Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

 IKIGABANE CA GATANU

Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze

Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
  • Incungu ni iki?

  • Yatanzwe gute?

  • Ishobora kukumarira iki?

  • Wogaragaza gute ko uyikenguruka?

1, 2. (a) Ni ryari ubona ko ingabirano ari iy’agaciro? (b) Ni kubera iki twovuga ko incungu ari yo ngabirano iruta izindi zose woronka?

INGABIRANO iruta izo umaze kuronka zose ni iyihe? Kugira ngo ingabirano ibe iy’agaciro, si ngombwa ngo ibe izimvye. Kanatsinda, agaciro nyakuri k’ingabirano si ngombwa ngo gafatirwe ku mahera igurwa. Ahubwo, igihe ingabirano itumye uhimbarwa canke ukaba uyironse wari uyikeneye mu buzima bwawe, ni ho ikubera iy’agaciro kanini.

2 Mu ngabirano nyinshi wokwipfuza kuronka, hari imwe iruta izindi zose. Ni ingabirano Imana yahaye abantu. Yehova yaduhaye ibintu vyinshi, ariko ingabirano iruta izindi zose mu zo yaduhaye, ni inkuka y’incungu y’Umwana wiwe Yezu Kristu. (Soma Matayo 20:28.) Nk’uko tuza kubibona muri iki kigabane, iyo ncungu ni ingabirano y’agaciro kuruta izindi zose woshobora kuronka, kubera ko ishobora gutuma uhimbarwa cane kandi ikaba ishobora gutuma uronka ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose wari ukeneye. Mu vy’ukuri, incungu ni bwo buryo buhambaye kuruta ubundi bwose Yehova yakoresheje mu kukwereka ko agukunda.

 INCUNGU NI IKI?

3. Incungu ni iki, kandi ni igiki dukeneye gutahura kugira ngo dushobore gutegera neza ingene iyo ngabirano ari iy’agaciro?

3 Muri make, incungu ni uburyo Yehova yakoresheje kugira arokore abantu mu kubakura mu gicumuro no mu rupfu. (Abanyefeso 1:7) Kugira ngo dutahure insobanuro y’iyo nyigisho yo muri Bibiliya, turakeneye kuzirikana ivyashitse muri wa murima wa Edeni. Dutahuye ico Adamu yatakaje igihe yacumura, ni ho gusa twotegera igituma incungu ifise agaciro ntangere kuri twebwe.

4. Kuba Adamu yari umuntu atunganye, vyasobanura iki kuri we?

4 Igihe Yehova yarema Adamu, yamuhaye ikintu c’agaciro vy’ukuri, ico na co kikaba ari ubuzima butunganye. Rimbura ico ivyo vyasobanura kuri Adamu. Kubera ko yari yaremwe afise umubiri n’umuzirikanyi bitunganye, ntiyokwigeze arwara, asaza canke apfa. Kubera ko yari umuntu atunganye, yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova. Bibiliya ivuga ko Adamu yari “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Ku bw’ivyo, Adamu yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova Imana, nka bumwe umwana agiranira na se wiwe w’umunyarukundo. Yehova yaraganira na Adamu, umwana wiwe wo kw’isi, akamushinga ibikorwa bishimishije akongera akamumenyesha ico ashaka ko akora.Itanguriro 1:28-30; 2:16, 17.

5. Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ivuga ko Adamu yaremwe “mw’ishusho y’Imana”?

5 Adamu yaremwe “mw’ishusho y’Imana.” (Itanguriro 1:27) Ivyo ntivyasigura ko Adamu yasa n’Imana. Nk’uko twavyize mu kigabane ca 1 c’iki gitabu, Yehova ni Impwemu. (Yohani 4:24) Urumva rero ko adafise umubiri w’inyama n’amaraso. Kuba Adamu yaremwe mw’ishusho y’Imana vyasigura ko yaremanywe kamere nk’iz’Imana, hakaba harimwo urukundo, ubukerebutsi, ubutungane n’ububasha. Adamu yari ameze nka Se mu bundi buryo buhambaye kubera ko yari afise ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, Adamu ntiyari ameze nk’imashini ikora gusa ico yagenewe canke yatamitswe. Yarashobora kwifatira ingingo, akihitiramwo hagati  y’iciza n’ikibi. Iyo ahitamwo kugamburukira Imana, yari kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.

