Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yarigiye ku makosa yiwe

Yarigiye ku makosa yiwe

Niwigane ukwizera kwabo

Yarigiye ku makosa yiwe

IYO biba vyari ibishoboka, Yona yari kunumya urwamo rukomeye yariko arumva. Yona ntiyari abangamiwe gusa n’umuyaga ukaze wariko uhuhuta uca mu migozi yari ifashe ibintu bituma ubwato bugenda; vyongeye ntiyari abangamiwe n’imikuba imeze nk’imisozi yariko irasuriranya yiseka ku mpande z’ubwo bwato, bigatuma imbaho zibugize zose zizwiragira. Ahubwo riho, icari kirushirije kuba kibi kuri Yona rwari urwamo rwavuzwa n’abagendesha ubwo bwato, ni ukuvuga umukapitene be n’abo bakorana, igihe bariko barita ku rutare kugira ngo ntibwibire. Yona yari azi neza ko abo bantu bagira bapfe kandi ari we bazize!

None ni igiki cari catumye Yona ashikirwa n’amagorwa nk’ayo? Yari yakoze ikosa rikomeye mu bijanye n’ivyo Imana yiwe Yehova yari yamusavye. Uti none yari yakoze iki? Ubucuti yari afitaniye na Yehova bwoba bwari bwononekaye ubutakivayo? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kugira vyinshi zitwigishije. Nk’akarorero, inkuru ya Yona iradufasha kubona ingene n’abantu bafise ukwizera nyakuri bashobora gukora amakosa be n’ingene bashobora kwikosora.

Umuhanuzi yakomoka i Galilaya

Igihe abantu biyumviriye ivyerekeye umugabo Yona, akenshi basa n’abibanda kuri kamere mbi, nka ca gihe vyashika akagambarara canke mbere akaba uwudakurwa kw’ijambo. Ariko rero hariho n’ibindi vyinshi dukwiye kumenya kuri uwo mugabo. Niwibuke ko Yona yacaguwe kugira ngo asukure ari umuhanuzi wa Yehova Imana. Yehova ntiyari kumurobanura ku bw’ibanga riremereye nk’iryo iyo ataba ari umwizigirwa canke umugororotsi.

Mu 2 Abami 14:25, turahamenyera amakuru makeya ku bijanye na Yona. Yaturuka i Gati-heferi, kino kikaba cari igisagara kiri ku bilometero bine gusa uvuye i Nazareti aho Yezu Kristu yokuriye mu binjana nk’umunani vyokurikiye. a Yona yarasukuye ari umuhanuzi mu kiringo c’ingoma y’Umwami Yerobowamu wa kabiri yatwara bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Hari haciye imyaka itari mike Eliya apfuye; uwamusubiriye na we, ari we Elisha, yari yapfuye ku ngoma ya se wa Yerobowamu. Naho Yehova yari yarakoresheje abo bagabo kugira ngo barandurane n’imizi ivyo gusenga Bayali, Isirayeli yari yasubiye guta inzira n’ibigirankana. Muri ico gihe, igihugu caganzwa n’umwami yaguma “akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.” (2 Abami 14:24) Ni co gituma igikorwa ca Yona gishobora kuba kitari icoroshe canke igihimbaye. Yamara, yarakiranguye adahemuka.

Ariko rero umusi umwe, Yona yarabwirijwe gufata ingingo ikomeye. Yehova yaramushinze igikorwa we yabonye ko cari kigoye bimwe birengeje. None Yehova yari amusavye gukora iki?

“Va hasi uje i Ninewe”

Yehova yabariye Yona ati: “Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.” (Yona 1:2) Biroroshe kubona igituma ico gikorwa gishobora kuba casa n’igiteye ubwoba. Igisagara ca Ninewe cari ku bilometero bishika 800 werekeza mu Buseruko, rukaba rwari urugendo rw’amaguru rwoshoboye gufata ukwezi. Ariko rero, ingorane zo muri urwo rugendo zishobora kuba atari co kintu cari kigoye mu bijanye n’ico gikorwa. Yona ashitse i Ninewe, yategerezwa gushikiriza ubutumwa bujanye n’urubanza Yehova yari yaciriye Abashuri, bano bakaba bari barimonogoje mu vy’ubukazi mbere no mu vy’ubunyamaswa. None niba Yona yari amaze kubona abasavyi b’Imana ubwabo bitaho buhoro ubutumwa yashikiriza, mbega yoshoboye kwitega iki muri abo bapagani? Mbega umusavyi umwe wa Yehova vyomugendeye neza gute mu gisagara kinini Ninewe, icohavuye citwa “igisagara kivisha amaraso”?​—Nahumu 3:1, 7.

