Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI GITUGUTU 2015

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | GUSENGA BIMAZE IKI?

Ni kubera iki abantu basenga?

Ni kubera iki abantu basenga?

“Nari umukinyi w’akamari akomeye. Narasenga nsaba ubutunzi. Sinigeze ndaburonka.”—Samuel * wo muri Kenya.

“Kw’ishure twapfa gusubiramwo ibisabisho twafashe ku mutwe.”—Teresa wo muri Filipine.

“Ndasenga igihe mfise ingorane. Ndasenga nsaba imbabazi ku bicumuro vyanje nongera nsaba ko noba umukirisu mwiza.”—Magdalene wo muri Gana.

Ivyavuzwe na Samuel, Teresa na Magdalene vyerekana ko abantu basenga kubera impamvu nyinshi. Zimwezimwe usanga ari nziza. Amasengesho ya bamwebamwe aba avuye ku mutima, mu gihe abandi usanga ari ayo guheza umwuga. Ariko rero, icibonekeza n’uko abantu amamiliyoni bafise agatima ko gusenga. Hari abasenga kugira batore ikibazo kw’ishure, kugira umugwi bakunda mu vy’inkino utsinde, kugira basabe Imana ubuyobozi mu muryango wabo, no ku bw’izindi mpamvu zitandukanye. Amatohoza yerekana ko n’abantu batari mu madini basenga ubudahorereza.

Woba uhora usenga? Uhora usenga usaba iki? Waba ufise akamenyero ko gusenga canke utagafise, ushobora kwibaza uti: ‘Gusenga hari ico bimaze? Hoba hari uwumviriza amasengesho?’ Umwanditsi umwe yavuze ko gusenga ari uburyo bwo kwitururuza nka kurya wovugana n’igikoko utunze. Hari n’abaganga babona ibintu muri ubwo buryo, bakavuga ko isengesho ari nk’“umuti wo gupfupfahaza.” None twovuga ko abantu basenga baba bariko baraheza umwuga gusa canke ko babigira kugira gusa bihe amahoro?

Bibiliya yoyo ivuga ko gusenga atari gusa uburyo bwo kwitururuza. Iratubwira ko hariho uwumviriza amasengesho atuwe mu buryo bwiza kandi arimwo ibintu bibereye. Ivyo vyoba ari ivy’ukuri? Reka twihweze ibimenyamenya.

^ ing. 3 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.