Zaburi 105:1-45
-
Ibikorwa vy’ubwizigirwa Yehova akorera abantu biwe
105 Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.
2 Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*.Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+.
3 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
4 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.
Nimugume murondera gushimwa na we*.
5 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze,mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye+,
6 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Aburahamu+,yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.
7 Ni Yehova Imana yacu+.
Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.
8 Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe bidahera+,akibuka umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.
9 Yama yibuka isezerano yagiraniye na Aburahamu+,n’indahiro yarahiye Izahaki+.
10 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo,ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,
11 avuga ati: «Nzoguha igihugu ca Kanani+,kibe intoranwa yawe+.»
12 Ico gihe bari bake+,emwe bake cane, kandi bari abanyamahanga muri ico gihugu+.
13 Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+.
14 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
15 ababwira ati: «Ntimukore ku bo narobanuye*,kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.»
16 Yarateje inzara mu gihugu+,atuma badasubira kuronka ico barya*.
17 Nuko arungika umuntu ngo abitangire imbere,ari we Yozefu, uwari yagurishijwe ngo abe umushumba+.
18 Babohesha* ibirenge vyiwe amapingu+,izosi ryiwe barishira mu vyuma,
19 gushika ijambo ry’Imana rirangutse+.Ijambo rya Yehova ni ryo ryamutyoroye.
20 Umwami rero ategeka ko bamubohora+,umutware w’amahanga aramurekura.
21 Maze amugira umukuru w’urugo rwiwe+,amuha kuganza ivyo atunze vyose,
22 kugira aganze* abaganwa biwe uko ashakano kugira yigishe ubukerebutsi abashingantahe biwe+.
23 Hanyuma Isirayeli aza mu Misiri+,Yakobo aba mu gihugu ca Hamu ari kavamahanga.
24 Imana iraheza ituma abantu bayo bagwira cane+,ituma bakomera kuruta abansi babo+.
25 Yararetse umutima wabo urahinduka kugira banke abantu bayo,kugira bagirire nabi abasavyi bayo+.
26 Nuko irungika umusavyi wayo Musa+,irungika na Aroni+, uwo yari yaratoye.
27 Bakorera ibimenyetso vyayo hagati yabo*,bakorera ibitangaro vyayo mu gihugu ca Hamu+.
28 Yarungitse umwiza maze igihugu kirijima+.Ntibigeze* bagarariza ijambo ryayo.
29 Yarahinduye amazi yabo acika amaraso,yica amafi yabo+.
30 Igihugu cabo caruzuyemwo ibikere+,gushika no mu vyumba vy’umwami.
31 Yarategetse ibibugu ngo bibatere,itegeka imibu ngo yuzure uturere twabo twose+.
32 Imvura yabo yayihinduye urubura,irungika imiravyo* mu gihugu cabo+.
33 Yarahoneje imizabibu yabo n’imisukoni yabo,ivunagura ibiti vyo mu gihugu cabo.
34 Yarategetse inzige ngo zibatere,emwe inzige zikiri nto zitagira igitigiri+.
35 Zarariye ibimera vyose vyo mu gihuguhamwe n’ivyeze mu mirima yabo.
36 Iraheza yica imfura zose zo mu gihugu cabo+,intango y’ubushobozi bwabo bwo kurondoka.
37 Nuko isohora abantu bayo, bagenda batwaye ifeza n’inzahabu+,kandi nta n’umwe mu miryango yayo yagenda aratsitara.
38 Abanyamisiri baranezerewe babonye bagiye,kuko bari batekewe n’ubwoba kubera Abisirayeli*+.
39 Yashizeho igicu kugira kibahishe+
hamwe n’umuriro kugira ubamurikire mw’ijoro+.
40 Maze bayisaba inyama, na yo ibazanira inkware+,iguma ibaha umukate uvuye mw’ijuru, bararya barahaga+.
41 Yarasatuye igitandara haca haza amazi+,atangura gutemba mu bugaragwa nk’uruzi+.
42 Kuko yibutse isezerano ryeranda yagiraniye n’umusavyi wayo Aburahamu+.
43 Iraheza ikurayo abantu bayo banezerewe+,ikurayo abantu yatoye biha akaruru k’umunezero.
44 Yabahaye akarere k’amahanga+,bigarurira ivyo abandi babiriye akuya+,
45 kugira bakurikize ingingo yashinze+kandi bubahirize amategeko yayo.
Shemeza Yehova*!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mumucurarangire.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»
^ Canke «murondera mu maso hiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «zikwiragiye.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «avunagura inkoni zose z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.
^ Mu giheburayo havuga ngo «bababarisha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abohe.»
^ Hashobora kuba herekeza ku Banyamisiri.
^ Hashobora kuba herekeza kuri Musa na Aroni.
^ Canke «imbeya z’umuriro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kubera bo.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»