Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba umugenzi w’Imana gute?

Noba umugenzi w’Imana gute?

 IKIGABANE CA 35

Noba umugenzi w’Imana gute?

Igihe Jeremy yashikirwa n’ivyago, yaratahuye ko bihambaye kugiranira ubugenzi n’Imana. Asigura ati: “Igihe nari mfise imyaka 12, papa yaradutaye. Umusi umwe mw’ijoro ndiko ndasenga, naratakambiye Yehova ngo amugarukane.”

Jeremy yaratanguye gusoma Bibiliya n’umwiheburo mwinshi. Igihe yasoma Zaburi 10:14, yarakozwe ku mutima cane. Ku bijanye na Yehova, uwo murongo uvuga uti: “Umuntu yigorewe, mbere impfuvyi, ni wewe yiragiza. Ni wewe wacitse umufasha wiwe.” Jeremy avuga ati: “Wamengo Yehova ariko aranyagisha, ambwira ko ari umufasha wanje akaba na Dawe. Hari uwundi muvyeyi aruta uwo nari kuronka ga yemwe?”

 WABA umerewe nka Jeremy canke utamerewe nka we, Bibiliya yerekana ko Yehova ashaka ko umubera umugenzi. Nkako, ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Zirikana ku co ayo majambo asobanura: Naho udashobora kubona Yehova Imana kandi mukaba mutogereranywa mu buryo na bumwe, aragutumira ngo umubere umugenzi!

Ariko kugira ube umugenzi w’Imana bisaba akigoro. Dufate akarorero: Nimba ufise ishurwe ryo mu nzu, urazi ko ridakura ata co ukoze. Kugira ritotahare, utegerezwa kwama urivomera kandi ukarigumiza ahantu haryorohereza gukura. Ni ko bimeze no ku bijanye n’ubugenzi ugiranira n’Imana. None wokora iki kugira ubwo bugenzi bukomere?

Kwiyigisha birahambaye

Abagenzi barayaga, aho hakaba harimwo ukuvuga n’ukwumviriza. Ni na ko bimeze ku bugenzi tugiranira n’Imana. Igihe  dusoma Bibiliya tukongera tukayiga, tuba turiko turumviriza ivyo Imana itubwira.—Zaburi 1:2, 3.

Woshobora kuba udakunda kwiga. Abakiri bato benshi boshima kwirabira televiziyo, gukina udukino canke guteramana n’abagenzi. Ariko nimba ushaka kuba umugenzi w’Imana, nta yindi nzira iriho: Utegerezwa kuyumviriza mu kwiga Ijambo ryayo.

Yamara rero ntibigutere ubwoba. Kwiga Bibiliya si umuzigo. Naho woba utavyiyumvamwo, urashobora kwiga kubikunda. Ikintu ca mbere ukeneye gukora ni ugutegekanya umwanya wo kuyiga. Umwigeme yitwa Laïssa avuga ati: “Narishingiye urutonde. Ikintu ca mbere nkora buri gitondo ni ugusoma ikigabane kimwe co muri Bibiliya.” Uwitwa Maria w’imyaka 15 afise urutonde rutandukanye n’urwo. Avuga ati: “Imisi yose mw’ijoro imbere yo kuja kuryama ndasoma igice gitoya ca Bibiliya.”

Imbere yo kwishingira urutonde rwo kwiga, nubanze wihweze ibiri ku  rupapuro rwa 292. Nuce wandika aha hepfo igihe woshobora kumara iminuta nka 30 uriko uriga Ijambo ry’Imana.

․․․․․

Kwishingira umwanya ni intango gusa. Umaze gutangura kwiga, woshobora kubona ko gusoma Bibiliya bitama  vyoroshe. Hari aho wosanga ivyo Joël w’imyaka 11 avuga ari ukuri. Yiyemerera ati: “Ibice bimwebimwe vyo muri Bibiliya ntivyoroshe gutahura kandi ntibiryoshe cane gusoma.” Nimba ubona ibintu gutyo, ntucike intege. Igihe cose ugira wige Bibiliya, nubone ko ari akanya uronse ko kwumviriza umugenzi wawe Yehova Imana. Kugira ngo kwiga Bibiliya bikuryohere bizovana n’akigoro uzoba wagize!

