Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI GITUGUTU 2015

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Ubu ndashobora gufasha abandi

Ubu ndashobora gufasha abandi
  • YAVUTSE MU 1981

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: GWATEMALA

  • KAHISE: YARASHIKIWE N’IVYAGO MU BWANA

KAHISE KANJE:

Navukiye i Acul, agasagara kari ukwa konyene mu misozi yo mu burengero bwa Gwatemala. Mva mu muryango witwa Ixil, bukaba ari ubwoko bukomoka ku Bamaya. Nakuze mvuga igisupanyoli n’ururimi rwacu kavukire. Navutse mu gihe kibi cane co muri Gwatemala caranzwe n’intambara yamaze imyaka 36. Muri ico gihe abantu benshi bo mu muryango w’aba Ixil barapfuye.

Igihe nari mfise imyaka ine, mukuru wanje yari afise imyaka indwi yariko arakinisha gerenade ica iraturika. Iryo sanganya ryatumye mpuma kandi ikibabaje mukuru wanje yarahasize ubuzima. Ubuto bwanje naciye ndabumara mu kigo citaho abana bahumye mu gisagara ca Gwatemala, aho nigiye gusoma indome z’impumyi. Sinzi igituma muri ico kigo abakozi batashaka ko mvugana n’abandi bana n’igituma abo twigana banyinuba. Nama ndi jenyene kandi buri mwaka si je nabona harageze ko nja i muhira kumarana amezi abiri na mawe. Yama angaragariza umutima mwiza n’ikibabarwe. Ikibabaje, yapfuye mfise imyaka cumi. Narababaye cane kuko nabona ko ata muntu n’umwe nsigaranye ankunda.

Mfise imyaka 11, narasubiye mu gisagara navukiyemwo nja kubana na mwene wacu dusangiye papa be n’umuryango wiwe. Barandonsa ivyo nari nkeneye ku mubiri ariko nta n’umwe yamenya uko merewe ku mutima. Rimwe na rimwe nararira mbwira Imana nti: “Kubera iki mawe yapfuye? Kubera iki ndi impumyi?” Abantu bambwira ko Imana ari yo yatumye ivyo vyago binshikira. Vyatumye mbona ko Imana ata rukundo ifise be n’uko irenganya. Iyo nza kuronka ingene niyahura nari kuba nariyahuye.

Kubera ko nari impumyi, sinagira gitabara. Nkiri agahungu, narasambanijwe ku nguvu akatari gake. Nta vyo nigeze mvuga kuko nabona ko ata wari kumfasha. Abantu bamvugisha gake cane kandi nta we nashobora kwiganira ingorane zanje. Narigunga kandi nari narishwe n’akabonge. Nta muntu n’umwe nizera.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Ngeze mu buyabaga, Ivyabona vya Yehova babiri (umugabo n’umugore wiwe) barangendeye kw’ishure turi mu karuhuko. Umwe mu bigisha bo kw’ishure ni we yari yabasavye ngo bangendere kuko yanyumvira  ikigongwe. Barambwiye ko Bibiliya isezerana ko abapfuye bazozuka be n’uko umusi uri izina abahumye bazohumuka. (Yesaya 35:5; Yohani 5:28, 29) Narashimye ivyo banyigishije ariko vyarangoye kuganira na bo kuko ntakunda kuyaga n’abantu. Ariko rero, naho ntakunda kuvuga bagumye bangendera babigiranye umutima mwiza n’ukwihangana kugira banyigishe Bibiliya. Uwo mugabo n’umugore bagira urugendo rw’ibilometero birenga 10 bakaduga n’umusozi kugira bashike mu gisagara nabamwo.

Mwene wacu yambwiye ko abo bantu badatunze ariko ko bambara impuzu zisukuye. Yamara, bama banyereka ko banyitwararika bakaza baranzanira utuntu. Nabona ko abakirisu b’ukuri bonyene ari bo bokwitanga gutyo.

