UMUNARA W’INDERETSI Gitugutu 2013 | Bibiliya ivuga iki muri make?
Bibiliya iratubwira ingene twabayeho be n’ico Imana yakoze kugira ngo irokore abantu biciye kuri Mesiya.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera iki wokwitaho Bibiliya?
Bibiliya ntivuga gusa ko ari igitabu kivuga ivyerekeye Imana, ariko kandi ivuga ko yavuye ku Mana. Ni igiki ishobora kukwigisha?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Twabayeho gute?
Tubivuze muri make kandi mu buryo bworoheje, igitabu ca mbere ca Bibiliya, ari co Itanguriro, kirasigura ingene ijuru n’isi vyabayeho. Ni ibindi bintu ibihe twigira ku gitabu c’Itanguriro?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Imana itunganya kurokora abantu
Umuhango Imana yahaye Aburahamu ufitaniye isano gute na Mesiya? Niwisomere ingene Imana izokura ku bantu indwara, imibabaro n’urupfu.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
“Twabonye Mesiya”!
Abantu benshi baremera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Abandi ntibavyemera. Niwirabire ico Bibiliya ibivugako.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Inkuru nziza ku bantu bose
Ubutumwa Imana yarungikiye abantu buri muri Bibiliya bushobora gute kukugirira akamaro muri iki gihe no muri kazoza?
Kubandanya ubuzima inyuma y’ukwahukana
Inyuma y’ukwahukana, abantu benshi cane basanga ubuzima bugoye kuruta uko bavyiyumvira. Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha kuvyifatamwo neza.
NIWIYEGEREZE IMANA
‘Yehova arababarira ata gahigihigi’
Imana irababarira n’umutima ukunze abacumuzi bigaya. Ivyo bikwiye gutuma dufata abandi gute? Kubera iki kubabarira abandi bihambaye cane?
BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA
“Kera abantu benshi baranyanka”
Niwirabire ingene kwiga Bibiliya vyafashije umuntu w’inkazi kuba umunyamahoro.
Amabara agira ico akoze gute kuri wewe?
Amabara arashobora kugira ico akoze ku kuntu abantu biyumva. Nusuzume amabara atatu be n’ingene yoshobora kugira ico akoze kuri wewe.
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
Hari icizigiro ikihe ku bapfuye? Bosubira kuba bazima?
Ibindi usanga kuri internet
Kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?
Raba ico Yezu yategetse abigishwa biwe bo mu ntango gukora.

