Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?

Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?

IKIGABANE CA 24

Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?

Vyoba bihora bishika abavyeyi bawe bagashwana ubona? Nimba bihora bishika, ni igiki bakunze gupfa muri ibi?

□ Amahera

□ Ibikorwa vy’i muhira

□ Incuti

□ Wewe

Ni igiki woshima kubwira abavyeyi bawe ku bijanye n’ingaruka bikugirako? Andika inyishu yawe ng’aha.

․․․․․

NTIWOBURA kubabara igihe abavyeyi bawe baza barashwana. Nakare, urabakunda kandi witeze ko ari bo bagushigikira. Ni co gituma woshobora gutuntura igihe wumvise bariko baratongana. Ushobora kuba wiyumva nk’umwigeme yitwa Marie, uwavuze ati: “Birangora kwubaha abavyeyi banje igihe mbona umengo na bo ubwabo ntibubahana.”

Kubona abavyeyi bawe bariko barashihana bituma utahura yuko bwa bundi badatunganye nk’uko wahora uvyibaza. Gutahura ico kintu kibabaje birashobora gutuma uhagarika umutima. Nimba bama mu nduru canke bakaba bashwana bikomeye, woshobora guca wibaza ko umubano wabo ugira usambuke. Marie avuga ati: “Iyo numvise abavyeyi banje bariko baratukana, nca nibaza ko bazohava bahukana ngaca mbwirizwa guhitamwo uwo tuzobana muri bo. Ndatinya kandi ko nzohava ntandukana n’abo tuvukana.”

Ni kubera iki bishika abavyeyi bagashwana, kandi wokora iki igihe bibaye?

Igituma bashwana

Muri rusangi, abavyeyi bawe boshobora “[k]wihanganirana mu rukundo.” (Abanyefeso 4:2) Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Abaroma 3:23) Abavyeyi bawe ntibatunganye. Ntibikwiye rero kugutangaza igihe bagize ishavu ryinshi hanyuma bigashika bakariserura mu gushwana.

Uribuka kandi ko tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Kuronka icorirenza, kuriha ivyankenerwa, ingorane zo ku kazi, ivyo vyose birashusha umutwe abubakanye. Nimba na ho bompi bafise akazi, kwumvikana uwukwiye kwitwararika ibikorwa bimwebimwe vyo mu rugo birashobora kuba urugamba.

Urakwiye kumenya ko igihe hari ivyo abavyeyi bawe batumvikanako, bidasobanura ko umubano wabo uri ku manga. Birashoboka cane ko baba bagikundana, naho nyene bataba babona kumwe ibintu bimwebimwe.

Nk’akarorero, woba urigera urorera isenema uri kumwe n’abagenzi bawe somambike, ugasanga ntimuyibona kumwe? Ivyo ni ibisanzwe. Mbere n’abantu bakundana cane barashobora kubona ibintu mu buryo butandukanye. N’abavyeyi bawe birashobora kubashikira. Hari aho bompi boba barajwe ishinga n’ubutunzi bw’umuryango, ariko ugasanga ntibabona kumwe ingene bobukoresha canke ugasanga barashashaye ko woronka amanota meza, mugabo ntibabone kumwe uburyo bwiza bwo kugufasha.

Iciyumviro nyamukuru ni iki: kugira ngo abantu bunge ubumwe si ngombwa ngo biyumvire kumwe. Abantu babiri bakundana birashika bakabona ibintu mu buryo butandukanye. Ariko ntiwumve, ntibiryoshe kwumva abavyeyi bawe bariko bararyana. None ni igiki cogufasha kuvyihanganira?

Ico wokora

Niwubahe. Biroroshe ko ubabara igihe abavyeyi bawe baguma bashihana. Nakare, vyari vyitezwe ko baguha akarorero keza. Ariko rero, guca usuzugura umuvyeyi wawe nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu mu muryango. N’igihambaye kuruta, Yehova Imana agusaba kwubaha no kugamburukira abavyeyi bawe, n’igihe mbere vyoba bitoroshe.​—Kuvayo 20:12; Imigani 30:17.

Bite ho nimba abavyeyi bawe bapfa ikibazo kikwerekeye? Nk’akarorero, dufate ko umwe mu bavyeyi bawe yizeye, uwundi akaba atizeye. Harashobora kwaduka ibibazo bijanye n’ugusenga, bigasaba ko ushigikira ibigororotse mu kuja ku ruhande rw’umuvyeyi wawe atinya Imana. (Matayo 10:34-37) Ivyo niwame ubigirana “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” Umusi uri izina, akarorero utanga muri ivyo koshobora gukora ku mutima umuvyeyi wawe atizera.—1 Petero 3:15.