Ivyiyumviro nk’ivyo vyoshobora kuba ari vyo nyene vyavyutse muri Yona. Ntitubizi. Ico tuzi co ni uko yataye arahunga. Yehova yari yamutegetse kuja mu Buseruko; Yona we aca yerekeza mu Burengero, emwe mu Burengero bwa kure iyo bigwa. Yaciye amanuka ku nkengera, ashika ku kivuko co mu gisagara citwa Yopa aho yafashe ubwato yerekeza i Tarushishi. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Tarushishi yari muri Esupanye. Niba ari uko rero, Yona yariko yerekeza ku bilometelo bishika 3.500 uvuye i Ninewe. Urugendo nk’urwo, urwomushikanye ku mpera y’Ikiyaga Kinini, nk’uko Ikiyaga Mediterane citwa muri ico gihe, rushobora kuba rwari gufata umwaka wose! Emwe, ukwo ni ko Yona yari yiyemeje ashikamye guhunga igikorwa Yehova yari yamushinze!

Ivyo none vyoba bisobanura yuko dushobora gufata Yona nk’umunyabwoba? Ntidukwiye kwihutira cane kumucira urubanza. Nk’uko tuza kubibona, yari ashoboye kugaragaza umutima rugabo bimwe biboneka. Ariko rero, cokimwe na twebwe twese, Yona yari umuntu adatunganye yaguma anyinyana n’utunenge twinshi. (Zaburi 51:5) None ni nde muri twebwe atarigera yumva afise ubwoba?

Rimwe na rimwe, vyoshobora gusa nk’aho Imana idusaba gukora ibintu tubona ko umenga biragoye, mbere bitanashoboka. Twoshobora no kubona ko biteye ubwoba kwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana, nk’uko abakirisu basabwa kubigira. (Matayo 24:14) Biranoroshe cane ko twibagira uku kuri kwimbitse Yezu yavuze, ati: “Vyose bi[ra]shoboka ku Mana.” (Mariko 10:27) Nimba rimwe na rimwe bishika tukibagira ico kintu, kumbure turashobora guca dutahura ingorane Yona yagize. Ariko none, uguhunga kwa Yona kwavuyemwo ingaruka izihe?

Yehova atoza indero umuhanuzi wiwe yari yigize ikigaba

Turashobora kwiha ishusho Yona afashe ikibanza muri ubwo bwato, kumbure bukaba bwari ubwato amahero bwikorera imizigo bw’Abanyafenisiya. Yaritegereza igihe umukapitene be n’abo bakorana bariko baragerageza gukura ubwato bwabo ku kivuko kugira ngo bufate inzira bugende. Uko buhorobuhoro bigirwa kure y’inkengera gushika n’aho iba itakiboneka, Yona ashobora kuba yari yizigiye ko ashoboye guhunga ya ngorane yari yamuteye ubwoba cane. Ariko rero bukwi na bukwi, ikirere carahindutse.

Imiyaga ikaze yarasuriranije mu kiyaga gisigara giteye ubwoba bimwe bibi, cuzuramwo imikuba yoshobora kurengera mbere n’amato manini yo mu gihe ca none. None vyafashe umwanya ungana gute kugira ngo ubwo bwato bukozwe mu mbaho buse n’uburengewe bimwe bikomeye kandi buboneke nk’aho budakomeye na gato, muri ako gahinga ka nyaganande karangwamwo ibisebuzi bigereza nka hariya? Ico gihe, Yona yoba yari azi ivyo yahavuye yandika, yuko “Uhoraho [ari we yasutse] umuyaga ukomeye mu kiyaga”? Ntavyo twomenya. Ariko rero, yarabonye yuko abasozabwato batanguye gusemerera bahamagara imana zabo zitandukanye, kandi yari azi yuko izo mana ataco zari zishoboye kubafasha. Inkuru yiwe igira iti: “Ubwato bushaka kumeneka.” (Yona 1:4; Abalewi 19:4) Mbega none Yona yari gushobora gute gusenga ya Mana yariko arahunga?

