kamere zibiri azigaragariza ica rimwe, washaka mu gikorwa kimwe. Rimbura akarorero.

11 Abantu bose barazwe icaha, ivyo bigatuma bashikirwa n’igihano c’icaha, ari co rupfu. (Abaroma 5:12) Mugabo Yehova ntahimbarwa n’ugupfa kw’abanyavyaha. Ni ‘Imana ikunda guharira, y’inyabuntu, yuzuye imbabazi.’ (Nehemiya 9:17) Mugabo naho bimeze bityo, kubera ko ari mweranda, ntashobora kurenza uruho rw’amazi ku kugabitanya. None yoshobora gute kugirira imbabazi abantu barazwe icaha? Inyishu tuyisanga mu kuri kurushirije kuba ukw’agaciro kwo mw’Ijambo ry’Imana: Intunganyo Yehova yashizeho y’incungu kugira ngo abantu baronke ubukiriro. Mu Kigabane ca 14 c’iki gitabu turiga vyinshi vyerekeye iyo ntunganyo yuzuye urukundo. Ni iyitunganye ikongera ikaba iyiranga ikigongwe, bimwe bigera kure. Biciye kuri yo, Yehova arashobora kugaragariza ikigongwe cuzuye ikibabarwe abacumuzi bigaya, akongera akazigama ingingo mfatirwako z’ubutungane butagira agasembwa.​—Abaroma 3:21-26.

Ubutungane bwa Yehova bureza umutima

12, 13. (a) Ni kubera iki ubutungane bwa Yehova budukwegera kuri we? (b) Ni ivyiyumviro ibihe Dawidi yashitseko ku vyerekeye ubutungane bwa Yehova, kandi ivyo bishobora gute kuduhumuriza?

12 Ubutungane bwa Yehova, si kamere itarimwo igishika yotuma tumwigira kure, mugabo ni kamere ikwegera, ituma tumwiyegereza. Bibiliya iravuga bimwe bitomoye ukuntu ubutungane canke ubugororotsi bwa Yehova ari kamere yuzuye imbabazi. Nimuze turimbure uburyo bumwebumwe bweza umutima Yehova agaragarizamwo ubutungane bwiwe.

13 Ubutungane butagira akanenge bwa Yehova buratuma agaragaza ubwizerwe be n’ukudahemuka ku basavyi biwe. Dawidi umwanditsi wa Zaburi yarahavuye yibonera uwo muce w’ubutungane bwa Yehova. Afatiye ku vyamushikiye ubwiwe be no ku kwiga inzira z’Imana, Dawidi yoba yashitse ku vyiyumviro ibihe? Yarikuguye ati: “Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose.” (Zaburi 37:28) Mbega ugusubirizwa umutima mu nda! Imana yacu ntizokwigera na gato iheba abatayihemukira. Turashobora rero kwizigira ubucuti bwa hafi tugiranira na Yehova be n’ukuntu atubungabungana urukundo. Ubutungane bwiwe buradukura amazinda kuri ivyo!​—Imigani 2:7, 8.

14. Ukuba Yehova ababaye ba ntahonikora kugaragarira gute mu Vyagezwe yahaye Isirayeli?

14 Ubutungane bw’Imana ntibwirengagiza ivyo abagowe bakeneye. Ukuba Yehova ababaye bantahonikora kuragaragarira mu Vyagezwe yahaye Isirayeli. Nk’akarorero, ivyo Vyagezwe vyarimwo intunganyo zidasanzwe zatuma impfuvyi n’abapfakazi bitabwaho. (Gusubira mu Vyagezwe 24:17-21) Kubera Yehova yari azi ingene ubuzima bwari kugora mwene iyo miryango, we ubwiwe yabaye Umucamanza akora kivyeyi aba n’Umukingizi, we “[a]cira imanza impfuvyi n’abapfakazi.” a (Gusubira mu Vyagezwe 10:18; Zaburi 68:5) Yehova yaburiye Abisirayeli yuko nka hamwe bogirira nabi abagore n’abana batagira gitabara, atobuze kwumviriza ugutakamba kwa mwene abo bantu. Yavuze ati: “Uburake bganje bu[zo]ziriringa.” (Kuvayo 22:22-24) Naho uburake atari imwe muri kamere nkurunkuru za Yehova, aragira ishavu rigororotse bivuye ku bintu vy’akarenganyo bigirwa nkana, na canecane igihe abarenganywa baba ari ba nyarucari canke abatagira gitabara.​—Zaburi 103:6.

