Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasohotse ishure ry’i Gileyadi batera baja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!

Abasohotse ishure ry’i Gileyadi batera baja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!

Abasohotse ishure ry’i Gileyadi batera baja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!

“IVYIMBURWA ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe” (Matayo 9:37, 38). Ayo majambo yaragize insobanuro idasanzwe ku banyeshure b’umugwi ugira 116 basohotse Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower igihe bariko bitegurira kuja iyo bagira barungikwe gukorera ubumisiyonari.

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Ntwarante 2004, abantu 6.684 ni bo batororokaniye ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson muri New York, be no mu bindi bibanza aho porogarama yo gutanga impapuro z’umutsindo yariko irakurikiranwa kuri televiziyo. Abo banyeshure baraharonkeye impanuro n’indemesho vyo kubasezera. Twese turashobora kwungukira ku mpanuro zahatangiwe kubera dukorana umwete mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu.

Amajambo y’intangamarara yashikirijwe na Theodore Jaracz wo mu bagize Inama Nyobozi akaba n’uwo mu mugwi ugira indwi w’abasohotse Ishure ry’i Gileyadi, yarashize ahabona aya majambo ya Yezu agira ati: “Ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa” (Matayo 28:19, 20). Ese ukuntu ayo majambo yari abereye kubera yuko bene gusohoka iryo shure bari bagiye gukorera mu bihugu 20 bitandukanye! Yaribukije abo banyeshure yuko inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana zabaronkeje ivyangombwa vyose bakeneye kugira babe abakozi b’abanyamwete mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu rihambaye kuruta.—Matayo 5:16.

Uburyo bwo kuba abimbuzi bimbuka

Uwashikirije insiguro ya mbere kuri iyo porogarama yari Robert Wallen, uwakoranye cane n’Ishure ry’i Gileyadi mu myaka n’iyindi. Mu gushikiriza insiguro y’umutwe uvuga ngo “Ubwiza bw’umutima w’ikigongwe”, yabwiye abanyeshure ati: “Umutima w’ikigongwe ni rwo rurimi n’ibipfamatwi bishobora kwumva n’impumyi zishobora kubona”. Yezu yari azi neza amarushwa abandi barimwo kandi yarondera kuyabaremurura (Matayo 9:36). Abo banyeshure bazoronka uturyo twinshi two kumwigana, haba mu gikorwa co kwamamaza, mw’ishengero, mu nzu y’abamisiyonari no mu mubano wabo bwite w’ababiranye. Uwo mushikirizansiguro yabahimirije ati: “Murareke ubwiza bw’umutima w’ikigongwe bwibonekeze mu buzima bwanyu uko mukorera abandi. Inyifato yanyu nziza ubwayo ni yo izobafasha mu buzima bwa misi yose bwo mu nzu y’abamisiyonari. Nimwiyemeze rero kwambara umutima w’ikigongwe”.—Ab’i Kolosayi 3:12.

Ubukurikira, Gerrit Lösch, umwe mu bagize Inama Nyobozi akaba n’uwo mu mugwi ugira 41 w’abasohotse Ishure ry’i Gileyadi, yashikirije ikiganiro kivuga ngo “Abamamaji b’ubukiriro” (Yesaya 52:7). Kugira ngo abantu bazorokoke uru runkwekwe rw’ibintu nirwasangangurwa, bategerezwa kuronka ubumenyi ntagakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana, bakamenyesha icese ukwizera kwabo, bakongera bakabatizwa (Abaroma 10:10; 2 Timoteyo 3:15; 1 Petero 3:21). Ariko rero, impamvu nyamukuru ituma tumenyekanisha ubukiriro si ukurokora abantu, ahubwo ni ugushemeza Imana. Ni co gituma umuvukanyi Lösch yahanuye abo bari bagiye kuba abamisiyonari ati: “Nimujane ubutumwa bw’Ubwami ku mpera z’isi, kandi mube abamamaji b’ubukiriro b’abanyamwete, ivyo vyose bibe ku bw’ugushemezwa kwa Yehova”.—Abaroma 10:18.

