Yobu 9:1-35

  • Yobu amwishura (1-35)

    • Umuntu ntashobora kurwana n’Imana (2-4)

    • «Imana ikora ibintu bisiga ubwenge» (10)

    • Umuntu ntashobora guharira n’Imana (32)

9  Yobu yishura ati:   «Ndazi neza ko ari ukwo biri. Ariko none umuntu buntu yoshobora gutsinda Imana mu rubanza+?   Hamwe umuntu yoshaka guharira na yo*+,ntiyokwishura n’ikibazo kimwe mu bibazo vyayo igihumbi.   Ni inkerebutsi mu mutima, kandi ifise ububasha burenze+. Ni nde yoyihanga akagenda adakomeretse+?   Yimura* imisozi ntihagire n’uwubimenya,ikayitembagaza yashavuye.   Iranyiganyiza isi ikava mu kibanza cayo,ku buryo inkingi zayo zijugumira+.   Itegeka izuba ngo ntiryake,igapfuka umuco w’inyenyeri+.   Isanza ijuru ari yonyene+,ikagendera ku mikuba ikomeye y’ikiyaga+.   Ni yo yakoze umugwi w’inyenyeri witwa Ashi*, uwitwa Kesili*,uwitwa Kima*+ hamwe n’imigwi y’inyenyeri zo mu bumanuko. 10  Ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge+,ibintu vy’agatangaza bidaharurika+. 11  Ica iruhande yanje ariko sindayibone.Irandengana ariko sindayimenye. 12  Iyo inyakuye ikintu, ni nde yoyitangira? Ni nde yoyibaza ngo: “Ivyo ugira ni ibiki+?” 13  Imana ntizotangira ishavu ryayo+,mbere n’abashigikiye Rahabu*+ bazoyunamira. 14  Hari akantu rero jewe igihe ndayishura!Wumva ntakwiye guhitamwo neza amajambo mvuga? 15  Naho noba ndi mu kuri, sinoronka ico ndayishura+. Nta kindi nokora atari ugusaba imbabazi umucamanza wanje*. 16  Hamwe noyihamagara, ugira ngo yonyitaba? Sinibaza n’uko yonyumviriza, 17  kuko insavya ikoresheje igihuhusi,ikongereza ibikomere vyanje ata mvo+. 18  Ntimpa n’akanya ko guhumeka.Iguma intamika ibintu vy’umururazi. 19  Hamwe twovuga ibijanye n’inguvu, ni yo izifise rero+. Tuvuze ibijanye n’ubutungane na ho, ica ivuga iti: “Ni nde yombaza ivyo nakoze*?” 20  Naho noba ndi mu kuri, akanwa kanje kontsindisha.Naho noba ndi intungane*, yovuga ko nagiriwe n’icaha. 21  Naho noba ndi intungane, sinzi ikindindiriye.Ubu buzima burandambiye*. 22  Vyose ni cokimwe. Ni co gituma mvuga nti:“Intungane n’umubisha irajaniranya.” 23  Hamwe hotera isegenya igahitana abantu giturumbuka,yokwitwengera ibonye ingene intungane zihebuye. 24  Isi yayishize mu maboko y’ababisha+.Abacamanza bo muri yo irabahuma amaso. Nimba atari yo ibigira, none ni nde? 25  Imisi yanje isigaye inyaruka kuruta umwirutsi+.Iriruka, ikarangira ata ciza na kimwe mbonye. 26  Irihuta nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,nk’inkona ishungurukira ku kintu igira ifate. 27  Naho novuga nti: “Reka nibagire amaganya yanje,reka nezerwe ndeke kwijirwa mu maso”, 28  nogumana ubwoba kubera imibabaro yanje yose+,kandi ndazi ko itazonyita intungane. 29  Nokubitwa intahe mu gahanga. Kubera iki none noruhira ubusa+? 30  Naho nokwoga amazi y’urubura* rwashonze,nkongera ngakaraba intoke n’isabuni+, 31  yoca interera mu kinogo,gushika n’aho impuzu zanje zinyanka urunuka. 32  Erega si umuntu nkanje ku buryo noyishura,canke ngo turengukane imbere y’ubutungane+. 33  Nta muntu* n’umwe ariho yodutatura,canke ngo atubere umucamanza*. 34  Hamwe yoreka kunkubita*no kuguma intera ubwoba+, 35  noyivugisha ntatinya,kuko ntazi kuvugana ubwoba.

Utujambo tw'epfo

Canke «kuyiburanya.»
Canke «ikuraho.»
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Taureau mu gifaransa.
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion mu gifaransa.
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Grande Ourse mu gifaransa.
Rushobora kuba ari urukoko runini rwo mu mazi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo tuburana.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni nde yondengutsa?»
Canke «ntagirako umugayo kandi ngororotse.»
Canke «buranshisha, ndabwanse.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «umuhuza.»
Mu giheburayo havuga ngo «aturambikeko ibiganza twese.»
Mu giheburayo havuga ngo «yonkurako inkoni yiwe.»