Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Imigani 16:3: «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»

Imigani 16:3: «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»

 «Nuragize Yehova ivyo ukora vyose, maze imigambi yawe izororanirwa.»​—Imigani 16:3, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe, imigambi yawe izoheza irame.»​—Imigani 16:3, Bibiliya Nyeranda.

Ico mu Migani 16:3 hasobanura

 Uyu mugani urahumuriza abasenga Imana y’ukuri yuko imigambi yabo izororanirwa nibayizigira mu kurondera impanuro itanga maze bakazikurikiza.

 «Nuragize Yehova ivyo ukora vyose.» Imbere yo gufata ingingo, abasavyi ba Yehova a bararondera impanuro atanga bicishije bugufi. (Yakobo 1:5) Kubera iki? Ubwa mbere, akenshi abantu usanga badafise ububasha ku bintu bibashikira mu buzima. (Umusiguzi 9:11; Yakobo 4:13-15) Vyongeye, hari igihe usanga badafise ubukerebutsi bwo gukora ivyo bipfuza. Ni co gituma benshi bitura Imana, bakayibwira ibibazo vyabo. Ivyo babigira mu kuyisaba impanuro no mu gukora bahuza n’ivyo igomba biboneka mw’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Imigani 3:5, 6; 2 Timoteyo 3:16, 17.

 Imvugo ngo «shikiriza Umukama b ibikorwa vyawe» ijambo ku rindi isobanura «guha Umukama ibikorwa vyawe.» Igitabu kimwe cavuze ko ayo majambo yerekeza ku «muntu aha umuzigo yari yikoreye uwundi muntu akomeye kumusumba kandi ashoboye kuwikorera.» Abicisha bugufi bakizigira Imana barashobora kwemera badakeka ko izobafasha ikongera ikabashigikira.​—Zaburi 37:5; 55:22.

 Imvugo ngo «ibikorwa vyawe» ntisobanura ko Imana izokwemera canke ngo ihezagire imigambi yose y’abantu. Kugira Yehova abahezagire, imigambi yabo ikwiye kuba ihuye n’ingingo ngenderwako ziwe hamwe n’ukugomba kwiwe. (Zaburi 127:1; 1 Yohani 5:14) Imana ntihezagira abantu bagambarara. Nk’ako «[iraburabuza] imigambi y’ababisha.» (Zaburi 146:9) Mugabo, irashigikira abayiyobokera mu kugamburuka ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya.​—Zaburi 37:23.

 «Imigambi yawe izororanirwa.» Bibiliya zimwezimwe zihindura iyi mvugo ngo «imigambi yawe izoheza irame.» Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ibisanzwe vyitwa Ubwuzure bwa kera, ijambo ryahinduwe mu congereza ngo «kurama» ritanga iciyumviro co gushinga umushinge kandi akenshi ryerekeza ku kuba ibintu Imana yaremye vyamaho. (Imigani 3:19; Yeremiya 10:12) Muri ubwo buryo, Imana izotuma imigambi y’abantu ibona ko bakora ibigororotse irama yongere ibafashe kubaho batekanye kandi bahimbawe.​—Zaburi 20:4; Imigani 12:3.

Amakikuro y’Imigani 16:3

 Uyo mugani wanditswe n’umwami Salomo, uwatunganije imigani myinshi iri muri ico gitabu. Bivuye ku bukerebutsi Imana yamuhaye, yarashoboye kuvuga imigani ibihumbi.​—1 Abami 4:29, 32; 10:23, 24.

 Mu kigabane ca 16, Salomo yarahayagije ubukerebutsi bw’Imana yongera arerekana ko Imana yanka abishira hejuru. (Imigani 16:1-5) Ico kigabane gica gifasha umusomyi gutahura ukuri dusanga mu gitabu c’Imigani, na kwo kukaba ari uko abantu bashobora kugira ubukerebutsi kandi bakaroranirwa igihe gusa bicishije bugufi bakongera bakareka Imana ikayobora imigambi yabo. (Imigani 16:3, 6-8, 18-23) Ukwo kuri kw’ishimikiro kurasubirwamwo kenshi muri Bibiliya.​—Zaburi 1:1-3; Yesaya 26:3; Yeremiya 17:7, 8; 1 Yohani 3:22.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’igitabu c’Imigani.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

b Mu ntangamarara ya Bibiliya Nyeranda havuga ko iyo Bibiliya ikoresha izina «Umukama» mu kibanza c’izina ry’Imana. Kugira umenye igituma gusubiriza izina ry’Imana ayandi mazina bishobora kuzazanira abantu basoma Bibiliya, nurabe ikiganiro co muri uru rukurikirane kivuga ngo «Yesaya 42:8: “Jewe nd’Uhoraho.”»