Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3

Yehova ariko aragufasha kuroranirwa

Yehova ariko aragufasha kuroranirwa

‘Yehova yabana na Yozefu ku buryo yatuma aroranirwa mu kintu cose yakora.’​—ITA. 39:2, 3.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, Umugenzi wanje

INCAMAKE a

1-2. (a) Kubera iki bitadutangaza kubona dufise ingorane? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

 TWEBWE abasavyi ba Yehova, ntidutangara iyo dushikiwe n’ingorane. Nk’uko Bibiliya ibivuga, turazi ko “dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.” (Ivyak. 14:22) Turazi kandi ko ingorane zimwezimwe ziduhanze zizohera burundu ari uko twinjiye mw’isi nshasha y’Imana, aho “urupfu [ruta]zoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare.”—Ivyah. 21:4.

2 Naho Yehova atadukingira ingorane, aradufasha kuzihanganira. Raba ivyo intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’i Roma. Yabanje kubabwira ingorane zitandukanye we n’abavukanyi biwe bariko baracamwo. Mu nyuma yaciye ababwira ati: “Turatahukana intsinzi bimwe bishitse biciye ku wadukunze.” (Rom. 8:35-37) Ivyo bisigura ko Yehova ashobora gutuma uroranirwa, mbere naho woba ukiri mu ngorane. Reka turabe ingene Yehova yafashije Yozefu kuroranirwa be n’ingene nawe ashobora kugufasha.

IGIHE IBINTU BIHINDUTSE GITURUMBUKA

3. Ubuzima bwa Yozefu bwahindutse gute giturumbuka?

3 Umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yarerekana ko yakunda cane umuhungu wiwe Yozefu. (Ita. 37:3, 4) Ivyo vyatumye abahungu bakuru ba Yakobo bagirira agashari mwenewabo. Igihe akaryo kaboneka, baragurishije Yozefu ku badandaza b’Abamidiyani. Abo badandaza baciye batwara Yozefu mu Misiri iyo catawe, na bo baca bamugirisha kuri Potifari umukuru w’abacungera ubuzima bwa Farawo. Umve nawe ingene ubuzima bwa Yozefu bwahindutse bukwi na bukwi, uwahoze ari umuhungu akundwa cane na se agasigara ari umushumba asuzuguritse w’umugabo w’Umunyamisiri!—Ita. 39:1.

4. Dushobora gute gushikirwa n’ingorane nk’imwe yashikira Yozefu?

4 Bibiliya ivuga ko “amagorwa ashikira bose.” (Umus. 9:11, Bibiliya Nyeranda) Rimwe na rimwe, turashikirwa n’ingorane ‘zisanzwe zishikira abantu’ bose. (1 Kor. 10:13) Canke na ho twoshobora gushikirwa n’ingorane kubera gusa ko turi abigishwa ba Yezu. Nk’akarorero, abantu boshobora kudutwenga, bakaturwanya, canke mbere bakaduhama baduhora ukwizera kwacu. (2 Tim. 3:12) Yehova arashobora kugufasha kuroranirwa mu ngorane iyo ari yo yose yogushikira. None ivyo yabigiriye gute Yozefu?

Yehova yarafashije Yozefu kuroranirwa, mbere n’igihe yagurishwa akaba umushumba wa Potifari mu Misiri (Raba ingingo ya 5)

5. Potifari abonye ingene Yozefu aroranirwa, yaciye atahura iki? (Itanguriro 39:2-6)

5 Soma Itanguriro 39:2-6. Potifari yarabonye ko Yozefu yari umusore akerebutse cane kandi w’umunyamwete. Yari azi n’igituma. Yarabonye ko “Yehova yatuma [Yozefu] aroranirwa mu kintu cose yakora.” b Potifari yahavuye amugira umusuku wiwe. Yaranamushinze kugaba inzu yiwe yose. None vyavuyemwo iki? Potifari yararonse imihezagiro.

6. Ni igiki Yozefu ashobora kuba yaripfuza?

6 Gerageza kwishira mu kibanza ca Yozefu. Ni igiki yipfuza kuruta ibindi vyose? Kwoba kwari ukubonwa na Potifari no gushimirwa na we? Birashoboka cane ko Yozefu yipfuza kuva mu bushumba akisubirira kwa se. Kanatsinda, naho yari yaratewe uduteka twinshi mu nzu ya Potifari, yari agishumbiye shebuja w’umupagani. Yehova ntiyatumye Potifari arekura Yozefu. Vyongeye, ivya Yozefu vyari bigiye kwunyuka.

