Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | GUSENGA BIMAZE IKI?

Gusenga vyokumarira iki?

Gusenga vyokumarira iki?

Imbere yo gukora ikintu ico ari co cose, birumvikana ko woshobora kwibaza uti: ‘Kizomarira iki?’ None vyoba ari bibi kwibaza ico kibazo ku bijanye no gusenga? Ntivyama ari bibi. Birumvikana ko twokwipfuza kumenya nimba hari ico bizodufasha. Na wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yarigeze kubaza ati: “Hamwe noyihamagara, mbega yonyishura?”Yobu 9:16.

Mu biganiro vy’imbere y’iki, twabonye ko isengesho atari ikintu kijanye n’idini gusa be n’uko atari uburyo bwo kwitururuza. Imana y’ukuri irumviriza koko amasengesho. Nitwasenga mu buryo bwiza kandi tugasaba ibintu bibereye izotwumviriza. Nkako idutera akamo ngo tuyiyegereze. (Yakobo 4:8) None ni ibiki tuzoronka nitwagira akamenyero ko gusenga? Reka turabe ivyiza bikeya gusa.

Amahoro yo mu mutima.

Igihe ushikiwe n’ingorane, woba uhora uca wumva urengewe n’amaganya? Bibiliya ituremesha “[gusenga] ubudahengeshanya” mu bihe nk’ivyo no kureka ‘ivyo dusaba bikamenyeshwa Imana.’ (1 Abatesalonika 5:17; Abafilipi 4:6) Bibiliya itubwira ko nitwitura Imana mw’isengesho, “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima ya[cu] n’ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira.” (Abafilipi 4:7) Tubwiye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ibituraje ishinga duca twumva dutekanye. Mbere araturemesha kubigira. Muri Zaburi 55:22 havuga hati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”

“Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”Zaburi 55:22

Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi barironkeye ayo mahoro. Uwitwa Hee Ran wo muri Koreya y’Epfo avuga ati: “Naho mfise ingorane zikomeye, iyo ndazishize mw’isengesho nca numva ndemuruwe umutwaro nkaronka inguvu zo kwihangana.” Cecilia wo muri Filipine na we avuga ati: “Kubera ko ndi umuvyeyi, ndarazwa ishinga cane n’abakobwa banje be na mawe arwaye ku buryo adashobora no kumenya. Isengesho riramfasha kutarengerwa n’amaganya. Ndazi ko Yehova azomfasha kubitwararika.”

Imana iraduhumuriza kandi ikadukomeza igihe turi mu ngorane.

Woba uri mu maganya, mu ruhagarara canke mu bihe biteye akaga? Gusenga ya “Mana y’uruhoza rwose” birashobora gutuma wumva uruhuriwe. Bibiliya ivuga ko Imana “[iduhoza] mu makuba yacu yose.” (2 Abakorinto 1:3, 4) Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yari afise amaganya hanyuma “arapfukama, atangura gusenga.” None vyavuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: “Umumarayika avuye mw’ijuru aramubonekera, aramukomeza.” (Luka 22:41, 43) Wa mugabo w’umwizigirwa Nehemiya na we yari ageramiwe n’abantu b’ababisha bariko bagerageza kumubuza gukora igikorwa c’Imana. Yasenze ati: “Mugabo ubu nukomeze amaboko yanje.” Ivyabaye birerekana yuko Imana yamufashije vy’ukuri gutsinda ubwoba be no kuroranirwa mu gikorwa ciwe. (Nehemiya 6:9-16) Reginald wo muri Gana avuga ivyo yiboneye ku bijanye n’isengesho ati: “Igihe cose nsenze, canecane igihe mba ndengewe n’ingorane, nca numva ko nabwiye ingorane zanje uwushoboye kumfasha kandi ankura amazinda ko ata mpamvu yo kugira ubwoba canke amaganya.” Emwe, Imana iraduhumuriza igihe cose tuyisenze!

Ubukerebutsi buva ku Mana.

Ingingo zimwezimwe dufata ziratugirako ingaruka twebwe n’abacu. None twofata gute ingingo nziza? Bibiliya ivuga iti: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi [canecane igihe ari mu bigeragezo], nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” (Yakobo 1:5) Dusavye Imana ubukerebutsi irashobora kudufasha gufata ingingo nziza biciye ku mpwemu yayo nyeranda. Mbere turashobora gusaba iyo mpwemu kuko Yezu adukura amazinda ko “Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”Luka 11:13.

“Imisi yose narasaba Yehova ngo amfashe gufata ingingo nziza.”—Kwabena wo muri Gana

Na Yezu yaratahura ko akeneye gusaba Se ngo amufashe igihe yaba ashaka gufata ingingo zihambaye. Bibiliya itubwira ko igihe yashaka guhitamwo ba bagabo 12 bobaye intumwa ziwe “[yasenze] Imana ijoro ryose.”Luka 6:12.

Nk’ukwo kwa Yezu, abantu benshi muri iki gihe bararemeshejwe n’ukubona ingene Imana yabafashije gufata ingingo nziza. Regina wo muri Filipine aravuga ingorane zitandukanye yahanganye na zo, nko gukurwa mu kazi, kwironsa ivyo akeneye no gutunga umuryango wiwe inyuma y’aho aburiye umugabo be n’urugamba rwo kurera abana. None ni igiki camufashije gufata ingingo nziza? Avuga ati: “Nama nsaba Yehova ngo amfashe.” Kwabena wo muri Gana na we aratwiganira igituma yasavye Imana ngo imufashe. Avuga ati: “Naratakaje akazi ko kwubaka kandonsa umushahara ufadika.” Mu bijanye no guhitamwo ico yokora, avuga ati: “Imisi yose narasaba Yehova ngo amfashe gufata ingingo nziza.” Yongerako ati: “Ndabona neza ko Yehova yamfashije guhitamwo akazi gatuma nshobora kuguma ndamwiyegereza kandi nkironsa ivyo nkeneye.” Na wewe Imana irashobora kugufasha hamwe wosenga igihe ugira ufate ingingo ku bintu vyohava vyonona ubucuti ufitaniye na yo.

Twavuze ibintu bike gusa isengesho rishobora kukumarira. (Ushaka ubundi burorero, raba uruzitiro ruvuga ngo “ Akamaro ko gusenga.”) Ariko kugira uronke ivyo vyiza, urakeneye kubanza kumenya Imana n’ivyo igomba. Nimba uvyipfuza, tukuremesheje gusaba Ivyabona vya Yehova ngo bagufashe kwiga Bibiliya. * Iyo yoshobora kukubera intango yo kwiyegereza umwe “[y]umva amasengesho.”Zaburi 65:2.

^ ing. 14 Wipfuza ayandi makuru, niwiture Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu canke uje ku muhora wacu wo kuri internet www.jw.org.