Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yesaya 42:8: “Jewe nd’Uhoraho”

Yesaya 42:8: “Jewe nd’Uhoraho”

 “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje, eka sinzoha ishemezo ryanje ibishusho bibajwe.”​—Yesaya 42:8, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.”​—Yesaya 42:8, Bibiliya Yera.

Ico muri Yesaya 42:8 hasobanura

 Imana iratubwira izina ryayo ry’uruharo igaca yongerako ko icubahiro n’ishimwe vyayo itazobisangira n’ibigirwamana.

  Iryo zina ni yo ubwayo yaryihaye, rikaba rikunze guhindurwa mu kirundi ngo “Yehova.” a (Kuvayo 3:14, 15) Naho izina ry’uruharo ry’Imana ryaboneka nk’incuro 7.000 mw’Isezerano rya kera (iryanditswe mu giheburayo no mu giharameya), Bibiliya nyinshi zarisubirije n’izina ry’icubahiro “UHORAHO” canke “Umukama.” Akarorero kamwe ni ako muri Zaburi 110:1, aherekeza kuri Yehova na Yezu mu buryo menyeshakazoza. Ariko muri Bibiliya Nyeranda havuga hati: “Umukama [Yehova] yashikirije ijambo Umukama wanje [Yezu].” (Ivyakozwe 2:34-36) Bibiliya y’isi nshasha yaciye isubiza izina ry’Imana aho ryategerezwa kuja kugira ngo ntihabe ukwitiranya abo “Bakama” babiri. Ihavuga iti: “Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri: ‘Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe.’”

 Abahinga batari bake bemera ko izina ry’Imana risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Imana y’ukuri yonyene ni yo ibereye kwitwa iryo zina kubera ko ari yo yonyene ishobora guhinduka igikenewe cose canke gutuma ivyo yaremye bicika igikenewe cose kugira ishitse umugambi yishingiye.

 Kubera ko Yehova ari we yaturemye kandi akaba ari we Mana yonyene y’ukuri, ni we wenyene dukwiye kwihebera. Nta wundi muntu n’umwe canke ikindi kintu na kimwe dukwiye gusenga, harimwo ibigirwamana be n’ibishusho.​—Kuvayo 20:2-6; 34:14; 1 Yohani 5:21.

Amakikuro ya Yesaya 42:8

 Mu mirongo itangura muri Yesaya ikigabane ca 42, Yehova yaravuze ibijanye n’ibikorwa vy’“uwo [y]atoye.” Imana yavuze ko uwo musavyi wayo “azozana ubutungane ku mahanga.” (Yesaya 42:1) Ku bijanye n’uwo muhango, Imana yavuze iti: “Ndiko menyesha ibishasha. Imbere y’uko biseruka, ndabibumvisha.” (Yesaya 42:9) Ubwo buhanuzi bwerekeye ‘uwo Imana yatoye’ bwaserutse canke bwarangutse haciye imyaka amajana, igihe Mesiya ari we Kristu yaza kw’isi maze ararangura igikorwa ciwe.​—Matayo 3:16, 17; 12:15-21.

a Mu giheburayo, izina ry’Imana rigizwe n’indome zine, izikunze kwandikwa mu kirundi ngo YHWH. Bibiliya zimwezimwe zikunze guhindura izina ry’Imana ngo “Yahweh.” Wipfuza ayandi makuru, raba icigwa ca mbere mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana kivuga ngo “Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo.”