Yona abonye ko ataco ashoboye gufasha, yaciye amanuka mu gice c’ubwo bwato co hasi yiryamirayo. Ntiyatevye kuja muri rinini. b Umukapitene yarabonye Yona, aramukangura, maze amuhimiriza gusenga imana yiwe, nk’uko abandi bose bariko barabigira. Kubera yuko ba basozabwato biyumvira badakeka ko hariho ikintu nsigabwenge kiri inyuma y’ico gihuhusi, baciye bagira ubupfindo kugira ngo barabe mu bantu bari mu bwato uwoba yatumye ico cago kiba. Ata gukeka, umutima wa Yona waradogombwe uko ubupfindo bwava kuri umwe buja ku wundi. Bidatevye, ukuri kwaragiye ahabona. Ico gihuhusi cokimwe n’ubwo bupfindo vyariko biratumwa na Yehova, avyerekeza ku muntu umwe, ari we Yona!​—Yona 1:5-7.

Yona yaciye yiganira vyose ba basozabwato. Yari umusuku w’Imana mushoboravyose Yehova. Iyo ni yo Mana yariko arahunga kandi yari yababaje, bica bituma bose baja muri ako kaga gakomeye. Abo bagabo barakubiswe n’inkuba, kandi na Yona abaravye yarabona ko batekewe n’ubwoba. Baciye bamubaza ico bomugirira kugira ngo bakize ubwato bongere barokore igufa. None yavuze iki? Yona ashobora kuba yarahinze agashitsi yibaza ukuntu ubwiwe aza gusoma nturi muri ico kiyaga cari gikanye kandi cavurunganye. Ariko none ni kubera iki yotumye abo bagabo bose bapfa urupfu nk’urwo kandi yari azi yuko ashoboye kubarokora? Ku bw’ivyo, yavuze ati: “Ni munterure, munte mu kiyaga, ni ho ikiyaga cobabera agahwekere; kuko nzi yukw iki gihuhuta c’inkomezi kibahōra jewe.”​—Yona 1:12.

Ayo majambo yoba none yoshobora kuvugwa n’umunyabwoba ga yemwe? Kubona ubutwari be n’agatima ko kwihebera abandi Yona yagaragaje muri ico gihe kitoroshe bitegerezwa kuba vyaranezereje umutima wa Yehova. Aha rero duca tubona ukwizera gukomeye Yona yari afise. Turashobora kukwigana muri kino gihe mu gushira ineza y’abandi imbere y’iyacu bwite. (Yohani 13:34, 35) Igihe tubonye umuntu ari n’ivyo akeneye, haba mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo canke mu bijanye n’ivy’Imana, twoba twitanga kugira ngo tugire ico dufashije? Ese ingene duhimbara Yehova igihe tubigenjeje gutyo!

Kumbure ba basozabwato na bo nyene barakozwe ku mutima, kuko babanje kwanka ivyo Yona ababwiye. Ahubwo, barakoze uko bashoboye kugira ngo barabe ukuntu bokwirwanako muri ico gihuhusi, ariko birabata ku w’amazi. Igihuhusi caguma nyabuna kibica bigacika. Amaherezo, babonye ata kundi bari bugire. Baratakambiye Imana ya Yona ari yo Yehova ngo ibagirire imbabazi, baca baraterura uwo mugabo bamucisha ku ruhande maze bamuterera mu kiyaga.​—Yona 1:13-15.

Yona agirirwa imbabazi akongera akarokorwa

Yona yatibukiye mu mikuba iriko irasuriranya. Kumbure yarirwaniye ngo arabe ko yoguma areremba gatoya hejuru ku mazi, maze ari mu ruvange rw’ifuro be n’amazi asebagirika, abona bwa bwato buriko buragenda bwihuta. Ariko rero, vya bisebuzi vy’inguvu nyinshi vyaciye bimwubikira maze biramuzikiranya. Yagumye arushiriza kwibira, abona ko ivyiwe vyose birangiye.

Mu nyuma, Yona yaradondoye ukuntu yumvise amerewe muri ico gihe. Mu muzirikanyi wiwe haranyuragiranye ibintu bitandukanye. Yariyumviriye n’umubabaro mwinshi ko atokwigeze asubira kubona ingoro ya Yehova iteye igomwe yari i Yeruzalemu. Yumva umengo ariko aramanuka kure i bwina mu nda y’ikiyaga, hafi y’aho imisozi itangurira, aho ibirandaranda vyo mu kiyaga vyari vyamwizingiriyeko. Vyasa n’uko aho hantu ari ho hobaye urwobo rwiwe, ni ukuvuga imva yiwe.​—Yona 2:2-6.

