Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

 IKIGABANE CA KABIRI

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe ata kindi gitabu kimeze nka Bibiliya?

  • Bibiliya ishobora gute kugufasha kwihanganira ingorane zigushikira?

  • Ni kubera iki wokwizigira ubuhanuzi buri muri Bibiliya?

1, 2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Bibiliya ari ingabirano iteye akamwemwe iva ku Mana?

WOBA wibuka igihe umugenzi wawe somambike yaguha ingabirano nziza cane? Ico kintu gitegerezwa kuba kitaguteye akamwemwe gusa, mugabo kandi caragukoze ku mutima. Kanatsinda, ingabirano iragira ico ikubwiye ku bijanye na nyene kuyitanga, ikaguserurira ko aha agaciro ubugenzi mufitaniye. Nta gukeka ko wakengurukiye uwo mugenzi ku bw’iyo ngabirano yaguhaye yerekana ko akuzirikana.

2 Bibiliya ni ingabirano iva ku Mana dukwiye gukenguruka vy’ukuri. Ico gitabu ntangere gihishura ibintu ata handi twobisanga. Nk’akarorero, iratubwira ivyerekeye iremwa ry’ijuru ryuzuye inyenyeri, ry’isi n’irya wa mugabo n’umugore ba mbere. Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako twokwizigira zidufasha kumenya ingene twokwifata mu ngorane no mu myitwarariko vyo mu buzima. Irasigura ingene Imana izoshitsa umugambi wayo n’ingene izotuma ibintu bimera neza kw’isi. Mbega ukuntu Bibiliya ari ingabirano iteye akamwemwe!

3. Kubona twararonse Bibiliya, bitwereka iki ku vyerekeye Yehova, kandi ni kubera iki bikora ku mutima?

3 Bibiliya kandi ni ingabirano ikora ku mutima kubera ko hariho ico ihishura ku vyerekeye uwayitanze ari we Yehova Imana. Kubona yaratanze ico gitabu, ni ikimenyamenya c’uko  ashaka ko tumumenya neza. Kukaba nkako, Bibiliya irashobora kugufasha kwiyegereza Yehova.

4. Ni ibiki bigutangaza ku vyerekeye ukuntu Bibiliya yakwiragijwe?

4 Nimba ufise Bibiliya, si wewe wenyene uyifise. Bibiliya, yaba yose canke igice cayo, yarasohowe mu ndimi nka 2.600. Ku bw’ivyo ufashe abantu 100 mu baba kw’isi, usanga ishikira abarenga 90. Ugereranije, ku ndwi ku ndwi hatangwa Bibiliya zirenga umuliyoni! Hamaze gucapurwa Bibiliya amamiliyaridi, yaba yose canke igice cayo. Mu vy’ukuri nta kindi gitabu kiriho kimeze nka Bibiliya.

“Bibiliya y’isi nshasha” iraboneka mu ndimi nyinshi

5. Ni mu buryo ubuhe Bibiliya ‘yahumetswe n’Imana’?

5 Vyongeye, Bibiliya “[y]ahumetswe n’Imana.” (Soma 2 Timoteyo 3:16.) Mu buryo ubuhe? Bibiliya ubwayo yishura iti: “Abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:21) Tubitangire akarorero: Umutama yoshobora gusaba umwuzukuru wiwe ngo amwandikire ikete. Iryo kete riba ririmwo ivyiyumviro vy’uyo mutama. Iryo kete riba rero ari iryiwe koko, ntiriba ari iry’uwo mwuzukuru. Muri ubwo buryo nyene, ubutumwa buri muri Bibiliya ni ubw’Imana, si ubw’abantu bayanditse. Ku bw’ivyo, Bibiliya yose uko ingana ni “ijambo ry’Imana” koko.1 Abatesalonika 2:13.

 IBIRI MURI BIBILIYA NTIBIVUGURUZANYA KANDI NTIBIGIRA AMAKOSA

6, 7. Ni kubera iki ukutavuguruzanya kw’ibiri muri Bibiliya ari ikintu gitangaje?