6. Igihe Adamu yagambararira Imana yatakaje iki, kandi vyakwegeye iki abomukomotseko?

6 Biratomoye rero kubona igihe Adamu yagambararira Imana bigatuma acirwa urwo gupfa, vyakweze ingaruka zikomeye. Igicumuro ciwe catumye atakaza ubuzima bwiwe butunganye, uzi n’ukuntu bwari bwuzuyemwo imihezagiro. (Itanguriro 3:17-19) Ikibabaje ni uko Adamu atatakaje ubuzima bw’agaciro bwiwe wenyene, mugabo kandi yatakaje n’ubw’abomukomotseko. Ijambo ry’Imana rivuga riti: ‘Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.’ (Abaroma 5:12) Ni ivy’ukuri ko twese twarazwe igicumuro na Adamu. Ni co gituma Bibiliya ivuga yuko ‘yigurishije’ akongera akagurisha uruvyaro rwiwe mu buja bw’igicumuro n’urupfu. (Abaroma 7:14) Adamu na Eva ivyabo vyari vyarangiye kubera ko bahisemwo kugambararira Imana n’ibigirankana. Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’abobakomotseko, natwe turimwo?

7, 8. Iyo bavuze incungu, ahanini baba bashaka kuvuga ibintu bibiri ibihe?

7 Yehova yatabaye umuryango w’abantu abicishije ku ncungu. None incungu ni iki? Iyo bavuze incungu ahanini baba bashaka kuvuga ibintu bibiri. Ica mbere: Incungu ni amahera atangwa mu kubohoza ikintu canke mu kugaruza ikintu. Yoshobora kugereranywa n’amahera atangwa kugira imbohe y’intambara irekurwe. Ica kabiri: Incungu ni amahera atangwa mu kuriha ikintu kanaka. Ni co kimwe n’amahera umuntu atanga kugira ngo arihe ibintu vyononekaye kubera ikibi cakozwe. Nk’akarorero, umuntu aramutse ateje isanganya, yotegerezwa kuriha amahera akwiranye n’ivyononekaye.

8 Vyoshobotse gute ko ico kintu gihambaye cane Adamu yatumye twese dutakaza kirihwa, gutyo tukabona kubohorwa mu buja bw’igicumuro n’urupfu? Nimuze turimbure  ivyerekeye incungu Yehova yatanze be n’ico iyo ncungu ishobora kukumarira.

INGENE YEHOVA YATANZE INCUNGU

9. Hasabwa incungu imeze gute?

9 Kubera ko hatakaye ubuzima bw’umuntu butunganye, nta buzima bw’umuntu adatunganye bwokwigeze bushobora kubucungura. (Zaburi 49:7, 8) Icari gikenewe yari incungu inganya agaciro n’icari caratakaye. Ivyo birahuye n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana yerekeye ubutungane butagira agahaze, na yo ikaba ivuga iti: “Ubuzima ku bundi.” (Gusubira mu vyagezwe 19:21) None, ni igiki cari gusubirira agaciro k’ubuzima bw’umuntu butunganye Adamu yatakaje? Ubundi buzima bw’umuntu butunganye ni yo yari “incungu y’indinganire” yasabwa.1 Timoteyo 2:6.

10. Yehova yatanze incungu gute?

10 Yehova yatanze iyo ncungu gute? Yarungitse kw’isi umwe mu bana biwe b’impwemu batunganye. Ariko Yehova ntiyapfuye kurungika umumarayika uwo ari we wese abonye. Yarungitse uwufise agaciro kanini kuri we gusumba abandi bose, akaba ari Umwana wiwe w’ikinege. (Soma 1 Yohani 4:9, 10.) Uwo Mwana yaremeye kuva mw’ijuru ata gahato. (Abafilipi 2:7) Nk’uko twavyize muri iki gitabu mu kigabane giheruka, Yehova yarakoze igitangaro mu kwimurira ubuzima bw’uwo Mwana mu nda ya Mariya. Biciye ku mpwemu nyeranda y’Imana, Yezu yaravutse ari umuntu atunganye, ivyo bikaba vyatuma adafatwa n’igihano kiva ku gicumuro.Luka 1:35.

Yehova yaratanze Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo atubere incungu

11. Umuntu umwe yashoboye gute gucungura abantu amamiliyoni?

11 Umuntu umwe yoshoboye gute gucungura abantu benshi, ni ukuvuga abantu amamiliyoni? None ni igiki catumye abantu amamiliyoni baba abacumuzi? Niwibuke yuko igihe Adamu yacumura yatakaje itunga ry’agaciro ari ryo buzima bw’umuntu butunganye. Ni co gituma atashobora kuburaga uruvyaro rwiwe. Nta kindi yashoboye kubaraga atari igicumuro n’urupfu. Yezu, uwo Bibiliya yita “Adamu wa nyuma,”  yari afise ubuzima bw’umuntu butunganye, akaba rero atigeze acumura. (1 Abakorinto 15:45) Twovuga ko Yezu yagiye mu kibanza ca Adamu kugira ngo adukize. Mu gutanga ubuzima bwiwe butunganye ari intadohoka ku Mana mu buryo butagira agahaze, Yezu yari arishe ivyo igicumuro ca Adamu catakaje. Gutyo yaratumye uruvyaro rwa Adamu rugira icizigiro.Abaroma 5:19; 1 Abakorinto 15:21, 22.