IGIHE IBINTU VYUNYUTSE

7. Ni mu buryo ki ivya Yozefu vyagiye birunyuka? (Itanguriro 39:14, 15)

7 Nk’uko bivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 39, muka Potifari yarakunze cane Yozefu maze aragerageza incuro nyinshi kumuryosharyosha ngo baryamane. Buri gihe yaba abimusavye, Yozefu yaramwankira. Amaherezo, yarashavuriye cane Yozefu aca amwagiriza ko yashatse kumufata ku nguvu. (Soma Itanguriro 39:14, 15.) Potifari avyumvise, yaciye ata Yozefu mw’ibohero amarayo imyaka itari mike. (Ita. 39:19, 20) None iryo bohero ryari rimeze gute? Ijambo ry’igiheburayo Yozefu yakoresheje mu kuvuga ngo “ibohero” rishobora gusigura ngo “itangi” canke “icobo,” ivyo bikaba vyerekana ko yari abohewe ahantu h’umwiza kandi ko yari yihebuye. (Ita. 40:15) Vyongeye, Bibiliya yerekana ko amaguru ya Yozefu yamaze igihe kanaka abohewe mu mapingu, izosi ryiwe na ryo riri mu vyuma. (Zab. 105:17, 18) Ivya Yozefu vyari vyunyutse. Uwahora ari umushumba yizigirwa yari asigaye ari imbohe isuzuguritse.

8. N’igihe ingorane turimwo yokwunyuka, ni igiki twokwemera tudakeka?

8 Woba warashikiwe n’ingorane itesha umutwe maze ikagenda irunyuka naho waguma usenga cane? Ivyo birashobora gushika. Yehova ntadukingira ngo ntidushikirwe n’ingorane muri iyi si ya Shetani. (1 Yoh. 5:19) Ariko rero ico wokwemera udakeka ni iki: Yehova arazi neza ibiriko biragushikira kandi arakubabaye. (Mat. 10:29-31; 1 Pet. 5:6, 7) Vyongeye, yasezeranye ati: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” (Heb. 13:5) Yehova arashobora kugufasha kwihangana, mbere naho woba uri mu mwiheburo. Reka turabe ingene ivyo yabigiriye Yozefu.

Yehova yari kumwe na Yozefu mbere n’igihe yari mw’ibohero, agashingwa kugaba izindi mbohe zose (Raba ingingo ya 9)

9. Ni igiki cerekana ko Yehova yari kumwe na Yozefu igihe yari mw’ibohero? (Itanguriro 39:21-23)

9 Soma Itanguriro 39:21-23. No muri ico gihe kigoye cane Yozefu yarimwo, Yehova yaratumye aroranirwa. Uti gute? Umukuru w’ibohero yahavuye yizigira Yozefu, nk’uko nyene Potifari yari yaramwizigiye. Bidatevye, yaciye amuzeza izindi mbohe. Nkako, Bibiliya ivuga ko “uwo mukozi mukuru w’inzu y’ibohero [ata] kintu na kimwe cari mu kuboko kwa Yozefu yasuzuma.” Yozefu yari aronse ico yokora. Umve nawe iryo hinduka ridasanzwe! None vyagenze gute ngo imbohe yari yagirijwe kugerageza gufata ku nguvu umugore w’umutegetsi wo ku kirimba ngo ishingwe ibanga nk’iryo? Inyishu iratomoye. Mw’Itanguriro 39:23 hagira hati: “Yehova yari kumwe na Yozefu kandi ico yakora Yehova agatuma kiroranirwa.”

10. Sigura igituma Yozefu ashobora kuba atabona ko ariko araroranirwa muri vyose.

10 Subira ugerageze kwishira mu kibanza ca Yozefu. Inyuma y’aho abeshewe maze agatabwa mw’ibohero, wibaza ko yabona ko yariko araroranirwa muri vyose? Ni igiki Yozefu yipfuza kuruta ibindi vyose? Kwoba kwari ugutoneshwa n’uwo mukuru w’ibohero? Birashoboka cane ko Yozefu yipfuza ko yambikwa izera maze akarekurwa. Mbere yarasavye iyindi mbohe yari igiye kurekurwa ko yomuvugira kwa Farawo, kugira ngo akurwe muri ukwo kuzimu kw’ibohero. (Ita. 40:14) Ariko rero iyo mbohe ntiyashotse imuvugira kwa Farawo. Ivyo vyatumye Yozefu amara iyindi myaka ibiri muri iryo bohero. (Ita. 40:23; 41:1, 14) Naho ari ukwo, Yehova yarabandanije gutuma Yozefu aguma aroranirwa. Uti gute?