15, 16. Ni ikimenyamenya ikihe cibonekeje vy’ukuri c’uko Yehova atagira nkunzi?

15 Yehova kandi aradukura amazinda yuko “[a]datinya abantu ku kigohe, [a]tarya ingurire.” (Gusubira mu Vyagezwe 10:17) Yehova ntameze nk’abantu benshi bafise ububasha canke akosho ku bandi, we ntatwarwa n’ubutunzi bw’ivy’umubiri canke agashusho ko ku mubiri. We ntiyoshwa n’ivyo guhengamira ku ruhande runaka canke ukugira nkunzi. Rimbura ikimenyamenya kimwe cibonekeje vy’ukuri c’uko Yehova atagira nkunzi. Akaryo abantu bahabwa ko gucika abasavyi nyakuri biwe, bakaba biteze kuzoronka ubuzima budahera, ntigahabwa gusa abantu b’inkehwa batoranijwe. Ahubwo riho, “mu mahanga yose ū[mw]ubaha, agakora ivy’ukugororoka, [a]ramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Ico cizigiro c’igitangaza kiri imbere y’abantu bose ata kuraba ikibanza bafise mu kibano, ibara ry’urukoba rwabo, canke igihugu babamwo. None ubwo si ubutungane nyakuri bugaragazwa ku rugero rwo hejuru?

16 Hariho uwundi muce w’ubutungane bwa Yehova butagira agasembwa ukwiriye ko twitwararika kandi tukubaha: na wo ukaba ari uburyo afata abarenga ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse.

Ntaho izokura ku muntu igihano

17. Sigura igituma ibintu vy’akarenganyo bigirwa muri iyi si bidatitura ubutungane bwa Yehova.

17 Hari aho bamwebamwe bokwibaza bati: ‘Kubera ko Yehova atarenza uruho rw’amazi ku kugabitanya, twosigura gute ugucumukura kw’abataco bazira be n’ibikorwa bibi vyiganje hose muri iyi si?’ Mwene ivyo bintu biba vy’akarenganyo ntibititura na gato ubutungane bwa Yehova. Ibintu vyinshi vy’akarenganyo biba muri iyi si mbi ni inkurikizi y’icaha abantu barazwe na Adamu. Mw’isi aho abantu badatunganye bahisemwo inzira zabo bwite ziranga icaha, usanga ibintu vy’akarenganyo bihuzuye, mugabo si ivy’igihe kirekire.​—Gusubira mu Vyagezwe 32:5.

18, 19. Ni igiki cerekana ko Yehova atazokwama areka abarenga ku mabwirizwa yiwe agororotse n’ibigirankana?

18 Naho Yehova agirira imbabazi nyinshi abamwiyegereza babikuye ku mutima, ntazokwama areka ibintu bituma izina ryiwe risigwa iceyi. (Zaburi 74:10, 22, 23) Imana y’ubutungane nticokorwa; ntizoreka ngo abacumura n’ibigirankana ntibashikirwe n’urubanza rubi ruhwanye n’ingendo yabo. Yehova ni “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, [i]teba kuraka, [i]gira ikigongwe cinshi, . . . ariko [“ntaho izokura ku muntu igihano,” NW].” (Kuvayo 34:6, 7) Mu buryo buhuye n’ayo majambo, rimwe na rimwe Yehova yarabona ko bikenewe gushitsa urubanza ku barenga ku mabwirizwa yiwe agororotse n’ibigirankana.

19 Nk’akarorero, rimbura ivyo Imana yagiriye Isirayeli ya kera. Mbere n’igihe baba mu Gihugu c’Isezerano, Abisirayeli barahemutse incuro nyinshi. Naho inzira zabo zononekaye zatumye Yehova ‘ababara,’ ntiyaciye ubwo nyene abaheba. (Zaburi 78:38-41) Ahubwo riho, abigiranye imbabazi yarabahaye uturyo kugira ngo bahindure ingendo yabo. Yabinginze ati: “Simpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa, atar’uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’inzu ya Isirayeli?” (Ezekiyeli 33:11) Kubera ko Yehova abona yuko ubuzima ari ubw’agaciro, akatari gake yararungitse abamenyeshakazoza biwe kugira ngo Abisirayeli bashobore kuva mu nzira zabo mbi. Ariko, muri rusangi, abo bantu b’umutima ukomantaye baranse kwumviriza ngo baheze bigaye. Amaherezo, ku bw’izina ryiwe ryeranda be no ku bw’ibintu vyose iryo zina risobanura, Yehova yarabagabuye mu maboko y’abansi babo.​—Nehemiya 9:26-30.

