Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 32

Ja ku ruhande rwa Yehova!

Select an Audio Recording
Ja ku ruhande rwa Yehova!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Kuvayo 32:26)

  1. 1. Kera Babiloni yatunywesha

    Inyigisho zayo z’ukubesha.

    Es’akanyamuneza twagize

    Ubwami tubwumvise.

    (ICITABIRIZO)

    Ja kuri Yehova ata guteba.

    Numushigikire, ntazoguheba.

    Vuga ka gakuru k’ivyateguwe

    N’Ubwami bwa Kristu yarobanuwe.

  2. 2. Ku ruhande rw’Imana y’ukuri

    No ku Bwami, twebwe ni ho turi.

    Guhitamw’ubu ni co twokora,

    Kukw’ejo vyotugora.

    (ICITABIRIZO)

    Ja kuri Yehova ata guteba.

    Numushigikire, ntazoguheba.

    Vuga ka gakuru k’ivyateguwe

    N’Ubwami bwa Kristu yarobanuwe.

  3. 3. Shetani nta kint’azotugira

    Kuko Yehov’azodukingira.

    Nah’abansi boduter’ubwoba

    Iman’iratubona.

    (ICITABIRIZO)

    Ja kuri Yehova ata guteba.

    Numushigikire, ntazoguheba.

    Vuga ka gakuru k’ivyateguwe

    N’Ubwami bwa Kristu yarobanuwe.