6 Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka 1.600. Abayanditse babayeho mu bihe bitandukanye no mu buzima butandukanye. Bamwe bari abarimyi, aborozi, abarovyi n’abungere. Abandi bari abahanuzi bavugishwa n’Imana, abacamanza n’abami. Umwanditsi w’Injili Luka yari umuganga. Naho abanditse Bibiliya bari babayeho mu buryo butandukanye, ibiri muri yo kuva mu ntango gushika mu mpera ntibivuguruzanya. *

7 Igitabu ca mbere ca Bibiliya kitubwira ingene ingorane z’abantu zatanguye. Igitabu ca nyuma cerekana ko isi yose izoba Iparadizo, ni ukuvuga itongo ry’akaroruhore. Ibiri muri Bibiliya vyose bivuga ivyabaye mu myaka ibihumbi, kandi mu buryo bunaka birafitaniye isano n’uguhishurwa kw’umugambi w’Imana. Ukutavuguruzanya kw’ibiri muri Bibiliya kuratangaje, mugabo ivyo ni vyo dukwiye kwitega ku gitabu kiva ku Mana.

8. Tanga uburorero bwerekana ko Bibiliya ihuza n’ivyo ubuhinga buhishura.

8 Bibiliya irahuza n’ivyo ubuhinga buhishura. Iravuga mbere ibintu abantu bahavuye bubura haciye igihe kirekire cane. Nk’akarorero, igitabu c’Abalewi carimwo amategeko yahawe Isirayeli ya kera avuga ibijanye n’ugushira umuntu ukwiwe kubera arwaye indwara yandukira be n’ivyerekeye isuku, amahanga yari abakikije yoyo akaba ata na kimwe yari azi ku bijanye n’ibintu nk’ivyo. Kera, aho wasanga abantu bafise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’imero y’isi, Bibiliya yo yavuga yuko isi ari umuzingi canke yiburungushuye. (Yesaya 40:22) Bibiliya yaravuze itihenze ko isi yenetse “ku busa.” (Yobu 26:7) Ego ni ko, Bibiliya si igitabu c’ivy’ubuhinga. Ariko igihe  ivuga ibijanye n’ubuhinga, ntiyihenda. None ivyo si vyo dukwiye kwitega ku gitabu kiva ku Mana?

9. (a) Igihe Bibiliya ivuga ivya kahise, ni mu buryo butandukanye ubuhe yerekana ko ivuga ukuri kandi ko dukwiye kuyizigira? (b) Kuba abanditse Bibiliya bavuga ibintu uko biri, bihishura iki ku biyerekeye?

9 Vyongeye, Bibiliya irahuza n’ivyabaye muri kahise kandi ni iyo kwizigirwa. Inkuru ziri muri yo ziradomako. Ntizivuga gusa amazina y’abantu ariko kandi ziravuga n’abo bakomokako. * Mu buryo buhushanye n’abahinga mu vya kahise bo mw’isi, abo na bo bakaba badakunda kuvuga ugutsindwa kw’abantu b’iwabo, abanditse Bibiliya bobo bavuga ibintu uko biri, bakandika mbere n’amakosa yabo bwite canke ay’igihugu bakomokamwo. Nk’akarorero, mu gitabu ca Bibiliya co Guharūra, umwanditsi Musa ariyemerera ikosa rikomeye yakoze, akaba yarahanywe bikomeye. (Guharūra 20:2-12) Mwene ukwo kuvuga ibintu uko biri ni imbonekarimwe mu zindi nkuru zivuga ivya kahise, ariko turagusanga muri Bibiliya kuko ari igitabu kiva ku Mana.

IGITABU C’UBUKEREBUTSI NGIRAKAMARO

10. Ni kubera iki bidatangaje kubona Bibiliya ari igitabu ngirakamaro?

10 Kubera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana, ni “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.” (2 Timoteyo 3:16) Egome, Bibiliya ni igitabu ngirakamaro. Ibirimwo biragaragaza ko uwo ikomokako atahura bimwe bigera kure ukuntu abantu bameze. Ivyo ntibitangaje kuko uwo ikomokako, Yehova Imana, ari we Muremyi. Aratahura ivyiyumviro vyacu be n’inyiyumvo zacu gusumba uko twebwe ubwacu tubitahura. Vyongeye, Yehova arazi ivyo dukeneye kugira duhimbarwe. Arazi kandi inzira dukwiye kwirinda.

11, 12. (a) Yezu yavuze ibiki muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi? (b) Ni ibindi bintu ngirakamaro ibihe bivugwa muri Bibiliya, kandi ni kubera iki impanuro itanga zidata igihe?

