Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Ivyo Bibiliya itwigisha vyama biranga ubukerebutsi

Ivyo Bibiliya itwigisha vyama biranga ubukerebutsi

IYUMVIRE IKI KINTU: Uriko utemberera iratiro ry’ivya kera ryuzuye utugenegene dutandukanye. Twinshi muri two twaratobaguritse, turacuya twongera turaribwa n’imiswa. Hari n’utumaze gutakaza ibice binini vyatwo. Ariko rero, hari kamwe kameze neza bidasanzwe. Ibikagize vyose birakomeye hose, no mu tuntu dutoduto. Uciye ubaza uwugutembereza uti: “Aka koba ari ko gashasha muri twose?” Na we ati: “Eka data. Ahubwo ni ko ka kera kuruta utundi twose, kandi ntikarigera gasanurwa.” Uciye umubaza uti: “Ngira kabitswe ahantu kadakomakomwa?” Na we ati: “Uwokubesha. Aka ubona karahuye n’imiyaga be n’imvura, mbere n’inkozi z’ikibi nyinshi zaragerageje kukonona.” Ubwo ntiwoca utangara uti: “None ako kantu gakozwe mu ki?”

Bibiliya ni nk’ako kagenegene kadasanzwe. Ni igitabu ca kera kuruta ibindi nka vyose. Ego ni ko hariho ibindi bitabu vya kera. Ariko uko haca imyaka, vyinshi muri vyo usanga vyarononekaye, cokimwe n’utwo tugenegene twononekaye. Nko mu vya siyansi, nya bitabu biravuguruzwa n’ivyuburwa mu nyuma bishingiye ku bimenyamenya. Impanuro bitanga mu vy’amagara y’abantu akenshi zisa n’iziteye akaga aho kuba ngirakamaro. Ikindi na co, ivyandikano vyinshi vya kera usanga bisigaye ari udupandepande, ibice vyavyo bikaba vyaratakaye canke vyarononekaye.

Bibiliya yoyo si ukwo. Iramaze ibinjana birenga 35 itanguye kwandikwa, ariko nta co iraba. Naho yagabweko ibitero incuro n’izindi mu myaka amajana n’ayandi, igaturirwa, ikabuzwa kandi igatukwa, ivyo ivuga vyagumye bicika kw’icumu. Aho kuvuguruzwa n’ivyagiye biruburwa, Bibiliya ivuga vyinshi vyerekana ukubona kure gutangaje.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Yoba yarataye igihe canke ivuga ibintu imbere y’igihe?

 INGINGO NGENDERWAKO DUKENEYE UBU

Ariko wokwibaza uti: “Ivyo Bibiliya yigisha vyoba koko bihuje n’igihe tugezemwo?” Kugira uronke inyishu, niwibaze uti: “Ni ingorane zikomeye izihe zihanze abantu ubu? Ni izihe ziteye ubwoba kurusha izindi?” Kumbure uciye wibuka indwano, ugutosekara kw’ibidukikije, ubukozi bw’ikibi be n’ibiturire. Ubu na ho nurimbure ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya. Nuce rero wibaza uti: “None iyaba abantu bazisunga, ubwo isi ntiyorushiriza kuba ahantu heza?”

GUKUNDA AMAHORO

Bibiliya iti: “Hahiriwe indemeshamahoro, kuko bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” (Matayo 5:9) Yongerako iti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”​—Abaroma 12:18.

KUGIRA IMBABAZI NO KUBABARIRANIRA

Dusoma duti: “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi.” (Matayo 5:7) Tubwirwa kandi ngo: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova * yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”​—Abakolosayi 3:13.

KUTAVANGURA AMOKO

Bibiliya ivuga ko Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi.” (Ivyakozwe 17:26) Ivuga kandi ko “Imana itagira nkunzi,” ikongerako iti: “Mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

KUTONONA ISI

Dusoma duti: “Yehova Imana afata wa muntu, amushira muri nya murima wa Edeni kugira awurime no kugira awitwararike.” (Itanguriro 2:15) Dusoma kandi ko Imana igiye “guhonya abahonya isi.”​—Ivyahishuwe 11:18.