Ariko, ihorere gatoyi! Hari ikintu cariko kiratembera muri iyo micungararo, kikaba cari ikintu amahanga, cirabura, c’ikinyabuzima. Caciye cegereza, gitumbera iyo ari kinyaruka. Carasamitse ikinwa caco kingana amahero kiri imbere yiwe, kiramurotsa, kiramumira!

Ubu hoho ngira ngo karabaye! Ariko rero, Yona yarashikiwe n’ikintu c’akumiza. Yari akidora! Ico gifi nticigeze kimuhekenya, canke ngo umushishito waco umusye, canke mbere ngo yicwe no kubura impemu. Eka yari akiri muzima, naho yari mu cari kuba neza na neza imva yiwe. Bukebuke, Yona yararengewe n’ugutangara. Ata gukeka, Imana yiwe Yehova ni yo yari “[yageze] urufi runini ngo rumire Yona.” c​—Yona 1:17.

Haraciye iminuta, eka n’amasaha arigorora. Aho muri uwo mwiza w’umuzitanya Yona atari bwigere abona, yaraharonkeye akanya ko kuzirikana maze arasenga Yehova Imana. Isengesho ryiwe, iryanditswe ryose mu kigabane ca kabiri c’igitabu ca Yona, riraduhishurira ibintu bitari bike. Rirerekana yuko Yona yari afise ubumenyi bwo mu Vyanditswe bugera kure, kubera yuko akatari gake ryerekeza ku mazaburi. Riragaragaza kandi kamere imwe y’inkoramutima, ari yo y’ugukenguruka. Yona yarangije avuga ati: “Jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.”​—Yona 2:9.

Yona yaratahuye yuko agakiza ari ikintu Yehova ashobora kuronsa umuntu uwo ari we wese, aho aba ari hose n’igihe ico ari co cose. Mbere no “mu nda y’urufi,” Yehova yarabonye umusavyi wiwe yari mu ngorane yongera aramukiza. (Yona 1:17) Yehova wenyene ni we yari ashoboye kuzigama umuntu imisi itatu n’amajoro atatu ari mu nda y’urufi amahero, akaguma ari muzima kandi adora. Ni vyiza ko muri iki gihe twibuka yuko Yehova ari “Imana Rurema ifise impwemu za[cu] mu kuboko kwayo.” (Daniyeli 5:23) Ukuba duhema, ukuba turiho, nta wundi tubikesha atari we. None twoba dukenguruka? Ubwo none, ntidukwiye kwubaha Yehova?

Tuvuge iki ku vyerekeye Yona? Yoba yarize gukengurukira Yehova biciye ku kugamburuka? Ego cane. Inyuma y’imisi itatu n’amajoro atatu, rwa rufi rwarazanye Yona ku nkengera maze “rudahwa Yona i musozi.” (Yona 2:10) Ibaze nawe: inyuma y’ivyo vyose, Yona ntivyabaye ngombwa ko arinda kwoga kugira ngo ashike i musozi! Ego ni ko, yari akeneye kurondera ahantu aho ari ho hose yari kuronka inzira yomukuye kuri iyo nkengera y’ikiyaga. Ariko rero ata n’akanya kanini karahaca, agatima kiwe ko gukenguruka karageragejwe. Muri Yona 3:1, 2, hagira hati: “Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira, riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.” None Yona yari gukora iki?

Yona ntiyagonanywe. Dusoma duti: “Nuko Yona ava hasi aja i Ninewe, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho rivuze.” (Yona 3:3) Egome, yaragamburutse. Biragaragara ko yigiye ku makosa yiwe. No muri ivyo, turakeneye kwigana ukwizera kwa Yona. Twese turacumura; twese turakora amakosa. (Abaroma 3:23) Ariko none, twoba duca dutana n’akabando, canke duca twigira ku makosa yacu maze tugahindura ingendo, tugasubira gusukurira Imana tubigiranye ukugamburuka?

Hari impera Yehova yoba yarahaye Yona kubera ukugamburuka kwiwe? Ego cane, yarayimuhaye. Kimwe coco, biboneka ko Yona yahavuye amenya ko ba basozabwato barokotse. Yona amaze kwemera gutabwa mu kiyaga, ca gihuhusi caciye ubwo nyene gihagarara, ba basozabwato na bo “baca batinya Uhoraho bihebuje” bongera bamuha ikimazi aho kugiha za mana zabo z’ikinyoma.​—Yona 1:15, 16.

