Ja ku birimwo

Bikira Mariya: Bibiliya imuvugako iki?

Bikira Mariya: Bibiliya imuvugako iki?

 Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ivuga ko Mariya yatewe iteka ridasanzwe ryo kwibaruka Yezu kandi yari akiri isugi. Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’ico gitangaro mu gitabu ca Yesaya, kandi irerekana ingene ubwo buhanuzi bwarangutse mu Njili ya Matayo n’iya Luka.

 Mu buhanuzi bwavuga ibijanye n’ivuka rya Mesiya, Yesaya yavuze ati: “Raba! Umwigeme azokwibungenga koko, avyare umuhungu.” (Yesaya 7:14) Umwanditsi w’Injili Matayo ahumekewe n’Imana yarerekanye ko ubwo buhanuzi bwa Yesaya bwarangutse igihe Mariya yasama inda ya Yezu. Ahejeje kuvuga ko Mariya yasamye inda ku gitangaro, yaciye yongerako ati: “Mu vy’ukuri, ivyo vyose vyabaye kugira haranguke ivyavuzwe na Yehova biciye ku muhanuzi wiwe, ati: ‘Raba! Umwigeme w’isugi a azokwibungenga hanyuma avyare umuhungu, kandi bazomwita Emanweli,’ bikaba bisobanura ngo: ‘Imana iri kumwe natwe.’”​—Matayo 1:22, 23.

 Umwanditsi w’Injili Luka na we nyene yaravuze ingene Mariya yibungenze ku gitangaro. Yanditse ko Imana yarungitse umumarayika Gaburiyeli “ku mwigeme w’isugi yari yasezeraniwe umugabo yitwa Yozefu wo mu nzu ya Dawidi; uwo mwigeme akaba yitwa Mariya.” (Luka 1:26, 27) Na Mariya yaremeje ko yari isugi. Igihe yumva ko yari agiye kuba nyina wa Yezu ari we Mesiya, yaciye abaza ati: “Ivyo none bizoshoboka gute, ko ata mugabo turyamana?”​—Luka 1:34.

 Umwigeme w’isugi yovyara gute?

 Mariya yibungenze biciye ku mpwemu nyeranda, ni ukuvuga ububasha bw’Imana. (Matayo 1:18) Umumarayika yamubwiye ati: “Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.” b (Luka 1:35) Imana yarakoze igitangaro mu kwimurira ubuzima bw’Umwana wayo mu nda ya Mariya, aca aribungenga.

 Kubera iki Yezu yavyawe n’isugi?

 Imana yashimye ko Yezu avyarwa n’umwigeme w’isugi. Yezu rero ntiyagize se w’umuntu. Ivyo vyatumye avukana umubiri utagira akanenge, gutyo arashobora gukiza abantu igicumuro n’urupfu. (Yohani 3:16; Abaheburayo 10:5) Imana yarimuriye ubuzima bwa Yezu mu nda ya Mariya. Biboneka ko impwemu nyeranda yaciye itwikira uwo musoro ngo ntiwandure agatosi na kamwe.​—Luka 1:35.

 Yezu rero yavutse ari umuntu atagira akanenge, nka kumwe nyene Adamu yari ameze ataracumura. Ku bijanye na Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Nta gicumuro yakoze.” (1 Petero 2:22) Kubera ko Yezu yari umuntu atagira akanenge, yarashoboye gutanga incungu kugira akize abantu igicumuro n’urupfu.​—1 Abakorinto 15:21, 22; 1 Timoteyo 2:5, 6.

 Mariya yoba yagumye ari isugi?

 Bibiliya ntiyigisha ko Mariya yagumye ari isugi ubuzima bwiwe bwose. Ahubwo yerekana ko Mariya yibarutse abandi bana.​—Matayo 12:46; Mariko 6:3; Luka 2:7; Yohani 7:5.

Bibiliya yigisha ko Yezu yari afise abo bavukana batari bake

 Mariya yoba yasamwe ata gicumuro?

 Oya. Igitabu kimwe (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko “Bikira Mariya atavukanye IGICUMURO C’INYANDURUKO. Abandi bantu bose bavukana igicumuro . . . Ariko Mariya wewe, bivuye ku NEMA y’Imana, yarakingiwe ngo ntiyandure igicumuro c’inyanduruko.” c

 Yamara rero, nta na hamwe Bibiliya yigisha ko Mariya atarazwe igicumuro c’inyanduruko. (Zaburi 51:5; Abaroma 5:12) Kanatsinda, Mariya yarerekanye ko yari umucumuzi igihe yashikana ikimazi c’impongano Itegeko rya Musa ryasaba abakenyezi bibarutse. (Abalewi 12:2-8; Luka 2:21-24) Ca gitabu nyene kivuga giti: “Iciyumviro c’uko Mariya yasamwe ata gicumuro nticigishwa mu Vyanditswe . . . Ni inyigisho yashizweho na Ekleziya.”

 Mariya dukwiye kumufata gute?

 Mariya yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no kwizera, kugamburuka, kwicisha bugufi no gukunda Imana cane. Ari mu bantu b’abizigirwa dukwiye kwigana.​—Abaheburayo 6:12.

 Ariko rero, naho yatewe iteka ntangere ryo kwibaruka Yezu, Bibiliya ntiyigisha ko dukwiye kumusenga canke kumusaba. Yezu ntiyigeze avuga ko nyina wiwe akwiye guterwa iteka ridasanzwe, kandi ntiyigeze yigisha abigishwa biwe kubigira. Wanashaka, uretse mu Njili n’ahandi hantu hamwe mu gitabu c’Ivyakozwe, nta handi Mariya avugwa mu bitabu 22 bisigaye vyo mw’Isezerano rishasha.​—Ivyakozwe 1:14.

 Nta na hamwe Ivyanditswe vyerekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahaye Mariya icubahiro kidasanzwe, nkanswe rero kumusenga. Ahubwo Bibiliya yigisha abakirisu gusenga Imana yonyene.​—Matayo 4:10.

a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “umwigeme” muri Yesaya ni ʽal·mahʹ, rikaba rishobora kwerekeza ku mwigeme w’isugi canke umugore. Ariko Matayo ahumekewe n’Imana yakoresheje ijambo ry’ikigiriki rirashe cane ari ryo par·theʹnos, rikaba risobanura “umwigeme w’isugi.”

b Hari abavuga ko imvugo “Umwana w’Imana” itabereye kubera biyumvira ko isigura yuko Imana yagize imibonano mpuzabitsina n’umugore. Ariko ivyo nta vyo Bibiliya yigisha. Ivuga ko Yezu ari “Umwana w’Imana” n’“imfura mu biremwa vyose” kubera yuko ari we kiremwa ca mbere Imana yaremye, kandi akaba ari we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko. (Abakolosayi 1:13-15) Bibiliya kandi ivuga ko wa mugabo wa mbere Adamu ari “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Ivyo ni kubera yuko Adamu yaremwe n’Imana.

c Integuro ya kabiri, Igitabu ca 7, urupapuro rwa 331.