11. Ni ububasha budasanzwe ubuhe Yehova yahaye Yozefu, kandi ivyo vyafashije gute mu gushitsa umugambi wa Yehova?

11 Igihe Yozefu yari mw’ibohero, Yehova yaratumye umwami wa Misiri arota indoto zibiri zamubujije amahoro. Farawo yaripfuza cane kumenya ico izo ndoto zasobanura. Igihe yamenya ko Yozefu yari ashoboye gusobanura indoto, yaciye amutumako. Yozefu abifashijwemwo na Yehova, yarasobanuye izo ndoto yongera atuma Farawo atangazwa n’impanuro yari amuhaye. Farawo abonye ko Yehova yari kumwe na Yozefu, yaciye azeza uwo musore ibanga ryo kugaba ububiko bw’ibifungurwa mu gihugu cose ca Misiri. (Ita. 41:38, 41-44) Mu nyuma, harateye inzara ikomeye mu Misiri no mu gihugu ca Kanani, aho umuryango wa Yozefu waba. Ico gihe Yozefu yari ashoboye gukiza umuryango wiwe, gutyo agakingira abokomotsemwo Mesiya.

12. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yatumye Yozefu aroranirwa?

12 Zirikana ku bintu bitangaje vyabaye mu buzima bwa Yozefu. Ni nde yatumye Potifari yitaho cane Yozefu, uwari umushumba asanzwe? Ni nde yatumye umukuru w’ibohero agirira ubutoni Yozefu, uwari imbohe ata co imaze? Ni nde yatumye Farawo arota indoto zimubuza amahoro akongera agaha Yozefu ububasha bwo kuzisobanura? Ni nde yatumye Yozefu azezwa ibanga ryo kuba umukuru ahagarikira ububiko bw’ibifungurwa mu Misiri? (Ita. 45:5) Biragaragara ko Yehova ari we yatuma Yozefu aroranirwa mu vyo yakora vyose. Umugambi mubi benewabo na Yozefu bari bafise, Yehova yahavuye awuhinduramwo akaryo ko gushitsa ivyo agomba.

INGENE YEHOVA ATUMA URORANIRWA

13. Yehova yoba ahaseruka mu bintu vyose bidushikira? Sigura.

13 Ni icigwa ikihe none dukura kuri iyo nkuru ya Yozefu? Yehova yoba aca ahaseruka mu bintu vyose bidushikira? Yoba ayobora ibintu vyose biba mu buzima bwacu, ku buryo ibibi vyose bidushikira biba bifise iciza bigomba gushikako? Habe namba. Bibiliya ntishigikira ico ciyumviro. (Umus. 8:9; 9:11) Ariko ico tuzi coco ni iki: Iyo dushikiwe n’ingorane Yehova aba abibona, kandi arumva ugutabaza kwacu. (Zab. 34:15; 55:22; Yes. 59:1) N’ikiruta vyose, Yehova arashobora kudufasha kwihanganira izo ngorane. Uti gute?

14. Yehova adufasha gute mu bihe bitoroshe?

14 Uburyo bumwe Yehova adufasha ni mu kuturonsa indemesho, akenshi ku gihe nyene tuba tuzikeneye. (2 Kor. 1:3, 4) Ivyo nyene ni vyo yagiriye umuvukanyi umwe yitwa Eziz wo muri Tirkimenistani, uwari yaciriwe gupfungwa imyaka ibiri azira ukwizera kwiwe. Eziz avuga ati: “Mu gitondo c’umusi naciriweko urubanza, hari umuvukanyi yanyeretse Yesaya 30:15, ahagira hati: ‘Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.’ Buri musi, ico canditswe caramfasha kuguma ntekanye no kwiheka kuri Yehova muri vyose. Kuzirikana kuri ico canditswe vyaramfashije mu gihe cose namaze mw’ibohero.” Woba nawe wibuka igihe Yehova yagufashije mu buzima bwawe, mu kukuronsa indemesho igihe wari uzikeneye cane?

