Zaburi 116:1-19

  • Indirimbo yo gukenguruka

    • «Nzokwishura iki Yehova?» (12)

    • «Nzotora igikombe c’ubukiriro» (13)

    • «Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova» (14, 18)

    • Urupfu rw’intahemuka ni urw’agaciro (15)

116  Ndakunda Yehova,kuko yumva ijwi ryanje n’ugutabaza kwanje+.   Kuko antega ugutwi*+,kandi nzomutabaza igihe cose nzoba nkiriho.   Imigozi y’urupfu yari yankikuje.Nari nashitse mu vyara vy’urupfu+. Nari narengewe n’intuntu be n’umubabaro+.   Ariko naciye nambaza izina rya Yehova+ nti: «Ewe Yehova, nuntabare!»   Yehova ni umunyempuhwe* kandi aragororotse+.Imana yacu yuzuye imbabazi+.   Yehova arakingira abantu batazi utuntu n’utundi+. Nari ngeze habi, na we aca arankiza.   Mutima wanje, subira wiruhukire,kuko Yehova yangiriye neza.   Warankijije urupfu,amaso yanje uyarinda amosozi, ibirenge vyanje ubirinda gutsitara+.   Nzogendera imbere ya Yehova mu gihugu c’abazima. 10  Narizeye, ni co gituma navuze+.Nari narengewe n’umubabaro. 11  Igihe nari nataye umutwe, navuze nti: «Abantu bose ni ababeshi+ 12  Nzokwishura iki Yehovaku vyiza vyose yangiriye? 13  Nzotora igikombe c’ubukiriro*,kandi nzokwambaza izina rya Yehova. 14  Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova,imbere y’abantu biwe bose+. 15  Urupfu rw’intahemuka za Yehovani urw’agaciro* mu maso yiwe+. 16  Ewe Yehova, ndagutakambirakuko ndi umusavyi wawe. Ndi umusavyi wawe, umwana w’umusukukazi wawe. Warankuye mu migozi yari imboshe+. 17  Nzogushikanira ikimazi co gukenguruka+,kandi nzokwambaza izina rya Yehova. 18  Nzoshitsa ivyo naraganiye Yehova+,imbere y’abantu biwe bose+, 19  mu bigo vy’inzu ya Yehova+,hagati ya Yeruzalemu. Shemeza Yehova*+!

Utujambo tw'epfo

Canke «kuko yunama akanyumviriza.»
Canke «umunyabuntu.»
Canke «ubukiriro buhambaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «rurahambaye.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»