Ntugire aho uhengamiye. Wokora iki igihe abavyeyi bawe baguhase ngo ugire uwo ushigikiye mu bijanye n’ikibazo kitakwerekeye? Niwihatire kuguma ata ho uhengamiye. Kumbure woshobora gusaba abavyeyi bawe n’urupfasoni ngo bagutunge mu kuvuga uti: “Bavyeyi banje, mwese ndabakunda. Ariko ndabasavye ntimunsabe kugira uwo nshigikiye. Ico ni ikibazo mukwiye gutorera umuti hagati yanyu.”

Nimubiyage. Numenyeshe abavyeyi bawe ko bikubabaza kubona baguma bashwana. Nuhitemwo umwanya wiyumvira ko bogutega yompi maze ubabwire ubigiranye icubahiro ukuntu amatati yabo aguhagarika umutima, akubabaza canke mbere agutera ubwoba.—Imigani 15:23; Abakolosayi 4:6.

Ico utokora

Ntiwigire umuhanuzi mu vy’umubano. Kubera yuko ukiri umwana, ntushoboye gutorera umuti amatati y’abavyeyi bawe. Nk’akarorero, iyumvire ko ufashe urugendo mu ndege maze ukumva umudereva n’umufasha wiwe bariko barahazuka. Ivyo ntivyobura kuguhagarika umutima. Ariko none vyogenda gute nka hamwe woca wita imbere ugategeka abo badereva ingene botwara iyo ndege canke mbere ukagerageza kuyitwara?

Muri ubwo buryo nyene, kugerageza kwifatira ibintu mu minwe mu kwita mu bibazo vyerekeye umubano w’abavyeyi bawe nta kindi vyovamwo atari ugusongera isibe. Bibiliya ivuga iti: “Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi.” (Imigani 13:10) Abavyeyi bawe barashobora gutorera umuti ingorane zabo mu kubiyaga mw’ibanga.​—Imigani 25:9.

Ntuvyinjiremwo. Imitongano y’abantu babiri iramaze. Kubera iki none wosongera isibe? Naho wokwumva umengo wobijamwo, ukwiye kumenya yuko atari wewe ujejwe gutorera umuti ingorane z’abavyeyi bawe: iryo ni ibanga ryabo. Niwihatire rero gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga yo ‘kuraba ivyawe bwite.’ (1 Abatesalonika 4:11) Ntuvyisukemwo.

Ntubateranye. Hari abakiri bato twovuga ko bateranya abavyeyi babo. Igihe nyina abankiye ikintu, baca bagerageza kuryosharyosha se wabo ngo barabe ko akibemerera. Guhendahenda umuvyeyi vyoshobora gutuma baronka umwidegemvyo wiyongereye, ariko impera n’imperuka nta kindi bivamwo atari ugukorereza ingorane zo mu muryango.

Ntureke ngo inyifato yabo yonone inyifato yawe. Uwukiri muto yitwa Peter yarabonye ko yari asigaye agaragaza inyifato itari iya gikirisu kugira gusa yihore se wiwe yamufata nabi. Avuga ati: “Nashaka kumubabaza. Naramwanka cane kubera ukuntu yadufata twe na mama be na mushikanje.” Ariko rero, Peter ntiyatevye kubona ingaruka z’inyifato yiwe. None icigwa ni ikihe? Wigenjeje nabi nta kindi vyomara atari ukwunyura ingorane zigushikira mu muryango.​—Abagalatiya 6:7.

Mu vyiyumviro biri muri iki kigabane, andika ng’aha ico ukeneye kwitwararika kuruta ibindi. ․․․․․

Biragaragara ko udashobora kubuza abavyeyi bawe gushwana. Ariko numenye neza ko Yehova ashobora kugufasha kwihanganira amaganya uterwa n’imitongano yabo.—Abafilipi 4:6, 7; 1 Petero 5:7.

Nukore uko ushoboye kwose ushire mu ngiro inama tukugiriye. Mu nyuma, abavyeyi bawe boshobora kuvyurirwa umutima wo kwicarira ibibazo vyabo. Hari n’aho boheba gushwana.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Wovyifatamwo gute mu ngorane ziterwa no kurerwa n’umuvyeyi umwe?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Imvugo yanyu yamane igikundiro.”​—Abakolosayi 4:6.

IMPANURO

Nimba abavyeyi bawe bama bashwana bimwe bikomeye, nubasabe ubigiranye icubahiro barondere imfashanyo.

WARI UBIZI . . . ?

Abantu bakundana birashobora gushika ntibahuze.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Abavyeyi banje nibatangura gushwana, nzokora ibi: ․․․․․

Abavyeyi banje nibansaba kugira uwo nshigikiye, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki abavyeyi bamwebamwe bashwana?

Kubera iki atari wewe wobazwa ingorane z’abavyeyi bawe?