“Mukayangana ku rugero rungana iki?” Ico ni co kibazo umwigisha Lawrence Bowen wo kw’Ishure ry’i Gileyadi yabajije. Yarerekeje ku majambo Yezu yavuze yanditse muri Matayo 6:22, hanyuma aremesha bene gusohoka iryo shure kugumana ijisho “riremuruye” (NW) kugira ngo “babone kurasa umuco wo mu buryo bw’impwemu uninahaza Yehova kandi ukagirira akamaro abandi bantu”. Kuva Yezu agitangura ubusuku bwiwe, yaratanze akarorero katagira agahonzi muri ivyo, mu kuguma yitwararitse ugukora ivyo Imana igomba. Kuzirikana ku bintu vy’igitangaza Se wiwe yari yaramwigishije mw’ijuru, vyarafashije Yezu kwihanganira ibigeragezo Shetani yamuteje mu bugaragwa (Matayo 3:16; 4:1-11). Yezu yarerekanye ko yiheka kuri Yehova agaherezako mu kurangura ivyo Imana yamushinze. Abamisiyonari na bo nyene kugira bashobore gutsinda ingorane zibarindiriye, bategerezwa kuguma bafise utumenyero twiza two kwiga Bibiliya kandi bakiheka kuri Yehova baherejeko.

Mark Noumair umwigisha wo kw’Ishure ry’i Gileyadi akaba n’uwo mu mugwi ugira 77 w’abasohotse iryo shure, urwo rukurikirane rw’insiguro yarusozerereye ku nsiguro ivuga ngo “Turi mu maboko yawe” (Yosuwa 9:25). Yaremesheje abo banyeshure kwigana agatima k’Abanyagibeyoni ba kera. Naho Gibeyoni cari “igisagara gihambaye . . . kand’abantu baho bose bār’abahizi”, Abanyagibeyoni ntibarondeye kuba abantu bahambaye canke gutegeka ko ibintu bimera nk’uko bashaka (Yosuwa 10:2). Baremeye n’umutima ukunze kuba “abashenyi n’abavomyi” bahagarikiwe n’Abalewi mu gushigikira insengo ya Yehova (Yosuwa 9:27). Ni nk’aho abasohotse iryo shure babwiye Yosuwa Mukuru ari we Yezu Kirisitu bati: “Turi mu maboko yawe”. Ubu, ko bagiye gutangura gukorera mu bindi bihugu, barakeneye kwemera igikorwa ico ari co cose Yosuwa Mukuru abaha gukora.

Ivyabonywe n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo

‘Muhishure neza Ivyanditswe’. Uwo ni wo mutwe w’ikiganiro Wallace Liverance wo mu mugwi ugira 61 w’abasohotse iryo shure akaba n’umwe mu bigisha baryo, yagiranye n’umugwi w’abanyeshure. Bariganye bongera barasubiramwo mu dukino ivyo biboneye mu busuku bwo mu ndimiro mu kiringo iryo shure ryamaze. Vyaribonekeje yuko ukwiga cane Ivyanditswe mu mezi arenga atanu bamaze bariko baramenyerezwa kwari kwabakoze ku mutima kwongera kurabavyurira ishaka ryo kuyagira abandi ivyo bari bize (Luka 24:32). Mu kiringo c’ivyo vyigwa bimara amezi atanu, hari umunyeshure umwe yashoboye kuyagira murumunawe ivyo yari yize. Ivyo vyararemesheje murumunawe kurondera ishengero ry’aho aherereye no gutangura kwiga Bibiliya. Ubu yarakwije ibisabwa araba umwamamaji atarabatizwa.

Inyuma y’ivyo vyabonywe, Richard Ashe na John Gibbard barabajije ibibazo abasavyi ba Yehova b’abizerwa babumazemwo igihe kirekire, harimwo n’abacungezi b’ingenzi bariko bamenyerezwa mu buryo budasanzwe kuri ico Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova. Bari abasohotse ivyigwa vyo muri iryo shure vy’imbere yaho. Umwe muri bo yaributse yuko umuvukanyi Knorr yari yaravuze mu kiringo c’ivyo vyigwa ati: “I Gileyadi muzokwiga rwose pe. Mugabo nimwasohoka umutwe ubogaboga ubwibone, tuzoba twaruhiye ubusa. Dushaka ko musohoka umutima ubogaboga urukundo”. Abo bavukanyi b’ingenzi bahanuye abo muri iryo shure kuba abantu bitwararika abandi, bagafata abandi nk’uko Kirisitu yabafata, bakongera bakemera igikorwa ico ari co cose bashinzwe. Gushira mu ngiro iyo mpanuro ntibizobura gufasha abo bamisiyonari bashasha kwimbuka mu bikebere babarungitsemwo.