Isengesho ni ntahara

Isengero ni bwo buryo bwo kuyagira Imana. Ese ukuntu ari ingabirano nziza igitangaza! Urashobora kwitura Yehova Imana igihe cose ushatse, haba ku murango canke mw’ijoro. Yama yiteguriye kukwumviriza. N’igihambaye kuruta, aripfuza kwumva ivyo uvuga. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.

Nk’uko ico canditswe kivyerekana, hariho ibintu vyinshi ushobora kuyagira Yehova. Hoshobora kuba harimwo ibikugoye n’ibikuraje ishinga. Hoshobora kujamwo n’ibintu ukenguruka. None ubundi ho ntuhora ushimira abagenzi bawe ku vyiza baba bakugiriye? Urashobora kubigenza gutyo no kuri Yehova, uwagukoreye ivyiza vyinshi kuruta uwundi mugenzi uwo ari we wese.—Zaburi 106:1.

Andika aha hepfo ibintu bimwebimwe Yehova yagukoreye ukenguruka.

․․․․․

 Nta gukeka ko bihora bishika ugahagarika umutima canke ukagira amaganya. Muri Zaburi 55:22 havuga hati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.”

 Andika aha hepfo ibintu ivyo ari vyo vyose biguhagaritse umutima woshima gushira mw’isengesho.

․․․․․

Fatira ku vyo wiboneye

Hariho uwundi muce w’ubugenzi ufitaniye n’Imana udakwiye kwirengagiza. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yanditse ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” (Zaburi 34:8) Igihe Dawidi yatunganya Zaburi ya 34, yari aherutse gushikirwa n’ibintu biteye ubwoba. Yariko arahunga wa Mwami w’umwicanyi Sauli, ico ubwaco kikaba cari ikintu c’agacavutu. Ariko kandi ico gihe yabwirijwe guhungira mu bansi biwe b’Abafilisitiya. Amaze kubona ko kabaye, yaciye yigira umusazi abona kurusimba.—1 Samweli 21:10-15.

Dawidi ntiyabona ko yahakuwe n’ubwenge bwiwe. Ahubwo yavuze ko abikesha Yehova. Mu mirongo itangurira ya Zaburi twavuga, yanditse ati: “Narasiguje Yehova, na we aranyishura, andokora mu binca ivutu vyose.” (Zaburi 34:4)  Dawidi rero yahimirije abandi ngo “nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe,” afatiye ku vyo yari yariboneye. *

Hoba hari ikintu cagushikiye mu buzima kikwereka ko Yehova akwitwararika? Nimba kihari, candike aha hepfo. Impanuro: Si ngombwa ngo kibe ari igihanitse. Niwiyumvire ivyiza bisanzwe wama wironkera buri musi, ivyo umuntu yoshobora kubona ko bidahambaye.

․․․․․

Abavyeyi bawe bashobora kuba barakwigishije Bibiliya. Nimba ari ko biri, urahiriwe. Ariko rero, wewe ubwawe urakeneye gutsimbataza ubugenzi n’Imana. Nimba utarabigira, urashobora kwikora ku vyiyumviro biri muri iki kigabane kugira utangure. Yehova azohezagira utwigoro uzogira. Bibiliya ivuga iti: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka.”—Matayo 7:7.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 38 N’ICA 39

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Vyoba bikugora kuyagira abandi ivyerekeye Imana? Raba ingene woburanira ivyo wemera.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 24 Iyo mvugo ngo “nimuhonje, mubone” Bibiliya zimwezimwe ziyihindura ngo “nimwibonere,” “nimwirabire.”—Contemporary English Version na Today’s English Version.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”—Matayo 5:3.

