Ururirimbo rwa 137
Nuduhe ubutinyutsi
Voma:
-
Igihe tuvug’Ubwami,
Har’abatubabaza
Bakaturwanya bashaka
Ko botumaramaza.
Aho gutiny’abantu,
Mana, ni wewe twumvira.
Duh’impwemu yawe, Yehova.
Ni wewe dutakambira.
(ICITABIRIZO)
Mana, duh’ubutinyutsi
Twame twakwamamaje.
Duh’umutima rugabo
Bumv’ingen’utangaje.
Harumagedon’iraje
Gukurah’iyi s’ishaje.
Mana, duh’ubutinyutsi.
Dutabare!
-
Kuber’intege nke zacu,
Twotekerwa n’ubwoba.
Wew’uraduhumuriza
Yukw’ata co tuzoba.
Rab’abo baturwanya,
Kukw’ari we dutabaza,
Tukuvugire tudatinya,
Twame tukuninahaza.
(ICITABIRIZO)
Mana, duh’ubutinyutsi
Twame twakwamamaje.
Duh’umutima rugabo
Bumv’ingen’utangaje.
Harumagedon’iraje
Gukurah’iyi s’ishaje.
Mana, duh’ubutinyutsi.
Dutabare!
(Raba kandi 1 Tes. 2:2; Heb. 10:35.)