15-16. Ivyashikiye Tori bikwigisha iki?

15 Akenshi, iyo dutereje amaso inyuma ku ngorane twaciyemwo ni ho tubona ingene Yehova yadufashije kuyihanganira. Mushiki wacu umwe yitwa Tori yariboneye ko ukwo ari ukuri. Agahungu kiwe kitwa Mason karamaze imyaka itandatu karwaye kanseri gushika igahitanye. Birumvikana ko Tori yavunitse umutima cane. Avuga ati: “Jewe nk’umuvyeyi, simbona ikindi kintu cari kuntera intuntu nk’ico.” Yongerako ati: “Ndazi neza ko n’abandi bavyeyi bovuga ko botuma babona ari bo bababara, hako babona umwana wabo ababara.”

16 Naho Tori yagize intuntu ikomeye igihe yabura umwana, mu nyuma yarazirikanye ingene Yehova yamufashije mu buryo butandukanye. Tori avuga ati: “Ntereje amaso inyuma, ndabona ingene Yehova yamfashije igihe cose akana kanje kari karwaye. Nk’akarorero, n’igihe Mason yaremba ku buryo atashobora kubona abaza kuturaba, abavukanyi na bashiki bacu baragira urugendo rw’amasaha abiri n’imodoka baje ku bitaro kuturaba. Nta musi n’umwe twabura umuntu yaba yaje kudufasha. Vyongeye, twararonka ivya nkenerwa vyose. Mbere n’igihe ibintu vyaba bigoye cane, nta kintu na kimwe twabura.” Yehova yararonkeje Tori ivyo yari akeneye vyose kugira yihangane, eka mbere n’umwana wiwe Mason.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yehova yaraturonkeje ivyo twari dukeneye nyene.”

NUGUME WIBUKA IVYIZA WIRONKEYE

17-18. Ni ibiki bizodufasha kwemera no gukenguruka ko Yehova ariko aradufasha mu bihe vy’ingorane? (Zaburi 40:5)

17 Soma Zaburi 40:5. Hari abantu baduga umusozi bafise intumbero yo gushika kw’isonga ryawo. Ariko rero, muri urwo rugendo barahagarara ahantu hatandukanye kugira ngo baratire ijisho ivyiza bibakikije. Muri ubwo buryo nyene, nuze urafata akanya uzirikane ingene Yehova ariko aratuma uroranirwa, mbere naho woba ukiri mu ngorane. Umusi urangiye, niwibaze uti: ‘Yehova yampezagiye gute uyu musi? Naho nkiri mu ngorane, Yehova yamfashije gute kuyihanganira?’ Nurabe nimba wobona n’imiburiburi iciza kimwe Yehova yagukoreye kugira ngo agufashe.

18 Ego ni ko, twoshobora kuba turiko turasenga dusaba ko ingorane turimwo yohera. Ni vyiza kandi birumvikana. (Flp. 4:6) Ariko rero, turakwiye no kubona ivyiza twifitiye ubu. Kanatsinda, Yehova adusezeranira kuduha inkomezi no kudufasha kwihangana. Niwame rero ukenguruka kubona Yehova ariko aragushigikira. Ivyo bizotuma ubona ingene Yehova ariko aragufasha kuroranirwa mbere no mu bihe vy’ingorane, nka kumwe nyene yafasha Yozefu.—Ita. 41:51, 52.

URURIRIMBO RWA 32 Ja ku ruhande rwa Yehova!

a Igihe turi mu ngorane itoroshe, biragoye kubona ko turiko turaroranirwa. Ahubwo twokwiyumvira ko turoraniwe igihe gusa iyo ngorane yoba yaheze. Ariko rero ivyashikiye Yozefu, biratwigisha iki cigwa gihambaye: Yehova arashobora kudufasha kuroranirwa n’igihe nyene twoba tukiri muri izo ngorane. Ivyo nyene ni vyo tugiye kubona muri iki kiganiro.

b Naho ayo mahinduka yashikiye Yozefu akiba umushumba Bibiliya iyavuga mu mirongo mikeyi gusa, ashobora kuba yarafashe imyaka itari mike.