12. Imibabaro yashikiye Yezu yagaragaje iki?

12 Bibiliya iravuga ido n’ido imibabaro Yezu yihanganiye imbere y’uko apfa. Yarakubiswe, akomerwa imisumari ku giti co kubabarizwako maze arapfa ababaye cane. (Yohani 19:1, 16-18, 30; Ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Igituma abakirisu b’ukuri badakoresha umusaraba mu gusenga”) Ni kubera iki vyari ngombwa ko Yezu ashikirwa n’imibabaro bigeze iyo hose? Muri kimwe mu bigabane vy’iki gitabu bizokurikira, tuzobona yuko Shetani yavyuye inkeka ko ata muntu n’umwe yoguma ari umwizigirwa kuri Yehova mu gihe yoba ariko arashikirwa n’ibigeragezo. Igihe Yezu yihangana adahemuka naho yariko arashikirwa n’imibabaro ikomeye, yarishuye mu buryo bwiza bushoboka ako gacokoro ka Shetani. Yezu yaragaragaje ko umuntu atunganye afise n’ubushobozi bwo kwihitiramwo, ashobora kuguma ari intahemuka ku Mana mu buryo bushitse, naho Shetani yokora iki. Yehova ategerezwa kuba yaranezerejwe cane no kubona Umwana wiwe akunda yagumye ari umwizigirwa!Imigani 27:11.

13. Incungu yarishwe gute?

13 Incungu yatanzwe gute? Ku musi ugira 14 w’ukwezi kw’Abayuda kwitwa Nisani mu 33 inyuma ya Kristu, Imana yararetse Umwana wayo atunganye kandi atagira igicumuro aricwa. Muri ubwo buryo Yezu yari atanze “rimwe rizima” ubuzima bwiwe bw’umuntu butunganye. (Abaheburayo 10:10) Ku musi ugira gatatu Yezu apfuye, Yehova yaramuzuye asubira kuba umuntu w’impwemu. Yezu ari mw’ijuru yarashikirije Imana agaciro k’ubuzima bwiwe bw’umuntu butunganye bwari bwatanzwe kugira bucungure uruvyaro rwa Adamu. (Abaheburayo 9:24) Yehova yaremeye agaciro k’inkuka Yezu yatanze, aremera ko ari yo ncungu yari ikenewe kugira  ngo abantu bakurwe mu buja bw’igicumuro n’urupfu.Soma Abaroma 3:23, 24.

ICO INCUNGU ISHOBORA KUKUMARIRA

14, 15. Dutegerezwa gukora iki nimba twipfuza “kubabarirwa ibicumuro vyacu”?

14 Naho turi abacumuzi, turashobora kuronka imihezagiro ihambaye bivuye kuri iyo ncungu. Reka turimbure ivyiza bimwebimwe iyo ngabirano iruta izindi zose iva ku Mana ishobora kutuzanira ubu no muri kazoza.

15 Ukubabarirwa ibicumuro. Kubera ko twarazwe ukudatungana, ntibitworohera na gato gukora ibigororotse. Twese turacumura, haba mu mvugo canke mu ngiro. Mugabo biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, turashobora “kubabarirwa ibicumuro vyacu.” (Abakolosayi 1:13, 14) Ariko rero kugira ngo tubabarirwe, dutegerezwa kwigaya vy’ukuri. Dutegerezwa kandi gutakambira Yehova twicishije bugufi, tukamusaba ngo atubabarire afatiye ku kuba twizera inkuka y’incungu y’Umwana wiwe.Soma 1 Yohani 1:8, 9.

16. Ni igiki gituma bishoboka ko dusenga Imana dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi, kandi ijwi ryo mu mutima nk’iryo rifise akamaro akahe?

16 Ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi imbere y’Imana. Igihe dufise ijwi ryo mu mutima ritwagiriza ikibi, birashobora kworoha ko twihebura bigatuma kandi twumva ko ata co tumaze. Ariko rero, biciye ku kubabarirwa kuva kuri iyo nkuka, Yehova abigiranye umutima mwiza aratuma dushobora kumusenga dufise ijwi ritatwagiriza ikibi naho tudatunganye. (Abaheburayo 9:13, 14) Ivyo bituma tugira umwidegemvyo wo kuvuga imbere ya Yehova. Ni co gituma dushobora kumwegera mw’isengesho ata kwitinya. (Abaheburayo 4:14-16) Kuguma dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi biratuma tugira amahoro yo mu mutima, tukumva ko hari ico tumaze bikongera bigatuma tugira umunezero.

