Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI GITUGUTU 2013

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI MURI MAKE?

Inkuru nziza ku bantu bose

Inkuru nziza ku bantu bose

Izuka rya Yezu ryaratumye abigishwa biwe barushiriza kujijuka no kugira umwete. Canecane intumwa Paulo, yaragendagenze muri Aziya Ntoya no mu karere k’Ikiyaga Mediterane, aratunganya amashengero yongera arakomeza abakirisu kugira ngo bananire inyosha mbi be n’uruhamo rukaze. Ivyo bintu bitoroshe ntivyabujije ubukirisu gutera imbere no gukwiragira.

Paulo yahavuye atabwa mw’ibohero. Ariko n’igihe yari mw’ibohero, yarandikiye amashengero ya gikirisu amakete yo kuyaremesha no kuyahanura. Yarayagabishije ku kindi kintu giteye akaga cane, na co akaba ari ubuhuni. Paulo ayobowe n’impwemu nyeranda y’Imana, yarabonye imbere y’igihe yuko abantu bameze nk’ “amabingira y’agahahazo” bavuga “ibigoramanze” bokwinjiye muri abo bakirisu, “[bagakwegera] abigishwa inyuma yabo.”—Ivyakozwe 20:29, 30.

Mu mpera z’ikinjana ca mbere, ubwo buhuni bwari bwatanguye. Nko muri ico gihe nyene, Yezu uwari yazutse yareretse intumwa Yohani ibintu bijanye na kazoza biri mu gitabu c’Ivyahishuwe, abimwereka mu bimenyetso. Nk’uko Yohani yavyanditse ico gihe, baba ababarwanya canke abigisha b’ikinyoma, nta n’umwe yoshoboye kubuza Imana kurangura bimwe vyuzuye umugambi yari ifitiye isi n’abantu mu ntango. “Ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose” bizokwumva inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 14:6) Isi izosubira kuba Iparadizo, kandi uwipfuza gukora ivyo Imana igomba wese arashobora kuzoyibamwo!

Iyo wumva ari “inkuru nziza” kuri wewe? