Zaburi 74:1-23

  • Gusaba ko Imana yokwibuka abantu bayo

    • Ingene Imana yarokoye abantu bayo (12-17)

    • «Niwibuke ibitutsi vy’umwansi» (18)

Ni indirimbo* ya Asafu+. 74  Ewe Mana, kubera iki wadutaye ibihe vyose+? Kubera iki washavuriye cane ubusho bwo mu buragiro bwawe+?   Niwibuke abantu* witoreye kuva kera+,umuryango wacunguye ngo ube intoranwa yawe+. Niwibuke umusozi Siyoni, uwo wabayeko+.   Simba urabe ahantu hasambuwe kuva kera+. Umwansi yarasambaguye ibintu vyose vy’ahantu heranda+.   Abansi bawe bararoshe bari mu kibanza usengerwamwo*+. Barahashinze ibimenyetso vyabo.   Bari bameze nk’abantu batema ibiti bizitanye bakoresheje amashoka.   Ibisharizo+ vyaho vyose babimenaguje amashoka n’ivyuma.   Baraturiye ahantu hawe heranda+. Barahumanije ihema ryitirirwa izina ryawe, barisenyurira hasi.   Bo hamwe n’uruvyaro rwabo, bibwiye mu mitima yabo bati: «Ibibanza vyose basengeramwo Imana muri iki gihugu bitegerezwa guturirwa.»   Nta bimenyetso vyacu tubona,nta muhanuzi n’umwe akihari,kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara. 10  Ewe Mana, umwansi azoguma agucokora gushika ryari+? Umwansi azoguma asuzugura izina ryawe ibihe vyose+? 11  Kubera iki udasokorora ukuboko kwawe, ukuboko kwawe kw’ukuryo+? Sokorora ukuboko kwawe ubahonye. 12  Ariko Imana ni yo Mwami wanje kuva kera,imwe irokora abasavyi bayo kw’isi yose+. 13  Wasebagije ikiyaga n’ububasha bwawe+,umenagurira mu mazi imitwe y’ibikoko bininibinini vyo mu mazi. 14  Wajanjaguye imitwe ya Lewiyatani*,uyiha abantu ngo bayirye, abantu baba mu bugaragwa. 15  Waciriye inzira amariba n’imigezi+,ukamya inzuzi zitari bwigere zikama+. 16  Umurango ni rwawe, kandi n’ijoro ni rwawe. Ni wewe waremye umuco* n’izuba+. 17  Ni wewe washizeho imbibe zose z’isi+,ushiraho ici n’urushana+. 18  Ewe Yehova, niwibuke ibitutsi vy’umwansi wawe,ingene ihanga ry’imburabwenge risuzugura izina ryawe+. 19  Ntuhe inuma* yawe ibikoko vyo mw’ishamba. Ntiwibagire buhere abantu bawe bari mu marushwa. 20  Niwibuke isezerano ryawe,kuko ahantu hose h’umwiza kw’isi hasigaye huzuye ababisha. 21  Ese uwajanjaguwe atotaha zirayoye+!Abantu batobato n’abakene nibashemeze izina ryawe+. 22  Ewe Mana, nuhaguruke wiburanire. Niwibuke ingene abantu b’imburabwenge birirwa baragutuka+. 23  Ntiwibagire ivyo abansi bawe bavuga. Abakurwanya baguma baduza urwamo.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Mu giheburayo havuga ngo «ishengero ryawe.»
Canke «ikibanza cawe co gukoraniramwo.»
Canke «igitangamuco.»
Canke «intunguru.»