17. Ni imihezagiro iyihe izoshoboka kubera ko Yezu yadupfiriye?

17 Icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye  Iparadizo. Mu Baroma 6:23 havuga hati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” Ico canditswe nyene congerako giti: “Mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” Mu kigabane ca 3 c’iki gitabu, twaraciye irya n’ino imihezagiro tuzoronka mw’Iparadizo yo kw’isi yimirije. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Iyo mihezagiro yose yo muri kazoza, dushizemwo n’ubuzima budahera tuzoronka dufise amagara atagira agahaze, izoshoboka kubera ko Yezu yadupfiriye. Kugira turonke iyo mihezagiro, dutegerezwa kugaragaza ko dukenguruka iyo ngabirano y’incungu.

USHOBORA GUTE KUGARAGAZA KO UKENGURUKA?

18. Ni kubera iki dukwiye gukengurukira Yehova ku bw’incungu yatanze?

18 Ni kubera iki dukwiye gukengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima ku bw’incungu? Mu bisanzwe, ingabirano igira agaciro kanini canecane igihe yatwaye umwanya nyene kuyitanga, igihe yamusavye kugira akigoro canke ikaba yaramuzimvye. Turakorwa ku mutima igihe tubonye yuko ingabirano igaragaza urukundo nyakuri nyene kuyiduha adufitiye. Incungu ni yo ngabirano y’agaciro kuruta izindi zose, kubera yuko kugira ngo Imana iyitange vyasavye ko iheba ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose. Muri Yohani 3:16 havuga  hati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege.” Incungu ni co kimenyamenya gihambaye kuruta ibindi vyose c’uko Yehova adukunda. Ni ikimenyamenya kandi c’uko Yezu adukunda, kubera ko yemeye kutwigura. (Soma Yohani 15:13.) Ingabirano y’incungu ikwiye rero gutuma tujijuka yuko umwumwe wese muri twebwe Yehova n’Umwana wiwe bamukunda.Abagalatiya 2:20.

Kumenya Yehova ni uburyo bumwe bwo kugaragaza ko ukenguruka ingabirano y’incungu yatanze

19, 20. Ni mu buryo butandukanye ubuhe wokwerekana yuko ukenguruka kuba Imana yaratanze ingabirano y’incungu?

19 Ushobora gute none kugaragaza ko ukenguruka kubona Imana yaratanze ingabirano y’incungu? Ubwa mbere, numenye uwo Mutanzi Mukuru Yehova. (Yohani 17:3) Kwiga Bibiliya wifashishije iki gitabu bizogufasha muri ivyo. Uko uzomenya Yehova, ni ko urukundo umukunda ruzorushiriza gukomera. Urwo rukundo na rwo ruzotuma wipfuza kumuhimbara.1 Yohani 5:3.

20 Niwizere inkuka y’incungu ya Yezu. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu iti: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera.” (Yohani 3:36) Dushobora gute kwizera Yezu? Ukwo kwizera si ukwo ku karimi gusa. Muri Yakobo 2:26 havuga hati: “Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” Ego cane, ukwizera nyakuri kugaragarira mu “bikorwa,” ni ukuvuga mu vyo dukora. Uburyo bumwe bwo kwerekana ko twizera Yezu ni mu gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tumwigane, atari mu vyo tuvuga gusa, mugabo no mu vyo dukora.Yohani 13:15.

21, 22. (a) Ni kubera iki dukwiye kwitaba ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba rigirwa uko umwaka utashe? (b) Ni ibiki bisigurwa mu kigabane ca 6 n’ica 7?

21 Niwitabe urubanza ruba uko umwaka utashe rwo guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ku mugoroba wo ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu, Yezu yaratanguje ihimbaza ry’ikintu kidasanzwe, ico Bibiliya yita “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.” (1 Abakorinto 11:20; Matayo 26:26-28) Iryo himbaza ryitwa kandi Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Yezu yatanguje iryo himbaza kugira ngo  afashe intumwa ziwe n’abandi bakirisu b’ukuri bose bobonetse mu nyuma kuguma bibuka yuko, biciye ku rupfu yapfuye ari umuntu atunganye, yatanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu. Ku vyerekeye iryo himbaza, Yezu yategetse ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Guhimbaza ico Cibutso biratwibutsa urukundo rukomeye Yehova na Yezu berekanye biciye ku ncungu. Twogaragaza ko dukenguruka ku bw’iyo ncungu mu kuba tuhari ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu gihimbazwa uko umwaka utashe. *

22 Incungu Yehova yatanze ni ingabirano y’agaciro ntangere vy’ukuri. (2 Abakorinto 9:14, 15) Iyo ngabirano irashobora kuzogirira akamaro n’abantu bamaze gupfa. Ikigabane ca 6 n’ica7 birasigura ingene ivyo bishoboka.

^ ing. 21 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’insobanuro y’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro.”