20. (a) Ivyo Imana yagiriye Isirayeli bitwigisha iki kuri yo? (b) Ni kubera iki intambwe ari ikigereranyo kibereye c’ubutungane bwa Yehova?

20 Ukuntu Yehova yafashe Isirayeli biratwigisha vyinshi ku bimwerekeye. Biratwigisha yuko inyonga ziwe zibona hose, zirabona ukugabitanya kugirwa, be n’uko ababazwa cane n’ivyo abona. (Imigani 15:3) Turasubirizwa umutima mu nda kandi no kumenya yuko arondera kugira ikigongwe igihe hari ishingiro ryo kukigira. Vyongeye, biratwigisha yuko ubutungane butigera bukoreshwa gihuruduka. Kubera yuko Yehova yihangana, abantu benshi baca biyumvira ukutariko ngo ntazokwigera ashitsa urubanza ku banyakibi. Ariko ivyo si ko biri namba, kubera ko ivyo Imana yagiriye Isirayeli bitwigisha kandi yuko ukwihangana kw’Imana gufise aho kugarukira. Yehova arumira ku bugororotsi. We ntameze nk’abantu usanga bama biyonjorora bakareka gukurikiza ubutungane, we ntiyigera na rimwe abura uburindutsi bwo kuburanira ibigororotse. Birabereye rero ko intambwe iba ikigereranyo c’ubutungane bwuzuye uburindutsi, iboneka aho Imana iri be n’iruhande y’intebe yayo y’ubwami. b (Ezekiyeli 1:10; Ivyahishuriwe 4:7) Dushobora rero guhera amazinda yuko Yehova azorangura umuhango yatanze wo gukura akarenganyo kuri iyi si. Si ivy’imbeshere, uburyo aca urubanza bushobora kuvugwa mu ncamake uku: ugushikama ku ngingo aho bikenewe, ikigongwe aho bishoboka hose.​—2 Petero 3:9.

Niwiyegereze ya mana y’ubutungane

21. Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova agaragaza ubutungane, dukwiye kumwiyumvira mu buhe buryo, kandi kubera iki?

21 Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova akoresha ubutungane, ntidukwiye kumwiyumvira bwa mucamanza atoroshe, akaze, arajwe ishinga gusa no gukubita abanyakibi intahe mu gahanga. Ahubwo nyabuna, dukwiye kumwiyumvira bwa Muvyeyi yuzuye urukundo mugabo ashikama ku ngingo, uwama nantaryo afata abana biwe mu buryo bwiza kuruta bushoboka. Kubera yuko Yehova ari Umuvyeyi atunganye canke agororotse, ugushikama ku bigororotse arakurimbanya n’imbabazi zuzuye ikibabarwe ku bana biwe bo kw’isi, abo bakaba bakenera gufashwa be no kurekurirwa na we.​—Zaburi 103:10, 13.

22. Arongowe n’ubutungane bwiwe, Yehova yatumye bidushobokera kugira ikihe cizigiro, kandi ni kubera iki atugirira ibintu muri ubwo buryo?

22 Ese ukuntu dushobora gukenguruka kuba ubutungane bw’Imana atari gusa ubwo gukubita abanyakibi intahe mu gahanga! Arongowe n’ubutungane bwiwe, Yehova yaratumye bidushobokera kugira icizigiro c’akezamutima koko, c’ubuzima buzira agasembwa kandi butagira iherezo bwo mw’isi ‘ahazoba hari ukugororoka.’ (2 Petero 3:13) Imana yacu itugirira ibintu muri ubwo buryo kubera yuko ubutungane bwayo burondera gukiza aho guca rubi. Vy’ukuri, gutahura neza kuruta ubutungane bwa Yehova biratuma tumwiyegereza! Mu bigabane bikurikira, turihweza twitonze ingene Yehova agaragaza iyo kamere y’agatangaza.

a Naho ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “impfuvyi” riri mu mero ya kigabo, ivyo ntibisigura na gato yuko abakobwa atabababaye. Mu Vyagezwe, Yehova yarashizemwo inkuru yerekeye ingingo ncarubanza yemeza ko abakobwa b’impfuvyi ba Selofehadi baronka intoranwa. Iyo ngingo yaraciriye ibintu inzira, gutyo iba irashigikiye uburenganzira abakobwa b’impfuvyi bafise.​—Guharūra 27:1-8.

b Biri n’ico bivuze kuba Yehova yigereranya n’intambwe mu gushitsa urubanza kuri Isirayeli yahemutse.​—Yeremiya 25:38; Hoseya 5:14.