Zaburi 127:1-5

  • Imana itadufashije nta co twoshikako

    • «Yehova atubatse inzu» (1)

    • Abana ni ingabire Imana itanga (3)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Salomo. 127  Yehova atubatse inzu,abubatsi bayo baba bariko baruhira ubusa+. Yehova atarinze igisagara+,umunyezamu aba ateramiye ubusa.   Ni ivy’ubusa kubona muvyuka kare,mukarara kw’ijoro,mugakora mugatama murondera ibifungurwa,kuko abo akunda abaronsa ivyo bakeneye, akabaha n’agatiro+.   Abana* ni ingabire Yehova atanga+.Ibibondo* ni impera atanga+.   Abana umuntu avyaye akiri mutobameze nk’imyampi iri mu kuboko kw’umuntu w’intwari+.   Hahiriwe umuntu ayuzuza agasaho kiwe k’imyampi*+. Ntibazomaramara*,kuko bazovugana* n’abansi mw’irembo ry’igisagara.

Utujambo tw'epfo

Canke «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa vy’inda.»
Canke «ayuzuza umutana wiwe.»
Bashobora kuba ari abavyeyi.
Bashobora kuba ari abana.