Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yonyene ni yo ishobora kurokora isi

Imana yonyene ni yo ishobora kurokora isi

Imana yonyene ni yo ishobora kurokora isi

“Akabuyenge gaca ibibatsi gafise ibara ry’ubururu be n’iryera.” Ukwo ni ko umuntu umwe agendera mu bigendajuru yitwa Edgar Mitchell yadondoye isi yacu afatiye ku kuntu yayibonye iri mu kirere cirabura.

Imana yaragize ibintu vyinshi mu gutegura isi kugira ngo ibe uburaro bw’abantu. Iremwa ry’isi ryatumye abamarayika basamiriza “impundu.” (Yobu 38:7) Na twebwe nyene tumaze kwiga ibintu bitangaje biri kuri uwu mubumbe, turaronka imvo yo gusamiriza impundu. Hariho ibintu vyinshi bigoye gutahura bituma ubuzima bushobora gusagamba kw’isi. Kimwe mu bintu bizwi cane gusumba ibindi muri ivyo, ni uko ibiterwa bikoresha umuco w’izuba, wa mwuka witwa dioxyde de carbone bikura mu kirere, be n’amazi kugira ngo bihingure ivyo bifungura. Ivyo bica bituma wa mwuka witwa ogisijeni urungikwa mu kirere, uwo na wo tukaba tuwukeneye cane kugira ngo tubeho.

Bibiliya irerekana ko Imana yajeje abantu ibanga ryo kwitwararika isi. (Itanguriro 1:28; 2:15) Ariko rero kugira ngo ibidukikije vyo kw’isi bigume biri ku rugero rubereye, vyari bikenewe ko umuntu agira inyifato nziza. Mu vy’ukuri, yari akwiye gukunda isi abako. Yabwirizwa kugira icipfuzo co kuyibungabunga ikaguma iteye igomwe. Ariko rero, umuntu yaremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo, kikaba ari co gitima yari gushobora guhitamwo gukoresha isi kugira ngo yironkere inyungu, gutyo akaba ayikoresheje nabi. Kandi ivyo ni vyo neza na neza yagize. Ukutitwararika ibintu kw’abantu be n’umwina wabo, vyatumye ibintu biba bibi cane.

Zimwezimwe gusa muri izo ngorane ni izi: (1) Gutema amashamba biriko biragira ico bikoze ku bushobozi isi ifise bwo kumira ya myuka yitwa dioxyde de carbone, iyo na yo ikaba yoshobora gutuma ikirere kirushiriza kumera nabi. (2) Gukoresha mu buryo burenze urugero imiti yica udukoko dutoduto biriko birahonya udukoko twinshi tugira ico duterereye cane mu bijanye no kubungabunga ibidukikije, harimwo n’ugutuma ibiterwa vyongerekana. (3) Kuroba birenze urugero be no guta imicafu mu biyaga be no mu nzuzi biriko biratuma amafi agabanuka cane rwose. (4) Gukoresha ubutunzi bw’isi mu buryo burangwa umwina bituma amayaruka yo muri kazoza ataco azoronka kandi vyiyumvirwa ko bituma n’ubushuhe bwongerekana ningoga na ningoga kw’isi. Abantu bamwebamwe baharanira ivyo kubungabunga ibidukikije bavuga ko ukuyonga kw’ibibarafu be n’ukumanyagurika kw’ibibarafu vyo mu mabahari biri mu karere k’amaja kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe be n’iry’epfo, ari icerekana yuko ubushuhe buriko burongerekana kw’isi.

Kubera yuko ivyago vy’ivyaduka biguma vyongerekana, abantu bamwebamwe boshobora kuvuga ko isi iriko irirwanira, bigatuma abantu bashikirwa n’amakuba. Imana yaduhaye isi ataco turinze kuriha. Mu vy’ukuri, umuntu yari ahawe ahantu ho kuba ataco arinze gusabwa. (Itanguriro 1:26-29) Ariko rero, ibintu biriko biraba kw’isi muri iki gihe vyerekana ko abantu benshi badashaka kubungabunga isi nziza igitangaza babako. Ahubwo riho, abantu bitwararika ibijanye n’ivyipfuzo vyabo be n’ibikorwa vyabo biranga ubwikunzi. Mu vy’ukuri, vyaragaragaye ko ari abapangayi babi, kuko “bariko barahonya isi” nk’uko vyavuzwe imbere y’igihe mu Vyahishuwe 11:18.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana yuko Imana Mushoboravyose Yehova, yo Muremyi w’ibidukikije bituma ubuzima bwo kw’isi buzigamwa, yavumereye yuko igihe kigeze co guta hanze abo bapangayi babi, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. (Zefaniya 1:14; Ivyahishuwe 19:11-15) Imbere yuko abantu bonona isi ubutakivayo, Imana izogira ico ikoze, ivyo ikaba igiye kubigira vuba cane kuruta uko twovyitega. a (Matayo 24:44) Mu vy’ukuri, Imana yonyene ni yo ishobora kurokora isi.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’uko muri ibi bihe ibintu vyihutirwa, raba agatabu Mwame mugavye! kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.