Narize Bibiliya nkoresheje ibitabu vyo mu ndome z’impumyi. Naho natahura ivyo nariko ndiga, bimwebimwe vyarangora kwemera. Nk’akarorero, vyarangora kwemera ko Imana inyitwararika vy’ukuri be n’uko abandi bashobora kunyitwararika nka yo. Naho natahura igituma Yehova abaye arareka ububisha bukabandanya, vyarangora kumubona nk’Umuvyeyi akundana. *

Bukebuke, ivyo niga muri Bibiliya vyaramfashije guhindura ivyiyumviro. Nk’akarorero, naramenye ko Imana ifitiye impuhwe nyinshi abari mu mibabaro. Ku bijanye n’abasavyi bayo bariko barafatwa nabi, yavuze iti: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo . . . kuko nzi neza imibabaro barimwo.” (Kuvayo 3:7) Maze gutahura ingene Yehova ameze neza, naciye ndamwegurira ubuzima bwanje. Mu 1998 narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

Ndi kumwe na wa muvukanyi yampa ikaze mu muryango wiwe

Haciye nk’umwaka mbatijwe, naritavye ivyigwa vy’abantu bahumye hafi y’igisagara ca Escuintla. Umukurambere wo mw’ishengero ryaho yaramenye ko bitanyorohera kwitaba amakoraniro igihe naba ndi mu gisagara iwacu. Ishengero ryitwa ko riri hafi ryari kuri wa musozi vya Vyabona baza kunyigisha Bibiliya baduga kandi vyarangora gushikayo. Kugira ngo uwo mukurambere amfashe, yararondeye umuryango aho i Escuintla wokwemera kumpa indaro kandi ukamfasha kwitaba amakoraniro ajanye no gusenga. Gushika uno musi uwo muryango uranyitwararika kandi umfata nk’umwana wabo.

Noshobora kuvuga ibindi bintu vyinshi abagize ishengero bangiriye mu kunyereka ko bankunda vy’ukuri. Ivyo bintu vyose biranjijura ko Ivyabona vya Yehova ari abakirisu b’ukuri.Yohani 13:34, 35.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ubu ndafise icizigiro kandi sinkibona ko ata co maze. Ubu ubuzima bwanje burafise intumbero. Kubera ko mara umwanya munini cane mu gikorwa Ivyabona vya Yehova barangura co kwigisha Bibiliya, nibanda ku kwigisha abandi ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya aho kwibanda ku bumuga bwanje. Ndafise n’agateka ko kuba umukurambere mw’ishengero n’ako gutanga insiguro zishingiye kuri Bibiliya mu mashengero y’aho tuba. Mbere naratewe agateka ko gushikiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya ku bikorane vyitabwa n’abantu ibihumbi.

Ndiko nigisha nkoresheje Bibiliya yo mu ndome z’impumyi

Mu 2010, nararonse urupapuro rw’umutsindo mw’Ishure rimenyereza abasuku (ubu ryitwa Ishure ry’abamamaji b’Ubwami) ryabereye muri Salvador. Iryo shure ryaramfashije kwitaho neza amabanga njejwe mw’ishengero. Ivyo vyigwa vyatumye mbona ko Yehova Imana ampa agaciro be n’uko ankunda cane. Arashobora gufasha umuntu uwo ari we wese kurangura igikorwa atuzeza.

Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Ubu ndashobora vy’ukuri kuvuga ko mpimbawe. Vyongeye, naho nahora mbona umengo sinoshobora gufasha abandi, ubu ndabona ko ndabishoboye.

^ ing. 13 Ushaka kumenya igituma Imana ireka ububisha bukabandanya, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Raba n'ibindi

Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?

Bibiliya yoba vy’ukuri ishobora kugufasha kubaho uhimbawe mu buzima? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bine vyo muri Bibiliya vyogufasha vy’ukuri.