Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova—Indirimbo nshasha

 Ururirimbo rwa 149

Dukenguruke incungu

Dukenguruke incungu

Voma:

(Luka 22:20)

  1. Yehov’uno musi

    tur’imbere yawe,

    Kuko wadukunze

    bihebuje, Mana we!

    Wahevye wa Mwana

    wawe w’ikinege

    Ngo bwa buzima

    bwa kazoza tubwitege.

    (ICITABIRIZO)

    Yitanze ngo tubohorwe.

    Erega twari tugowe!

    Tuzoshim’ibihe vyose,

    Mana y’ikigongwe!

  2. N’ikimazi Yezu

    yatanz’abikunze.

    Naho we yar’intungane

    yaratwiguze.

    Kari kabay’iy’ataza

    kudukiza,

    Non’urupfu tuzorukira

    mu mis’iza.

    (ICITABIRIZO)

    Yitanze ngo tubohorwe.

    Erega twari tugowe!

    Tuzoshim’ibihe vyose,

    Mana y’ikigongwe!