Zaburi 105:1-45

  • Ibikorwa vy’ubwizigirwa Yehova akorera abantu biwe

    • Imana iribuka isezerano ryayo (8-10)

    • «Ntimukore ku bo narobanuye» (15)

    • Imana ikoresha Yozefu igihe yari umushumba (17-22)

    • Ibitangaro Imana yakoreye mu Misiri (23-36)

    • Abisirayeli bava mu Misiri (37-39)

    • Imana yibuka isezerano yagiraniye na Aburahamu (42)

105  Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.   Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*.Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+.   Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+. Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.   Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe. Nimugume murondera gushimwa na we*.   Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze,mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye+,   yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Aburahamu+,yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.   Ni Yehova Imana yacu+. Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.   Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe bidahera+,akibuka umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.   Yama yibuka isezerano yagiraniye na Aburahamu+,n’indahiro yarahiye Izahaki+. 10  Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo,ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli, 11  avuga ati: «Nzoguha igihugu ca Kanani+,kibe intoranwa yawe+ 12  Ico gihe bari bake+,emwe bake cane, kandi bari abanyamahanga muri ico gihugu+. 13  Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+. 14  Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,ahubwo yarakosoye abami kubera bo+, 15  ababwira ati: «Ntimukore ku bo narobanuye*,kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+ 16  Yarateje inzara mu gihugu+,atuma badasubira kuronka ico barya*. 17  Nuko arungika umuntu ngo abitangire imbere,ari we Yozefu, uwari yagurishijwe ngo abe umushumba+. 18  Babohesha* ibirenge vyiwe amapingu+,izosi ryiwe barishira mu vyuma, 19  gushika ijambo ry’Imana rirangutse+.Ijambo rya Yehova ni ryo ryamutyoroye. 20  Umwami rero ategeka ko bamubohora+,umutware w’amahanga aramurekura. 21  Maze amugira umukuru w’urugo rwiwe+,amuha kuganza ivyo atunze vyose, 22  kugira aganze* abaganwa biwe uko ashakano kugira yigishe ubukerebutsi abashingantahe biwe+. 23  Hanyuma Isirayeli aza mu Misiri+,Yakobo aba mu gihugu ca Hamu ari kavamahanga. 24  Imana iraheza ituma abantu bayo bagwira cane+,ituma bakomera kuruta abansi babo+. 25  Yararetse umutima wabo urahinduka kugira banke abantu bayo,kugira bagirire nabi abasavyi bayo+. 26  Nuko irungika umusavyi wayo Musa+,irungika na Aroni+, uwo yari yaratoye. 27  Bakorera ibimenyetso vyayo hagati yabo*,bakorera ibitangaro vyayo mu gihugu ca Hamu+. 28  Yarungitse umwiza maze igihugu kirijima+.Ntibigeze* bagarariza ijambo ryayo. 29  Yarahinduye amazi yabo acika amaraso,yica amafi yabo+. 30  Igihugu cabo caruzuyemwo ibikere+,gushika no mu vyumba vy’umwami. 31  Yarategetse ibibugu ngo bibatere,itegeka imibu ngo yuzure uturere twabo twose+. 32  Imvura yabo yayihinduye urubura,irungika imiravyo* mu gihugu cabo+. 33  Yarahoneje imizabibu yabo n’imisukoni yabo,ivunagura ibiti vyo mu gihugu cabo. 34  Yarategetse inzige ngo zibatere,emwe inzige zikiri nto zitagira igitigiri+. 35  Zarariye ibimera vyose vyo mu gihuguhamwe n’ivyeze mu mirima yabo. 36  Iraheza yica imfura zose zo mu gihugu cabo+,intango y’ubushobozi bwabo bwo kurondoka. 37  Nuko isohora abantu bayo, bagenda batwaye ifeza n’inzahabu+,kandi nta n’umwe mu miryango yayo yagenda aratsitara. 38  Abanyamisiri baranezerewe babonye bagiye,kuko bari batekewe n’ubwoba kubera Abisirayeli*+. 39  Yashizeho igicu kugira kibahishe+ hamwe n’umuriro kugira ubamurikire mw’ijoro+. 40  Maze bayisaba inyama, na yo ibazanira inkware+,iguma ibaha umukate uvuye mw’ijuru, bararya barahaga+. 41  Yarasatuye igitandara haca haza amazi+,atangura gutemba mu bugaragwa nk’uruzi+. 42  Kuko yibutse isezerano ryeranda yagiraniye n’umusavyi wayo Aburahamu+. 43  Iraheza ikurayo abantu bayo banezerewe+,ikurayo abantu yatoye biha akaruru k’umunezero. 44  Yabahaye akarere k’amahanga+,bigarurira ivyo abandi babiriye akuya+, 45  kugira bakurikize ingingo yashinze+kandi bubahirize amategeko yayo. Shemeza Yehova*!

Utujambo tw'epfo

Canke «mumucurarangire.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»
Canke «murondera mu maso hiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «zikwiragiye.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «avunagura inkoni zose z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.
Mu giheburayo havuga ngo «bababarisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «abohe.»
Hashobora kuba herekeza ku Banyamisiri.
Hashobora kuba herekeza kuri Musa na Aroni.
Canke «imbeya z’umuriro.»
Mu giheburayo havuga ngo «kubera bo.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»