Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?

Urupfu rumeze nk’itiro kubera ko abapfuye ata co baba bazi kandi ata kintu bashobora gukora. Ariko rero, Umuremyi arashobora kuzura abapfuye bagasubira kuba bazima. N’ikimenyamenya, Imana yarahaye Yezu ububasha bwo kuzura abantu batari bake bari bapfuye.Soma Umusiguzi 9:5; Yohani 11:11, 43, 44.

Ni mu buryo ki urupfu rumeze nk’itiro?

Imana yarasezeranye ko abapfuye yibuka bazozuka bakaba mw’isi nshasha y’ubugororotsi. Abazozuka bategerezwa kuba bararindiririye mu rupfu, gushika Imana isubiye kubagira bazima. Imana Mushoboravyose irashashaye gukoresha ububasha bwayo kugira ngo abapfuye isubire kubagira bazima.Soma Yobu 14:14, 15.

Izuka rizoba rimeze gute?

Imana niyazura abantu, bazokwimenya, bamenye n’abagenzi babo n’imiryango yabo. Naho umubiri w’umuntu usanguka iyo apfuye, Imana irashobora kuzura uwo muntu nyene yamuhaye umubiri mushasha.Soma 1 Abakorinto 15:35, 38.

Biboneka ko abantu bakeya ari bo bazukira kuba mw’ijuru. (Ivyahishuwe 20:6) Abenshi mu bazozurwa, bazoba kw’isi izoba yahinduwe Iparadizo. Bazoba baronse intango nziza, kandi bazoba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.Soma Zaburi 37:29; Ivyakozwe 24:15.