Kwihweza inyifato y’abavyeyi bawe ushobora kuvyigirako iki?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 201]

Gutahura ko abavyeyi banje badatunganye be n’uko bashikirwa n’ingorane nk’uko na jewe zinshikira vyaramfashije kwihangana igihe baba bariko barashwana.”​—Kathy

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 206, 207]

Nokora iki abavyeyi banje bavanye?

Bishitse abavyeyi bawe bakavana, wovyifatamwo neza gute naho woba ufise intuntu nyinshi? Raba inama tukugiriye:

Ntiwitege ibidashoboka. Hari aho ikintu ca mbere coca kikuzamwo kwoba ukugerageza kubasubiza hamwe. Uwitwa Anne yigana ati: “Abavyeyi banje bamaze kuvana, vyarashika bakadusohokana bari kumwe. Twe na mukuru wanje twaca twongorerana duti: ‘Tunyaruke tubasige bari kumwe.’ Ariko nta co vyashitseko. Ntibigeze basubirana.”

Mu Migani 13:12 havuga hati: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” Kugira ntiwibabarize ubusa, ukwiye kwibuka ko udashobora guhindura ivyo abavyeyi bawe bakora. Si wewe watumye bavana, kandi birashoboka cane ko utazotuma basubirana.—Imigani 26:17.

Niwirinde urwanko. Gushavurira no kwanka umwe mu bavyeyi bawe canke bompi birashobora kukugirako ingaruka z’igihe kirekire. Uwitwa Tom arigana ukuntu yumva amerewe igihe yari afise imyaka 12, ati: “Naratanguye gushavurira cane papa. Sinovuga ko namwanka, ariko nari ndamufitiye inzigo. Sinatahura ingene yashobora kuvuga ko atwitwararika kandi yaradutaye.”

Ariko rero, igihe abavyeyi bavanye ni gake cane usanga umwe muri bo ari intungane uwundi na we ari umunyamafuti gusa. Ikizwi coco, abavyeyi bawe bashobora kuba batakubwiye vyose ku vyerekeye umubano wabo canke ukuvana kwabo; na bo ubwabo boshobora kuba batabitahura neza. Niwirinde rero guca urubanza kandi udafise amakuru yose. (Imigani 18:13) Ego ni ko, biragoye gutsinda ishavu, kandi vyoba ari ibisanzwe bishitse ukamara igihe ubabaye cane. Ariko kugumana ishavu n’agatima ko kwihora birashobora kwonona umutima wawe. Ntibitangaje kubona Bibiliya itubwira iti: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe.”—Zaburi 37:8.

Nugire uburimbane. Mu gihe abakiri bato bamwebamwe usanga baca banka umuvyeyi yabataye, abandi bobo baca barenza urugero bakabona ko ari intore. Nk’akarorero, umusore umwe yari afise se w’imborerwa kandi yakunda gukwegana n’abagore. Yaza arata umuryango maze mu nyuma arahukana n’umugore wiwe. Ariko rero, uwo musore aribuka yuko yabona ko se wiwe yari intore kubera imvo kanaka!

Ivyo birakunze gushika. Mu gihugu kimwe, ibice 90 kw’ijana vy’abana bafise abavyeyi bahukanye, usanga babana na ba nyina bakaza baraja kuramutsa ba se. Ku bw’ivyo, ba nyina ni bo bama bitwararika abana imisi yose, harimwo no kubakosora. Vyongeye, naho ba nyina baronka indezo, akenshi ubutunzi bwabo buca bugabanuka bamaze kwahukana. Ubutunzi bwa ba se bwobwo bwoshobora guca bwisununura. Igihe rero abana bagiye kuramutsa ba se, baba bazi ko baza kuronka utuntu bakaza no kwiryohera! Igihe bari kumwe na ba nyina hoho, basabwa kudasesagura kandi bakaza barabwirwa ngo kora iki canke kiriya. Birababaje kubona hari abakiri bato bahisemwo mbere kuvana n’umuvyeyi wabo yizera kugira baje kwibanira n’umuvyeyi wabo atizera, atunze gusumba kandi abarekerana.​—Imigani 19:4.

Bishitse ukumva wokora ikintu nk’ico, uraraba neza igikwiye kuja imbere. Niwibuke ko ukeneye ubuyobozi n’ugukosorwa. Nta kindi umuvyeyi yoguha kizogira ikintu kinini gihinduye ku mutima wawe no ku buzima bwawe coza kiruta ico.—Imigani 4:13.

[Ifoto ku rup. 202, 203]

Umwana abwira abavyeyi biwe ingene botorera umuti ingorane zabo ni cokimwe n’ingenzi yotegeka abadereva b’indege ingene boyitwara