Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo rwa 137

Nuduhe ubutinyutsi

Nuduhe ubutinyutsi

Voma:

(Ivyakozwe 4:29)

  1. Igihe tuvug’Ubwami,

    Har’abatubabaza

    Bakaturwanya bashaka

    Ko botumaramaza.

    Aho gutiny’abantu,

    Mana, ni wewe twumvira.

    Duh’impwemu yawe, Yehova.

    Ni wewe dutakambira.

    (ICITABIRIZO)

    Mana, duh’ubutinyutsi

    Twame twakwamamaje.

    Duh’umutima rugabo

    Bumv’ingen’utangaje.

    Harumagedon’iraje

    Gukurah’iyi s’ishaje.

    Mana, duh’ubutinyutsi.

    Dutabare!

  2. Kuber’intege nke zacu,

    Twotekerwa n’ubwoba.

    Wew’uraduhumuriza

    Yukw’ata co tuzoba.

    Rab’abo baturwanya,

    Kukw’ari we dutabaza,

    Tukuvugire tudatinya,

    Twame tukuninahaza.

    (ICITABIRIZO)

    Mana, duh’ubutinyutsi

    Twame twakwamamaje.

    Duh’umutima rugabo

    Bumv’ingen’utangaje.

    Harumagedon’iraje

    Gukurah’iyi s’ishaje.

    Mana, duh’ubutinyutsi.

    Dutabare!

(Raba kandi 1 Tes. 2:2; Heb. 10:35.)