Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova—Indirimbo nshasha

 Ururirimbo rwa 148

Watanze ca kinege cawe

Watanze ca kinege cawe

Voma:

(Yohani 15:13)

  1. Yehova, Muvyeyi,

    Twari twihebuye.

    Incungu yazanye

    ukwizigira!

    Ubuzima bwacu

    Turabugutuye.

    Ivy’ugomba bose

    Tuzobibabwira.

    (ICITABIRIZO)

    Waratanze, Dawe,

    Wa mwan’umwe wawe.

    Tuzokwama dushima

    turirimbe duhimbawe.

  2. Ugwije ubuntu

    N’impuhwe zikwiye.

    Izina ufise

    Turarishima.

    Watanz’ingabire

    Izir’akanenge.

    Ni yo yatwiguze,

    Turonk’ubuzima.

    (ICITABIRIZO)

    Waratanze, Dawe,

    Wa mwan’umwe wawe.

    Tuzokwama dushima

    turirimbe duhimbawe.

    (AKA NYUMA)

    Yehova, Muvyeyi, tuzogushimira.

    Kubera waduhaye wa mwan’umwe wawe.

(Raba kandi Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9.)