Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

 AMAYAGWA Y’INYONGERA

Sheoli na Hadesi ni iki?

Sheoli na Hadesi ni iki?

MU MDIMI Bibiliya yanditswemwo mu ntango, ijambo ry’igiheburayo sheohlʹ be n’irindi ry’ikigiriki bisobanura kimwe ari ryo haiʹdes aboneka incuro zirenga 70. Ayo majambo yose arafitaniye isano n’urupfu. Bibiliya zimwezimwe ziyahindura ngo “imva,” “ukuzimu” canke “ikinogo.” Ariko rero mu ndimi nyinshi, nta mvugo zihari zitanga insobanuro nyayo y’ayo majambo. Muri Bibiliya, ayo majambo yo mu rurimi rwo mu ntango akoreshwa mu kwerekana imva rusangi abantu bajamwo. Nimuze turabe ukuntu akoreshwa mu vyanditswe bitandukanye vyo muri Bibiliya.

Mu Musiguzi 9:10 havuga hati: “[N]ta gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu [sheohlʹ], aho uriko uraja.” Ivyo none vyoba bisobanura yuko sheohlʹ ari imva kanaka dushobora kuba twahamvyemwo uwacu? Oya. Igihe Bibiliya ivuga ivyerekeye imva kanaka, ikoresha ayandi majambo y’igiheburayo n’ay’ikigiriki, ntikoresha amajambo sheohlʹ na haiʹdes. (Itanguriro 23:7-9; Matayo 28:1) Vyongeye, Bibiliya ntikoresha ijambo Sheohlʹ ishaka kuvuga imva abantu batari bake bahambwamwo bari hamwe, nk’itongo abagize umuryango bose bahambwamwo canke imva abantu bahambwamwo ikivunga.Itanguriro 49:30, 31.

None ijambo “Sheoli” rishaka kuvuga ikibanza kimeze gute? Ijambo ry’Imana ryerekana yuko “Sheoli,” ari yo “Hades” bishaka kuvuga ikintu kiruta kure n’iyo imva nini abantu bahambwamwo ikivunga. Nk’akarorero, muri Yesaya 5:14, havuga yuko ukuzimu [sheohlʹ] kwiyaguye, kugataburura umunwa wakwo bimwe vy’akaburarugero.” Naho mu buryo bw’ikigereranyo sheohlʹ imaze kumira abapfuye badaharurwa, iguma isa n’iyinyotewe kumira n’abandi. (Imigani 30:15, 16) Mu buryo butandukanye n’itongo butongo ry’abapfuye iryo ari ryo ryose, irishobora guhambwamwo abantu bake gusa, ‘Ukuzimu [sheohlʹ] ntiguhaga.’ (Imigani 27:20) Sheoli ntiyigera yuzura. Nta turimbi ifise. Sheoli ari yo Hadesi rero, si ikibanza nya kibanza kiri ahantu kanaka. Ahubwo, ni imva rusangi abantu bapfa bajamwo, ikaba ari ikibanza c’ikigereranyo aho benshi mu bantu basinziriye mu rupfu bari.

Inyigisho ya Bibiliya y’izuka iradufasha kurushiriza gutahura insobanuro y’amajambo “Sheoli” na “Hadesi.” Ijambo ry’Imana  ryerekana ko Sheoli na Hadesi vyerekeza ku rupfu rw’abantu bazozuka. * (Yobu 14:13; Ivyakozwe 2:31; Ivyahishuwe 20:13) Ijambo ry’Imana ryerekana kandi ko muri Sheoli ari ho muri Hadesi, hatari gusa abakoreye Yehova, yamara ko hari n’abatamukoreye. (Itanguriro 37:35; Zaburi 55:15) Ni co gituma Bibiliya yigisha yuko hazoba “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”Ivyakozwe 24:15.

^ ing. 4 Mu buryo buhushanye n’ivyo, abatazozurwa ntibivugwa ko bari muri Sheoli ari ho muri Hadesi, ahubwo bivugwa ko bari “muri Gehena.” (Matayo 5:30; 10:28; 23:33) Cokimwe na Sheoli be na Hadesi, Gehena si ikibanza nya kibanza.