Niwiyegereze Yehova

Imana igusaba ngo uyiyegereze. Iki gitabu kirakwereka ukuntu wobikora cisunze Bibiliya.

Akajambo k’intango

Urashobora kugiranira na Yehova Imana ubucuti butazokwigera buhera.

IKIGABANE CA 1

«Raba! Iyi ni yo Mana yacu»

Kubera iki Musa yabajije Imana izina ryayo kandi yari asanzwe arizi?

IKIGABANE CA 2

Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?

Yehova Imana, Umuremyi w’ijuru n’isi, araduha ubutumire n’umuhango.

IKIGABANE CA 3

«Umweranda, umweranda, umweranda ni Yehova»

Kubera iki Bibiliya isanisha ubweranda n’ubwiza?

IKIGABANE CA 4

«Yehova . . . afise ububasha bwinshi»

Ububasha bw’Imana bwoba bukwiye gutuma tuyitinya? Ego na oya zose ni inyishu z’ukuri.

IKIGABANE CA 5

Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»

Uhereye ku zuba ryacu amahero gushika ku mununi mutoyi cane, ivyo Imana yaremye birashobora kutwigisha ibintu bihambaye ku biyerekeye.

IKIGABANE CA 6

Ububasha bwo gusangangura​—«Yehova ni umurwanyi akomeye»

«Imana y’amahoro» ishobora gute kurwana?

IKIGABANE CA 7

Ububasha bwo gukingira​—«Imana ni ubuhungiro bwacu»

Imana ikingira abasavyi bayo mu buryo bubiri, ariko bumwe ni bwo buhambaye cane kuruta.

IKIGABANE CA 8

Ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo​—Yehova “ibintu vyose ariko abigira bishasha”

Yehova aramaze gusubizaho ugusenga gutyoroye. Ni ibiki azosubizaho muri kazoza?

IKIGABANE CA 9

«Kristu ni ububasha bw’Imana»

Ibitangaro vya Yezu Kristu n’inyigisho ziwe vyerekana iki ku bijanye na Yehova?

IKIGABANE CA 10

“Niwigane Imana” mu kuntu ukoresha ububasha

Ushobora kuba ufise ububasha bwinshi kuruta uko uvyibaza. Ushobora gute kubukoresha neza?

IKIGABANE CA 11

“Inzira ziwe zose ziragororotse”

Kubera iki ubutungane bw’Imana ari kamere nziza cane?

IKIGABANE CA 12

«Mbega Imana irarenganya?»

Nimba Yehova yanka akarenganyo, kubera iki none kuzuye mw’isi?

IKIGABANE CA 13

«Itegeko rya Yehova riratunganye»

Abajejwe ivy’amategeko boremesha gute urukundo?

IKIGABANE CA 14

Yehova “yaracunguye benshi”

Inyigisho isanzwe ariko ishika kure irashobora kugufasha kwiyegereza Imana.

IKIGABANE CA 15

Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”

Ni gute Yezu yagaragaje ubutungane muri kahise? Ariko abugaragaza gute ubu? Kandi azoshitsa ubutungane gute muri kazoza?

IKIGABANE CA 16

“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana

Ubutungane burabonekera mu kuntu tubona ikibereye n’ikitabereye be no mu kuntu dufata abandi.

IKIGABANE CA 17

“Ewe kuntu ubukerebutsi bw’Imana bwimbitse!”

Ni kubera iki ubukerebutsi bw’Imana busumba mbere ubumenyi bwayo, ugutahura n’ugutandukanya ibintu?

IKIGABANE CA 18

Ubukerebutsi mw’«Ijambo ry’Imana»

Kubera iki Imana yakoresheje abantu kwandika ivyiyumviro vyayo mu gitabu, kandi ni kubera iki hari ibintu bimwebimwe vyashizwe muri ico gitabu n’ibitashizwemwo?

IKIGABANE CA 19

«Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»

Ni ibanga ryeranda irihe Imana yagiye irahishura?

IKIGABANE CA 20

«Inkerebutsi mu mutima», yamara yicisha bugufi

Ni gute Umukama Segaba w’ijuru n’isi yicisha bugufi?

IKIGABANE CA 21

Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»

Ivyo Yezu yigisha vyari bitangaje cane ku buryo igihe kimwe abasoda bari barungitswe kumufata bagarutse iminwe misa!

IKIGABANE CA 22

«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?

Bibiliya iradondora ibintu bine nyamukuru bishobora kudufasha gutsimbataza ubukerebutsi buva ku Mana.

IKIGABANE CA 23

“Ni yo yabanje kudukunda”

Imvugo ngo “Imana ni urukundo” na “ni yo yabanje kudukunda” zisobanura iki mu vy’ukuri?

IKIGABANE CA 24

Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»

Niwikunkumure ikinyoma c’uko Imana itagukunda be n’uko itaguha agaciro.

IKIGABANE CA 25

«Impuhwe z’Imana yacu»

Ni gute impuhwe Imana igufitiye zimeze nk’izo inabibondo agirira umwana wiwe?

IKIGABANE CA 26

Imana “yiteguriye kubabarira”

Nimba Imana ifise ubushobozi bwo kwibuka mu buryo butagira agahaze, ishobora gute kubabarira kandi ikibagira?

IKIGABANE CA 27

«Ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi!»

Ukumera neza kw’Imana neza na neza ni iki?

IKIGABANE CA 28

«Wewe wenyene uri intahemuka»

Kubera iki ukudahemuka kw’Imana kurengeye ubwizigirwa bwayo?

IKIGABANE CA 29

«Kumenya urukundo rwa Kristu»

Imice itatu y’urukundo rwa Yezu iragaragaza neza urukundo rwa Yehova.

IKIGABANE CA 30

«Mubandanye kugendera mu rukundo»

Mu Bakorinto ba mbere harerekana uburyo butandukanye twogaragaza urukundo.

IKIGABANE CA 31

«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza»

Ni ikibazo gihambaye cane ikihe wokwibaza? Wokwishura gute?