KWANKA UMWINA N’UBUSAMBANYI

Bibiliya iti: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Ivuga kandi ngo: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, nk’uko bibereye abantu beranda.”​—Abanyefeso 5:3.

KUBA INZIRABUGUNGE NO GUKUNDA IBIKORWA

Ivuga iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) “Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane.”​—Abanyefeso 4:28.

AKAMARO KO GUFASHA ABARI N’IVYO BAKENEYE

Bibiliya iti: “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye kuri bose.” (1 Abatesalonika 5:14) Ituremesha “kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo.”​—Yakobo 1:27.

Bibiliya ntidondagura gusa izo ngingo ngenderwako. Iratwereka n’ingene twoziha agaciro, tukazisunga no mu buzima bwa misi yose. None iyaba abantu benshi bisunga izo nyigisho tudondaguye, ntivyogize ikintu kinini bihinduye ku ngorane zihanze isi? Si ivy’imbeshere rero, ingingo  ngenderwako za Bibiliya ni ngirakamaro kandi zirakenewe ubu kuruta ikindi gihe cose! Ariko none, ivyo Bibiliya yigisha vyogufasha gute ubu?

INGENE IVYO BIBILIYA YIGISHA VYOGUFASHA UBU

Hari umuntu w’inkerebutsi yavuze ati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Ukwo none si ukuri? Icemeza ko umuntu afise ubukerebutsi ni ukuntu abaho abwisunga. Woshobora guca wibwira uti: “Nimba Bibiliya ari ngirakamaro koko, ntikwiye gutuma none nkora ibikorwa vyiza? Yomfasha gute mu ngorane zimpanze?” Rimbura aka karorero.

Delphine * yari abayeho neza afise n’akazi. Bukwi na bukwi yarahuye n’ivyago bikurikirana. Yarabuze umukobwa wiwe w’umuyabaga, aratandukana n’uwo bari bubakanye, ubukene na ngo natanzwe. Yigana ati: “Sinabona ico nari nkibereyeho. Ibaze nawe kubura agakobwa kanje n’inzu yanje, umugabo na we akanta! Wamengo nta co nkimaze. Nari ikiburirane, ata gatege namba, ata na kazoza.

Delphine ni ho yaza yatahura cane ukuri kw’amajambo agira ati: “Imisi y’imyaka yacu ni imyaka mirongo irindwi; kandi naho yoba imyaka mirongo umunani bivuye ku nkomezi zidasanzwe, nubundi  ibiyiranga ni ivyago n’ibibi gusa; kuko ihita ningoga, natwe tukaba tugurutse.”​—Zaburi 90:10.

Muri ivyo bihe bitoroshe, Delphine yahabonye Bibiliya, kandi yaramufashije bimwe bidasanzwe. Nk’uko ibiganiro bitatu bikurikira bivyerekana, hari n’abandi benshi babonye ko Bibiliya yabakoreye ibitangaza igihe bisunga impanuro itanga maze baratsinda ingorane bari bafise. Barabonye ko Bibiliya imeze nka ka kagenegene kavuzwe mu ntango. Nta ho ihuriye n’ibindi bitabu injojo bimara imyaka bigaca bita igihe. Vyoba none bitumwa n’uko ikozwe mu kintu kidasanzwe? Yoba vy’ukuri irimwo ivyiyumviro vy’Imana, atari ivy’abantu?​—1 Abatesalonika 2:13.

Kumbure na wewe uramaze kubona ko ubuzima ari bugufi be n’uko bwuzuye ingorane. None iyo urengewe n’ingorane, uronderera hehe uruhoza, indemesho be n’impanuro zo kwizigirwa?

Reka turimbure uburyo nyamukuru butatu Bibiliya ishobora kukubera ngirakamaro mu buzima. Irashobora kugufasha

  1. kwirinda ingorane aho bishoboka.

  2. gutorera umuti ingorane iyo zadutse.

  3. kwihanganira ingorane tudashobora gukuraho.

Ibiganiro bikurikira birarimbura ivyo bintu bitatu.

^ ing. 10 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.​—Zaburi 83:18.

^ ing. 24 Muri iki kiganiro no muri bitatu bikurikira, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.