IMPANURO

Ugiye urasoma impapuro zitanu gusa za Bibiliya ku musi, nko mu mwaka umwe woba uyimaze yose.

WARI UBIZI . . . ?

Kuba uriko urasoma iki gitabu ukaba wemera gushira mu ngiro impanuro zo muri co zishingiye kuri Bibiliya ni icerekana ko Yehova akwitwararitse.Yohani 6:44.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ngo kwiyigisha Bibiliya birushirize kungirira akamaro, nzokora ibi: ․․․․․

Kugira ndushirize gusenga ntahorereza, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Wokora iki kugira ngo kwiyigisha Bibiliya birushirize kukuryohera?

Kubera iki Yehova ahimbarwa no kwumviriza amasengesho y’abantu badatunganye?

Woryohora gute amasengesho yawe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 291]

“Nkiri muto, amasengesho yanje kwari ugusubiramwo vya bindi nyene. Ubu ndagerageza gushira mu masengesho yanje ivyiza n’ibibi biba vyanshikiye. Kubera ko imisi idasa, bituma ntasubiramwo vya bindi nyene.”​—Eve

 [Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 292]

 Nusuzume Bibiliya yawe

1. Nuhitemwo inkuru yo muri Bibiliya woshima gusoma. Nusenge usaba ubukerebutsi kugira utahure ivyo uza gusoma.

2. Nusome iyo nkuru witonze. Ntiwihutagize. Nugerageze kubona mu bwenge ivyo uriko urasoma. Nubicokeremwo wese: Nuse nk’uwubona ibiriko biraba, wumve amajwi y’abavugwamwo, wumve akamoto kaharangwa, uhonje ibifungurwa, n’ibindi. Nubone ibivugwamwo nk’ibiriko biraba koko!

3. Nuzirikane ku vyo wasomye. Niwibaze ibibazo nk’ibi:

● Kubera iki Yehova yashize iyi nkuru mw’Ijambo ryiwe?

● Mu bavugwamwo, ni bande nkwiye kwigana? Ni bande bombera akarorero ko kumburira?

Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe nohakura?

● Iyi nkuru inyigisha iki ku bijanye na Yehova no ku kuntu akora ibintu?

4. Nuture Yehova isengesho rigufi. Numubwire ivyo wize n’ingene uzobishira mu ngiro mu buzima bwawe. Niwame umukengurukira ku ngabirano yaguhaye, na yo ikaba ari Ijambo ryiwe Bibiliya nyeranda!

[Ifoto]

“Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.”​—Zaburi 119:105.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 294]

Nushire imbere ibihambaye kuruta

Woba ufatirwa cane nturonke umwanya wo gusenga canke wo kwiga Bibiliya? Akenshi bivana n’ukuntu ushinga ibija imbere y’ibindi.

Gerageza iki kintu: Nufate imbegeti, uyishiremwo amabuye maninimanini nk’angahe. Nuce uyishiramwo umusenyi gushika yuzuye. Ubu ufise imbegeti yuzuye amabuye be n’umusenyi.

Ubu na ho nucuranure ibiri muri iyo mbegeti, ariko ugumane wa musenyi na ya mabuye. Nuce usubira ubishiremwo mugabo uhereye ku musenyi. Ikibanza coba giciye caga? Ivyo vyatumwe n’uko wabanje gushiramwo umusenyi.

None icigwa ni ikihe? Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Niwashira imbere ibintu bidahambaye cane nk’ukwiruhura, uzokwama ubona umengo ntufise umwanya uhagije wo gukora ibintu bihambaye kuruta, ni ukuvuga ibijanye n’ugukorera Imana. Ariko niwakurikiza iyo mpanuro Bibiliya iguha, uzoronka umwanya wo gukora ivyungura Ubwami be n’uwo kwiruhura. Vyose bivana n’ivyo ushira imbere!

[Ifoto ku rup. 290]

Nka kurya kw’ishurwe ryo mu nzu, ubugenzi umuntu agiranira n’Imana busaba ko abwitwararika kugira bukomere