Impera inahambaye kuruta yarabonetse haciye igihe kitari gito. Yezu yaravuze ivy’igihe Yona yamaze ari mu nda ya rwa rufi mu kwerekana imbere y’igihe imisi we ubwiwe yomaze mu mva, canke muri Sheoli. (Matayo 12:38-40) Ese ingene Yona azonezerwa niyamenya ivy’uwo muhezagiro igihe azozurirwa kuba hano kw’isi! (Yohani 5:28, 29) Na wewe nyene Yehova yipfuza kuguhezagira. Woba uzokwigira ku makosa yawe nk’uko Yona yabigize, maze ukagaragaza agatima ko kugamburuka kandi kazira ubwikunzi?

[Utujambo tw’epfo]

a Kuba Yona yakomoka mu gisagara c’i Galilaya biri n’ico bivuze kubera yuko Abafarizayo bavuze ivyerekeye Yezu n’ubwibone n’akantu bati: “Sesangura urabe yuko hari umuhanuzi yohagurukijwe i Galilaya.” (Yohani 7:52) Abahinduzi n’abashakashatsi benshi batanga iciyumviro c’uko Abafarizayo bariko bafatira mu kivunga, bavuga yuko ata muhanuzi yoba yarigeze guhagurutswa canke yoshobora guhagurutswa i Galilaya, ahari hasanzwe hatazwi cane. Niba ari ukwo biri, abo bagabo bariko bariyobagiza ivya kahise hamwe n’ubuhanuzi.​—Yesaya 9:1, 2.

b Bibiliya yitwa Septante irashimika ku kuntu itiro rya Yona ryari rikaze mu kwongerako yuko yagonye. Yamara rero, aho kwemeza yuko iryo tiro rya Yona ryerekana yuko ataco yari yitwararitse, twokwibuka yuko agatiro rimwe na rimwe gakunze kwiba abantu baba bacitse intege cane. Mu gihe Yezu yari n’intuntu nyinshi mw’itongo ry’i Getsemane, Petero, Yakobo na Yohani “bariko barahunikira kubera intuntu.”​—Luka 22:45.

c Igihe ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “urufi” ryahindurwa mu kigiriki, hakoreshejwe imvugo ngo “igikoko kinini amahero co mu kiyaga,” canke ngo “urufi amahero.” Naho ata buryo buriho bwofasha umuntu kumenya neza na neza ubwoko bw’ico kinyabuzima co mu mazi kivugwa ubwo ari bwo, biramaze kubonwa ko muri Mediterane hariyo ibimizi binini ku buryo bishobora kurotsa umuntu uko yakabaye. Mu yindi mihingo, hariho ibimizi bisumba ivyo kure n’iyo; ikimizi citwa requin-baleine kirashobora gushikira uburebure bwa metero 15, bikaba bishoboka ko kinazirenza!

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 29]

Igitabu ca Yona gihangana n’abakinegura

▪ Mbega ibintu bivugwa mu gitabu co muri Bibiliya ca Yona vyoba vyarabaye vy’ukuri? Kuva mu bihe vya kera, ico gitabu camye kinegurwa. Muri iki gihe, aho usanga incabwenge nyinshi zigira ubushakashatsi ku nkuru zivugwa muri Bibiliya mu ntumbero yo kuzitora amahinyu, ico gitabu akenshi kiratyozwa, kigafatwa nk’ikivuga inkuru z’ibitito canke ibintu bitabayeho. Umwanditsi umwe wo mu kinjana ca 19 yaravuze ukuntu umukuru w’idini umwe yasobanuye inkuru yerekeye Yona na ca gifi amahero nk’aho yoba ari imvugo ngereranyo igoye gutahura, ati: Yona yagiye kumara imisi mw’ihoteli imwe y’i Yopa yitwa ngo Ikimizi. Amahera yo kuriha amaze kumuherana, nyene inzu yaciye amuta hanze. Ukwo ni ko Yona ngo yoba yaramizwe n’ikimizi mu nyuma na ho ngo kiramudahwa! Emwe incabwenge zirondera gutora amahinyu Bibiliya, zisa n’iziyemeje kuyongobeza Yona kugira ngo zimuzimanganye kuruta uko ca gifi amahero cashaka kumuzimanganya!

