Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova—Indirimbo nshasha

 Ururirimbo rwa 139

Nubigishe guhagarara bashikamye

Nubigishe guhagarara bashikamye

Voma:

(Matayo 28:19, 20)

  1. Kubona abo twigishije,

    Bitey’umunezero!

    Yehova yarabayoboye

    Bimwe vy’akarorero.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Yehova, twumvire!

    Nudufash’ubakingire.

    Mw’izina ry’Umwana wawe, Dutakamvye

    Ngo bagume bashikamye.

  2. Twagumye dutur’isengesho

    Kugira bakomere.

    Ahacu twarabigoreye,

    None batey’imbere.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Yehova, twumvire!

    Nudufash’ubakingire.

    Mw’izina ry’Umwana wawe, Dutakamvye

    Ngo bagume bashikamye.

  3. Twipfuza ko bokwizigira

    Yukw’Iman’ibashima!

    Nibaguman’ukwihangana

    Bazoronk’ubuzima.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Yehova, twumvire!

    Nudufash’ubakingire.

    Mw’izina ry’Umwana wawe, Dutakamvye

    Ngo bagume bashikamye.