Abami ba mbere 10:1-29

  • Umwamikazi w’i Sheba aza kuraba Salomo (1-13)

  • Ubutunzi bwinshi bwa Salomo (14-29)

10  Maze umwamikazi w’i Sheba aza kugeza Salomo n’ibibazo bigoye* kubera yumvise ukuntu Salomo ari rurangiranwa+, bigaha icubahiro izina rya Yehova+.  Ashika i Yeruzalemu aherekejwe n’abantu benshi cane+ n’ingamiya zitwaye amavuta amota neza*+, inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro. Yinjira aho Salomo ari, maze bayaga ivyari ku mutima wiwe vyose.  Salomo araheza amwishura ibibazo vyiwe vyose. Nta na kimwe umwami atashoboye kumusigurira*.  Umwamikazi w’i Sheba abonye ubukerebutsi* bwose bwa Salomo+, n’inzu yari yubatse+,  n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abantu biwe bicara ku meza, n’ukuntu abasuku biwe batanga ibifungurwa n’ingene baba bambaye, n’abasuku biwe batanga ibinyobwa, n’ibimazi biturirwa yama ashikana ku nzu ya Yehova, aca arumirwa biramurenga*.  Nuko abwira umwami ati: «Ivyo numvise mu gihugu canje ku bijanye n’ivyo wakoze* be n’ubukerebutsi bwawe kwari ukuri.  Mugabo sinavyemeye gushika ndahishikiye nkavyibonera. None nsanze ata n’igice cavyo bambwiye. Ndavye ubukerebutsi ufise n’ingene watunze ugatunganirwa, nsanze biruta kure n’iyo ivyo nari narumvise.  Abantu bawe n’abasuku bamana nawe barahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bwawe+.  Yehova Imana yawe nashemezwe+, we yagushimye akakwicarika ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli. Kubera ko Yehova akunda Abisirayeli urukundo rwamaho, yakugize umwami wabo ngo ubatware neza* wongere ubatunganirize.» 10  Maze aha umwami italanto* 120 z’inzahabu n’amavuta amota neza*+ menshi cane n’amabuye y’agaciro+. Nta wundi yongeye kuzana amavuta nk’ayo angana n’ayo umwamikazi w’i Sheba yahaye umwami Salomo. 11  Amato* ya Hiramu yava i Ofiri+, akaza azanye inzahabu n’ibiti vyinshi cane vyitwa alumugi*+ hamwe n’amabuye y’agaciro+. 12  Ivyo biti umwami yabikozemwo ibintu bishigikira inzu ya Yehova n’inzu* y’umwami, abikoramwo n’inanga n’ibicurarangisho vy’imirya vy’abaririmvyi+. Nta biti vya alumugi nk’ivyo vyongeye kuzanwa canke kuboneka gushika n’uyu musi. 13  Umwami Salomo na we aha umwamikazi w’i Sheba ikintu cose yipfuza n’ico yasavye cose. Aho ntituvuze ivyo umwami yamuhaye atarinze kumusaba*. Uwo mwamikazi araheza asubira mu gihugu ciwe ari kumwe n’abasuku biwe+. 14  Buri mwaka Salomo yaronka inzahabu zipima italanto 666+. 15  Aho ntidushizemwo ivyo abadandaza b’ingenzi bazana, n’inyungu yava mu bandi badandaza, n’ivyatangwa n’abami bose b’Abarabu na ba buramatari bo mu gihugu. 16  Umwami Salomo akora inkinzo zagutse 200 mu nzahabu ivanze+ (inkinzo imwe yose ijako shekeli* 600 z’inzahabu+). 17  Akora n’inkinzo ntonto* 300 mu nzahabu ivanze (inkinzo imwe yose ijako imina* zitatu z’inzahabu). Maze umwami abishira muri ya nyubakwa yitwa Inzu y’ikibira c’i Libani+. 18  Umwami akora intebe y’ubwami+ y’agatangaza akoresheje amasenge*, maze ayihomekako inzahabu ityoroye+. 19  Hariho ingazi y’intambuko zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, kandi ku mutwe wayo hari hihese nk’inkofero. Iyo ntebe yari ifise ahantu ho gushira amaboko ku mpande zayo zompi, hafi yaho hakaba hariho intare+ zibiri. 20  Irya n’ino ku mpera z’izo ntambuko zitandatu z’ingazi hariho intare 12, zitandatu ku ruhande rumwe, zitandatu ku rundi. Nta bundi bwami bwari bufise intebe nk’iyo. 21  Ivyo umwami Salomo yanyweramwo vyose vyari bikozwe mu nzahabu. Ivyombo vyose vyo muri ya Nzu y’ikibira c’i Libani+ na vyo vyari bikozwe mu nzahabu itavanze. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza. Mu gihe ca Salomo ifeza yabonwa ko ata co imaze+, 22  kuko umwami yari afise amato y’i Tarushishi+ yajana n’amato ya Hiramu. Rimwe mu myaka itatu, ayo mato y’i Tarushishi yaza yikoreye inzahabu, ifeza, amasenge+, inkende n’ibinyoni vyitwa tawusi*. 23  Umwami Salomo yarusha ubutunzi+ n’ubukerebutsi abandi bami bose bo kw’isi+. 24  Kandi abantu bo kw’isi yose bararondera ingene bobonana na Salomo kugira bumve ubukerebutsi Imana yamuhaye+. 25  Buri mwaka, umwe wese mu baza kumuraba yaza amuzaniye ingabire: ibintu vy’ifeza, ivy’inzahabu, impuzu, ibirwanisho, amavuta amota neza*, amafarasi n’indogobwa*. 26  Salomo aguma agwiza imikogote n’amafarasi*. Yari afise imikogote 1.400 n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 27  Umwami Salomo yatumye ifeza zigwira nk’amabuye i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 28  Amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri. Abadandaza b’umwami bagura ubusho bw’amafarasi* ku kiguzi cashinzwe+. 29  Umukogote uvuye mu Misiri wagurwa ifeza 600, ifarasi na yo ikagurwa 150. Baraheza bakabigurisha ku bami bose b’Abaheti+ n’abami ba Siriya.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubupfindo.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cari ikinyegezwa ku mwami.»
Canke «ubwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «impemu ziramuherana.»
Canke «ivyo wavuze.»
Canke «mu bugororotsi.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amavuta yo gusomora.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Ni igiti ciza bakoramwo ibintu vyiza cane.
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyo ukuboko kw’umwami Salomo kwamuhaye.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.
Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Ni ibinyoni bifise amabara meza cane vyo mu bwoko bw’inkware.
Canke «amavuta yo gusomora.»
Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Canke «abagendera ku mafarasi.»
Canke «abagendera ku mafarasi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri n’i Kuwe. Abadandaza b’umwami bayagura i Kuwe.» I Kuwe hashobora kuba hari i Silisiya.