Yeremiya 25:1-38
25 Ng’aya amajambo Imana yabwiye Yeremiya ku vyerekeye abantu bose bo mu Buyuda. Hari mu mwaka ugira kane Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza, ukaba wari umwaka wa mbere Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aganza.
2 Ibi ni vyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye* abantu bose bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu bose:
3 «Kuva mu mwaka ugira 13 Yosiya+ mwene Amoni umwami w’Ubuyuda aganza, gushika n’uyu musi, haraciye imyaka 23 Yehova avugana nanje. Nagumye ndababwira incuro n’izindi* ivyo yantumye, mugabo ntimwumvirije+.
4 Yehova yarabatumyeko abasavyi biwe bose b’abahanuzi, akabatuma incuro n’izindi*, mugabo ntimwumvirije canke ngo mutege ugutwi+.
5 Bababwira bati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ahebe ingeso ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi+. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu jewe Yehova nabahaye mwe na ba sogokuruza kuva kera, mukibemwo igihe kirekire.
6 Ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere canke ngo muzunamire. Ntimumbabaze kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, ahandiho nzobateza ivyago.”
7 “Mugabo ntimwanyumvirije”, ni ko Yehova avuze. “Ahubwo mwarambabaje kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, mwikwegera ivyago+.”
8 Yehova Nyeningabo rero avuze ati: “Kubera ko mutagamburutse amajambo yanje,
9 ngira ntumeko imiryango yose yo mu buraruko+”, ni ko Yehova avuze, “ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzobazana batere iki gihugu+, abakibamwo n’amahanga yose agikikuje+. Nzotikiza iki gihugu n’aya mahanga, bicike akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa. Bizosigara ari ibihomvagurike ibihe vyose.
10 Nzohagarika muri ivyo bibanza ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, urwamo rw’urusyo* n’umuco w’itara.
11 Iki gihugu cose kizosigara ari ibihomvagurike, gicike akajoreza, kandi ayo mahanga azotegerezwa gukorera umwami wa Babiloni imyaka 70+.”
12 “Mugabo iyo myaka 70 niyakwira+, nzohana umwami wa Babiloni n’iryo hanga kubera ikosa ryabo+”, ni ko Yehova avuze. “Nzotuma igihugu c’Abakaludaya gicika umusaka ibihe vyose+.
13 Nzoshitsa kuri ico gihugu ivyo nakivuzeko vyose, ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu Yeremiya yavuze ko bizoshikira amahanga yose.
14 Kuko bazogirwa abashumba+ n’amahanga menshi be n’abami bakomeye+, kandi nzobishura ibihwanye n’ivyo bakora, ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo+.”»
15 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli yambwiye ati: «Akira mu kuboko kwanje iki gikombe c’umuvinyu w’uburake, ukinyweshe amahanga yose ngira ndagutumeko.
16 Bazonywa bagende bicako, bamere nk’abasazi, kubera inkota ngira ndabarungikemwo+.»
17 Nuko ntora ico gikombe mu kuboko kwa Yehova hanyuma ndakinywesha amahanga yose Yehova yandungitseko+.
18 Nahereye kuri Yeruzalemu n’ibisagara vyo mu Buyuda+, abami baho n’abatware baho, kugira ngo bitikizwe, bicike akajoreza, bibe ikintu co kuvugiriza agahwa, bisigare ari umuvumo+, nk’uko bigira bibe.
19 Hakurikiye Farawo umwami wa Misiri, abasuku biwe, abatware biwe, abantu biwe bose+
20 n’abanyamahanga bose babayo. Ico gikombe nakinywesheje n’abami bose bo mu gihugu ca Uzi, abami bose bo mu gihugu c’Abafilisitiya+: uw’i Ashikeloni+, i Gaza, i Ekuroni n’uw’abasigaye i Ashidodi.
21 Harimwo n’Abanyedomu+, Abanyamowabu+, Abamoni+,
22 abami bose b’i Tiro, abami bose b’i Sidoni+, abami bo mw’izinga riri mu kiyaga,
23 abantu b’i Dedani+, i Tema, i Buzu, abantu bose bafise imisaya imoye+,
24 abami bose b’Abarabu+ n’abami bose batwara abantu batandukanye baba mu bugaragwa.
25 Harimwo kandi abami bose b’i Zimuri, abami bose b’i Elamu+, abami bose b’Abamedi+,
26 abami bose bo mu buraruko ba hafi n’aba kure, umwumwe ukwiwe, n’ubundi bwami bwose bwo kw’isi. Umwami w’i Sheshaki*+ ni we azonywa ubwa nyuma.
27 «Uze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimunywe muborerwe, mudahwe, mutembe, ku buryo mudashobora guhaguruka+ kubera inkota ngira ndabarungikemwo.’”
28 Nibanka gutora nya gikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uzobabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Mutegerezwa kunywa.
29 Honyene ngira ntangure guteza ivyago igisagara citirirwa izina ryanje+, none mwebwe mwogenda mudahanywe+?’”
“Ntimuzogenda mudahanywe, kuko ngira ndungike inkota ku baba kw’isi bose”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
30 Uze ubabwire aya majambo yose y’ubuhanuzi uti:“Yehova azoroha nk’intambwe ari iyo hejuru,yumvikanishe ijwi ryiwe ari ahantu heranda aba.
Azoroha cane nk’intambwe, arohere ikibanza ciwe co kubamwo co kw’isi.
Azovuza akaruru nk’abariko baragana* umuvinyu,aririmbe indirimbo y’intsinzi yigamba ku baba kw’isi bose.”
31 Yehova avuze ati: “Hazokwumvikana urwamo gushika ku mpera z’isi,kuko Yehova afitaniye imburano n’amahanga.
We ubwiwe azocira urubanza abantu bose*+.
Abanyakibi azobicisha inkota.”
32 Yehova Nyeningabo avuze ati:
“Ehe ivyago biriko biva mw’ihanga rimwe bija mu rindi+,kandi igihuhusi gikomeye kigira caduke kivuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
33 Kuri uwo musi, abishwe na Yehova bazokwuzura isi yose. Nta wuzobaririra canke ngo abegeranye canke ngo abahambe. Bazoba nk’intabire isanzaye kw’isi.”
34 Nimuboroge mwa bungere, musemerere!
Nimwikumbagaze hasi, yemwe banyacubahiro bo mu busho,kuko igihe c’uko mukererwa n’igihe c’uko mushwiragizwa kigeze,kandi muzogwa mumenagurike nk’icombo c’agaciro.
35 Abungere nta ho bafise bahungira,abanyacubahiro bo mu busho na bo ntibabona ingene bohunga.
36 Nimwumve yemwe! Abungere bariko bararira cane,n’abanyacubahiro bo mu busho bariko baraboroga,kuko Yehova ariko aratikiza uburagiro bwabo.
37 Kubera ishavu rya Yehova rirurumba,ahantu hatekanye abantu bahora baba nta buzima bukiharangwa.
38 Nka kurya kw’intambwe y’umukangara*+, yaravuye ahantu hiwe,bituma igihugu cabo gicika akajorezakubera inkota itema igatongorano kubera ishavu ryiwe rirurumba.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
^ Canke «yavuze ku vyerekeye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ndababwira, mvyuka kare nkavuga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «akavyuka kare, akabatuma.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
^ Biboneka ko ari izina rya Babeli (Babiloni) rivuzwe mu buryo buhishije.
^ Mu giheburayo havuga ngo «baganisha ibirenge.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»
^ Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»