Zaburi 74:1-23
Ni indirimbo* ya Asafu+.
74 Ewe Mana, kubera iki wadutaye ibihe vyose+?
Kubera iki washavuriye cane ubusho bwo mu buragiro bwawe+?
2 Niwibuke abantu* witoreye kuva kera+,umuryango wacunguye ngo ube intoranwa yawe+.
Niwibuke umusozi Siyoni, uwo wabayeko+.
3 Simba urabe ahantu hasambuwe kuva kera+.
Umwansi yarasambaguye ibintu vyose vy’ahantu heranda+.
4 Abansi bawe bararoshe bari mu kibanza usengerwamwo*+.
Barahashinze ibimenyetso vyabo.
5 Bari bameze nk’abantu batema ibiti bizitanye bakoresheje amashoka.
6 Ibisharizo+ vyaho vyose babimenaguje amashoka n’ivyuma.
7 Baraturiye ahantu hawe heranda+.
Barahumanije ihema ryitirirwa izina ryawe, barisenyurira hasi.
8 Bo hamwe n’uruvyaro rwabo, bibwiye mu mitima yabo bati:
«Ibibanza vyose basengeramwo Imana muri iki gihugu bitegerezwa guturirwa.»
9 Nta bimenyetso vyacu tubona,nta muhanuzi n’umwe akihari,kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.
10 Ewe Mana, umwansi azoguma agucokora gushika ryari+?
Umwansi azoguma asuzugura izina ryawe ibihe vyose+?
11 Kubera iki udasokorora ukuboko kwawe, ukuboko kwawe kw’ukuryo+?
Sokorora ukuboko kwawe ubahonye.
12 Ariko Imana ni yo Mwami wanje kuva kera,imwe irokora abasavyi bayo kw’isi yose+.
13 Wasebagije ikiyaga n’ububasha bwawe+,umenagurira mu mazi imitwe y’ibikoko bininibinini vyo mu mazi.
14 Wajanjaguye imitwe ya Lewiyatani*,uyiha abantu ngo bayirye, abantu baba mu bugaragwa.
15 Waciriye inzira amariba n’imigezi+,ukamya inzuzi zitari bwigere zikama+.
16 Umurango ni rwawe, kandi n’ijoro ni rwawe.
Ni wewe waremye umuco* n’izuba+.
17 Ni wewe washizeho imbibe zose z’isi+,ushiraho ici n’urushana+.
18 Ewe Yehova, niwibuke ibitutsi vy’umwansi wawe,ingene ihanga ry’imburabwenge risuzugura izina ryawe+.
19 Ntuhe inuma* yawe ibikoko vyo mw’ishamba.
Ntiwibagire buhere abantu bawe bari mu marushwa.
20 Niwibuke isezerano ryawe,kuko ahantu hose h’umwiza kw’isi hasigaye huzuye ababisha.
21 Ese uwajanjaguwe atotaha zirayoye+!Abantu batobato n’abakene nibashemeze izina ryawe+.
22 Ewe Mana, nuhaguruke wiburanire.
Niwibuke ingene abantu b’imburabwenge birirwa baragutuka+.
23 Ntiwibagire ivyo abansi bawe bavuga.
Abakurwanya baguma baduza urwamo.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Mu giheburayo havuga ngo «ishengero ryawe.»
^ Canke «ikibanza cawe co gukoraniramwo.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «igitangamuco.»
^ Canke «intunguru.»