11 Rimbura ya nsiguro ya Yezu yitwa Insiguro yo ku Musozi yanditse muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7. Muri  iyo nyigisho ntangere, Yezu yaravuze ibintu bitari bike, harimwo uburyo bwo kuronka agahimbare nyakuri, uburyo bwo gutorera umuti amatati, ingene umuntu yosenga be n’ingene yobona amatungo mu buryo bubereye. Amajambo ya Yezu, muri iki gihe aracafise ububasha n’akamaro nk’ivyo nyene yari afise igihe yayavuga.

12 Ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya usanga zerekeye ubuzima bwo mu rugo, inyifato mu bijanye n’akazi, canke ubucuti umuntu agiriranira n’abandi. Ingingo  ngenderwako zo muri Bibiliya zirerekeye abantu bose, kandi impanuro itanga zama ari ngirakamaro. Ubukerebutsi buri muri Bibiliya buravugwa muri make mu majambo Imana yavuze biciye ku muhanuzi Yesaya, agira ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”Yesaya 48:17.

IGITABU C’UBUHANUZI

Umwanditsi wa Bibiliya Yesaya yari yaravuze ibijanye n’ugutemba kwa Babiloni

13. Ni amakuru y’ido n’ido ayahe Yehova yahumekeye umuhanuzi Yesaya ngo yandike ku vyerekeye Babiloni?

13 Bibiliya irimwo ubuhanuzi butari buke, bwinshi muri bwo bukaba bumaze kuranguka. Dufate akarorero: Biciye ku muhanuzi Yesaya, uwabayeho mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, Yehova yari yaravuze ko igisagara ca Babiloni cotikijwe. (Yesaya 13:19; 14:22, 23) Yaratanze amakuru y’ido n’ido kugira ngo yerekane neza na neza ingene ico gisagara cokwigaruriwe. Ingabo zene gutera, zokamije uruzi rw’i Babiloni maze zikinjira mu gisagara ata rugamba rurinze kuba. Si ivyo gusa. Ubuhanuzi bwa Yesaya bwaranavuze izina ry’umwami yokwigaruriye Babiloni, na we akaba yari Kuro.Soma Yesaya 44:27–45:2.

14, 15. Amakuru amwamwe y’ido n’ido ajanye n’ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye Babiloni, yarangutse gute?

14 Haheze nk’imyaka 200, mw’ijoro ryo ku wa 5 rishira uwa 6 Gitugutu 539 imbere ya Kristu, hari ingabo zakambitse hafi ya Babiloni. Ni nde yari aziyoboye? Yari umwami w’Umuperesi yitwa Kuro. Muri ubwo buryo, iranguka ry’ubuhanuzi butangaje ryari riciriwe inzira. Ariko none izo ngabo za Kuro zoba zari kwinjira i Babiloni zitarinze kurwana nk’uko vyari vyaravuzwe?

15 Muri iryo joro Abanyababiloni bari mu musi mukuru kandi bumva ata co binona kubera bari bakingiwe n’ibihome amahero vy’ico gisagara. Muri ico gihe, Kuro abigiranye ubuhanga yarakatishije amazi y’uruzi rwaca muri ico gisagara. Mu kanya gatoya amazi yari amaze kugabanuka bihagije ku buryo ingabo ziwe zishobora kujabuka urwo ruzi, gutyo zikegera ibihome vy’ico gisagara. Ariko none ni gute ingabo za Kuro zoshoboye kurengana ibihome vy’ico gisagara ca Babiloni? Nta wuzi ukuntu vyagenze muri iryo joro barasamara, basiga imiryango y’ico gisagara yuguruye.

16. (a) Ni ibiki Yesaya yari yaravuze ku vyerekeye ukuntu impera n’imperuka vyogendeye Babiloni? (b) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye ukuba umusaka kwa Babiloni bwarangutse gute?