Ni kubera iki abantu benshi batemera ico gitabu co muri Bibiliya? Ni uko kidondora ibintu vy’ibitangaro. Ku bijanye n’inkuru zivuga ibitangaro, biboneka ko nyinshi muri za ncabwenge zamaze kwishiramwo iki ciyumviro kidahinduka kigira giti: Mwene ivyo bintu ntibishoboka. Ariko none kubona ibintu muri mwene ubwo buryo vyoba vy’ukuri bitegereka? Niwibaze uti: ‘Noba nemera iryungane ritangura muri Bibiliya?’ Rivuga riti: “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Abantu amamiliyoni bafise ugutahura bo hirya no hino kw’isi baremera ukwo kuri kworoshe babigiranye ubukerebutsi. Ariko rero mu buryo bunaka, iryo ryungane ritekeye iciyumviro gihambaye cane kuruta ikiri mu bitangaro ivyo ari vyo vyose bidondorwa mu nyuma muri Bibiliya.

Rimbura iki kintu: Mbega ni ibintu ibihe bivugwa mu gitabu ca Yona vyonanira Umwe yarema ijuru amahero ryuzuye inyenyeri be n’ibintu vyose bisiga ubwenge bifise ubuzima biri kw’isi? Kwoba ari ugutuma haba igihuhusi? Gutuma igifi amahero kimira umuntu? Canke gutuma ico gifi kiruka uwo muntu? Kuri Umwe afise ububasha butagira urugero, ibintu mwene ivyo ntibigoye na gato.​—Yesaya 40:26.

N’igihe mbere ata bubasha bw’Imana buba burinze kugira ico bukoze, rimwe na rimwe haraba ibintu bitangaje. Nk’akarorero, bivugwa ko mu 1758 hari umusozabwato yakorotse avuye mu bwato bwiwe akorokera mu Kiyaga Mediterane, maze amirwa n’ikimizi. Yamara rero, ico kimizi barakirashe n’igikoho ca rutura. Ico gifi barakigemye gica kiraruka wa musozabwato, uno akaba yaje ari muzima ata n’ico yabaye. Niba ivyo ari ivy’ukuri, twovuga ko iyo nkuru idasanzwe, mbere ko itangaje, mugabo si igitangaro. None Imana ntishoboye gukoresha ububasha bwayo kugira ngo ikore n’ibiruta ivyo?

Abantu bakekeranya barongera bagaharira bashimitse yuko ata muntu yomara imisi itatu mu nda y’ifi ngo agende atishwe n’ukubura impemu. Yamara rero, abantu baraciye ubwenge bihagije ku buryo batoye uburyo bwo gutekera impemu kugira ngo bazikoreshe mu guhema bari munsi y’amazi mu mwanya muremure. None Imana yoba itari ishoboye gukoresha ububasha bwayo bukomeye bimwe bihebuje be n’ubukerebutsi bwayo kugira ngo itume Yona abandanya kubaho no guhema mu misi itatu? Nk’uko umwe mu bamarayika ba Yehova yabibwiye Mariya nyina wa Yezu, “ku Mana [n]ta jambo na rimwe rizoba akadashoboka.”​—Luka 1:37.

Ni ikindi kintu ikihe cerekana ko igitabu ca Yona ari inkuru itarimwo amakosa? Ukuntu Yona adondora bwa bwato n’ababusoza abivuga ido n’ido kandi mu buryo butahurika. Muri Yona 1:5, turabona ba basozabwato bata ibintu vyari mu bwato kugira ngo baburemurure. Nk’uko vyerekanwa n’abatohozakahise ba kera hamwe mbere n’amategeko y’Abarabi, ico cari ikintu cakunda kugirwa igihe ikirere caba kibaye nabi. Ukuntu mu nyuma Yona yadondoye igisagara ca Ninewe na vyo nyene birahuza n’ibimenyamenya bijanye na kahise be n’ubucukuzi. Ariko rero ikiruta vyose, Yezu Kristu yarerekeje kuri ukwo kuntu Yona yamaze imisi itatu mu nda y’urufi amahero mu kwerekana ko bigereranya mu buryo menyeshakazoza igihe we ubwiwe yomaze mu mva. (Matayo 12:38-40) Intahe Yezu yashinze iremeza yuko inkuru ya Yona ari iy’ukuri.

“Ku Mana [n]ta jambo na rimwe rizoba akadashoboka.”​—LUKA 1:37

[Ifoto ku rup. 26]

Kubera ko Yona yari abisavye, ba basozabwato baramuteruye maze bamuterera mu kiyaga