Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova—Indirimbo nshasha

 Ururirimbo rwa 140

Ubuzima bw’umutsimvyi

Ubuzima bw’umutsimvyi

Voma:

(Umusiguzi 11:6)

  1. Umus’utanguye, izuba rirashe,

    Mbere tugifis’itiro ku maso,

    turasenga.

    Turamwenyurira abantu duhuye.

    Bahagarara, babandanya,

    twebwe ntituhava.

    (ICITABIRIZO)

    Ni co twahisemwo.

    Tur’aba Yehova.

    Tumukorera twihangana.

    Kand’ukwo kwitanga

    Ni nko kumubwira

    Duti: “Nshaka kukwereka ko Ngukunda.”

  2. Umus’urangiye, izuba rirenze,

    Tuba turush’akamwemw’ari kose,

    tugasenga.

    Turahimbarwa no gukora twitanga.

    Yehov’araduhezagira,

    turavyibonera.

    (ICITABIRIZO)

    Ni co twahisemwo.

    Tur’aba Yehova.

    Tumukorera twihangana.

    Kand’ukwo kwitanga

    Ni nko kumubwira

    Duti: “Nshaka kukwereka ko Ngukunda.”