 16 Ku vyerekeye Babiloni, Bibiliya yari yaravuze iti: “Nta wuzokwigera ahaba, eka ntizogira aho iba, uko iyaruka rikurikira irindi. Umwarabu ntazohashinga ihema, kandi nta bungere bazohavyagiza imikuku.” (Yesaya 13:20) Ubwo buhanuzi ntibwavuze gusa ugutemba kw’ico gisagara. Bwarerekanye kandi ko Babiloni yogumye ari umusaka ibihe vyose. Urashobora kwibonera ko ayo majambo yarangutse. Aho hantu ata wukihaba hahora Babiloni ya kera, nko ku bilometero 80 mu bumanuko uvuye i Bagdad muri Iraki, ni ikimenyamenya c’uko ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yesaya vyarangutse. Yavuze ati: “[Nzomukubuza] umukubuzo w’agatikizo.”Yesaya 14:22, 23. *

Ibisigarira vy’igisagara ca Babiloni

17. Ni gute iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya rikomeza ukwizera?

17 Kwibonera ukuntu Bibiliya ari igitabu c’ubuhanuzi bwo kwizigirwa birakomeza ukwizera, si ko none? Ko Yehova yashikije  ivyo yasezeranye muri kahise, turafise rero imvo yumvikana yo kwizigira ko azoshitsa n’umuhango yatanze wo guhindura isi Iparadizo. (Soma Guharūra 23:19.) Egome, turafise “icizigiro c’ubuzima budahera, ubwo Imana idashobora kubesha yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.”Tito 1:2. *

‘IJAMBO RY’IMANA NI RIZIMA’

18. Ni amajambo akomeye ayahe intumwa Paulo avuga ku vyerekeye “ijambo ry’Imana”?

18 Dufatiye ku vyo twasuzumye muri iki kigabane, biragaragara yuko Bibiliya ari igitabu ntangere vy’ukuri. Yamara, agaciro kayo ntikagarukira gusa ku kuntu ibiri muri yo bitavuguruzanya, bihuza n’ivyo ubuhinga buhishura be n’ivya  kahise, ku kuntu irimwo ubukerebutsi ngirakamaro be n’ubuhanuzi bwo kwizigirwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri . . . kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.”Abaheburayo 4:12.

19, 20. (a) Bibiliya ishobora gute kugufasha kwisuzuma? (b) Wokwerekana gute ko ukenguruka ingabirano ntangere iva ku Mana, ari yo Bibiliya?

19 Gusoma “ijambo” ry’Imana ari bwo butumwa bwayo buri muri Bibiliya, birashobora guhindura ubuzima bwacu. Birashobora kudufasha kwisuzuma kuruta uko twahora tubigira. Twoshobora kuvuga ko dukunda Imana, mugabo uburyo twakira ivyo Ijambo ryayo ryahumetswe Bibiliya ritwigisha, ni bwo buzohishura ivyiyumviro nyakuri dufise, mbere n’imigabo y’umutima wacu.

20 Mu vy’ukuri Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana. Ni igitabu dukwiye gusoma, kwiga no gukunda. Niwerekane ko ukenguruka iyo ngabirano iva ku Mana, mu kubandanya gusesa ibiri muri yo. Niwabigira, uzorushiriza gutahura umugambi Imana ifitiye abantu. Mu kigabane gikurikira, tuzokwihweza uwo mugambi uwo ari wo n’ukuntu uzoranguka.

^ ing. 6 Naho hari abavuga yuko ibice bimwebimwe vya Bibiliya bivuguruza ibindi, ivyo vyiyumviro ntibigira ishingiro. Raba ikigabane ca 7 mu gitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 9 Nk’akarorero, nurabe amakuru y’ido n’ido yerekeye urukurikirane rw’abantu Yezu yakomotsemwo ruvugwa muri Luka 3:23-38.

^ ing. 16 Wipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, raba agatabu Un livre pour tous, urupapuro rwa 27-29 kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 17 Ugutikizwa kwa Babiloni ni akarorero kamwe gusa k’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse. Ubundi burorero bwerekeye ugutikizwa kw’ibisagara vya Tiro na Ninewe. (Ezekiyeli 26:1-5; Zefaniya 2:13-15) Vyongeye, ubuhanuzi bwa Daniyeli bwari bwaravuze ukuntu inganji nganzasi zogiye zirakurikirana inyuma ya Babiloni. Muri izo nganji harimwo Ubumedi n’Ubuperesi be n’Ubugiriki. (Daniyeli 8:5-7, 20-22) Nimba wipfuza kumenya ibijanye n’ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu Kristu, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe”.

Raba n'ibindi

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?