Tere muja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!

Abari ngaho bararonse akaryo ko gukurikira Stephen Lett, akaba ari uwundi wo mu bagize Inama Nyobozi. Yashikirije insiguro nyamukuru kuri iyo porogarama, ikaba yavuga ngo “Tere muja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!” (Matayo 9:38). Mw’iyimbura risanzwe, igihe c’isoroma kiba ari kigufi. Biba bikenewe ko abimbuzi bakorana umwete mwinshi. Ca wibaza rero ukuntu birushirije kuba ibihambaye mu kiringo c’insozero y’uru runkwekwe rw’ibintu! Muri iri yimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu, ubuzima bw’abantu buri ku manga (Matayo 13:39). Umuvukanyi Lett yaremesheje abasohotse iryo shure ‘kutajandajanda mu gikorwa cabo’, ahubwo nyabuna ‘bakarurumba impwemu’ kandi ‘bagakorera Yehova nk’abashumba’ muri iri yimbura ritazokwigera risubirwamwo (Abaroma 12:11, NW). Nyene gushikiriza iyo nsiguro yasubiyemwo aya majambo ya Yezu: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe imirima, irēze igeze kwimbura” (Yohana 4:35). Yaciye ahimiriza abasohotse iryo shure kugira umwete mu gikorwa c’iyimbura mu kugira utwigoro tuboneka two gushikira abantu igihe bashobora kubonekerako be n’ahantu bashobora kubasanga, be no mu kutagisha akabero na kamwe baronse ko gushinga intahe akaryo kizanye. Kwama barikanuye kugira bavyure akaryo ko kwamamaza birashobora gutuma bashinga intahe iri n’ico ivamwo. Yehova ni Imana y’umwete, kandi yiteze ko twese tumwigana maze tugakora cane mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu.—2 Abami 19:31; Yohana 5:17.

Mu gusozera iyo porogarama, umuvukanyi Jaracz yari ayihagarikiye yarashikirije indamukanyo zavuye ku mashami anyuranye yongera arashikiriza abanyeshure impapuro zabo z’umutsindo. Umwe mu bari basohotse iryo shure yarasomye ikete ryanditswe n’abo banyeshure ryo guserura ukuntu bakengurutse cane ukumenyerezwa kwabo. Emwe, porogarama yo gushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 116 w’abasohoka iryo shure yatumye abari ngaho bose barushiriza kugira umwiyemezo wo gutera baja imbere nk’abimbuzi b’abanyamwete!

[Uruzitiro ku rup. 25]

IBIRANGA ABARI BITAVYE IRYO SHURE

Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 6

Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 20

Igitigiri c’abanyeshure: 46

Incahagati y’imyaka y’amavuka: 34,2

Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,2

Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,9

[Ifoto ku rup. 26]

Umugwi ugira 116 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Ceansu, R.; Sparks, T.; Piña, C.; Turner, P.; Cheney, L. (2) Suardy, M.; Sjöqvist, Å.; Amadori, L.; Smith, N.; Jordan, A.; Boissonneault, L. (3) Matlock, J.; Ruiz, C.; Dular, L.; Vigneron, M.; Henry, K. (4) Sjöqvist, H.; Laux, J.; Ruzzo, J.; Gustafsson, K.; Boissonneault, R.; Jordan, M. (5) Henry, D.; Turner, D.; Kirwin, S.; Florit, K.; Ceansu, S. (6) Amadori, S.; Cheney, J.; Ross, R.; Nelson, J.; Ruiz, J.; Vigneron, M. (7) Florit, J.; Matlock, D.; Ross, B.; Laux, C.; Ruzzo, T.; Dular, D.; Kirwin, N. (8) Gustafsson, A.; Nelson, D.; Suardy, W.; Piña, M.; Smith, C.; Sparks, T.