Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Umusi w’Urubanza ni iki?

Umusi w’Urubanza ni iki?

WIBAZA ko Umusi w’Urubanza uzoba umeze gute? Abatari bake bibaza ko abantu amamiliyaridi bazojanwa umwumwe imbere y’intebe y’ubwami y’Imana. Umwumwe wese azoca acirirwa urubanza imbere y’iyo ntebe. Ngo bamwe bazohabwa impera y’ubuhirwe bw’ijuru abandi na bo bacirwe urubanza rwo kubabazwa ibihe bidahera. Bibiliya yoyo yerekana ko ibintu bizoba bitandukanye cane n’ivyo. Ijambo ry’Imana ridondora ko uwo musi utazoba uteye ubwoba, ahubwo ko kizoba ari igihe c’ivyizigiro no gusubiza ibintu mu buryo.

Mu Vyahishuwe 20:11, 12, havuga ukuntu intumwa Yohani adondora ibizoba ku Musi w’Urubanza hati: “Mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo. Mbona abapfuye, abahambaye n’abato, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.” Uwo Mucamanza avugwa ng’aho ni nde?

Yehova Imana ni we Mucamanza ruheta w’abantu bose. Ariko rero, ico gikorwa co guca urubanza agishinga uwundi muntu. Nk’uko mu Vyakozwe 17:31 havyerekana, intumwa Paulo yavuze ko Imana “yashinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho.” Uwo Mucamanza yagenywe ni umwe Yezu Kristu yazutse. (Yohani 5:22) None uwo Musi w’Urubanza utangura ryari? Umara igihe kingana iki?

Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana ko Umusi w’Urubanza utangura inyuma y’intambara ya Harumagedoni, igihe ivy’iyi si ya Shetani bizotikizwa. * (Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:19–20:3) Inyuma ya Harumagedoni, Shetani n’amadayimoni yiwe bazoboherwa mu nyenga imyaka igihumbi. Muri ico gihe, bamwe 144.000 baraganwa na Kristu mw’ijuru ‘bazoganza hamwe na we imyaka igihumbi.’ (Ivyahishuwe 14:1-3; 20:1-4; Abaroma 8:17) Umusi w’Urubanza si ikintu c’ihutihuti kimara amasaha 24 gusa. Umara imyaka igihumbi.

Muri ico kiringo c’imyaka igihumbi, Yezu Kristu “[a]zocira imanza abazima n’abapfuye.” (2 Timoteyo 4:1) Abo “bazima” bazoba ari rya “sinzi rinini” rizorokoka Harumagedoni. (Ivyahishuwe 7:9-17) Intumwa Yohani yarabonye kandi “abapfuye . . . bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami” y’urubanza. Nk’uko Yezu yabisezeranye, “abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Kristu bazivemwo]” biciye kw’izuka. (Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15) None abantu bose bazocirwa urubanza hisunzwe iki?

Nk’uko intumwa Yohani yabibonye mu vyo yeretswe, ‘imizingo yarazinguruwe,’ maze “abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.” (Ivyahishuwe 20:12) Mbega muri iyo mizingo hazoba harimwo ivyo abantu bazoba barakoze kera? Oya, urubanza ntiruzoshingira ku vyo abantu bakoze imbere y’uko bapfa. Ivyo tubimenyeshwa n’iki? Bibiliya ivuga iti: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” (Abaroma 6:7) Ni nk’aho rero ibicumuro vy’abantu bazuka biba vyaramaze guhanagurwa. Iyo mizingo rero itegerezwa kuba igereranya ibindi bintu Imana izoba isaba. Kugira ngo abarokotse Harumagedoni canke abazutse babeho ibihe bidahera, bose bazotegerezwa kugamburuka amategeko y’Imana, harimwo n’ibisabwa bishasha Yehova ashobora kuzohishura mu kiringo ca ya myaka igihumbi. Ku bw’ivyo, abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bazoba bakoze mu kiringo c’uwo Musi w’Urubanza.

Umusi w’Urubanza uzotuma abantu amamiliyaridi baronka ari bwo bwa mbere akaryo ko kwiga ivyo Imana igomba no kuvyisunga. Ivyo bisigura ko hazoba hariho igikorwa kinini co kwigisha. Mu vy’ukuri, “ubugororotsi ni bwo ababa ku butaka bwimbuka bazokwiga.” (Yesaya 26:9) Ariko rero, si bose bazokwemera kwisunga ivyo Imana igomba. Muri Yesaya 26:10 hagira hati: “Naho umubisha yogirirwa ubutoni, ntazogenda yize ubugororotsi. Mu gihugu c’ukugororoka azokora ivy’akarenganyo, kandi ntazobona ubukuru bwa Yehova.” Mu kiringo c’Umusi w’Urubanza, abo babisha bazokwicwa ubutagisubira kubaho.​—Yesaya 65:20.

Uwo Musi w’Urubanza urangiye, abantu bazoba barokotse ‘bazoba bazima’ mu buryo bushitse, babe abantu batunganye. (Ivyahishuwe 20:5) Umusi w’Urubanza uzoba rero ari uwo gusubiza abantu uko bahora mu ntango, ni ukuvuga batunganye. (1 Abakorinto 15:24-28) Hazoca haba ikigeragezo ca nyuma. Shetani azorekurwa ave mw’ibohero yongere yemererwe kugerageza kuzimiza abantu ubwa nyuma. (Ivyahishuwe 20:3, 7-10) Abazomunanira bazokwibonera iranguka rishitse ry’iki kintu Bibiliya isezerana iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Egome, Umusi w’Urubanza uzoba ari umuhezagiro ku bantu bose b’abizigirwa!

^ ing. 1 Ku vyerekeye Harumagedoni, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, igitabu ca 1, urupapuro rwa 1073-1075 n’igitabu ca 2 urupapuro rwa 63-64 be n’ikigabane ca 20 c’igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri, ivyo bitabu vyose bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.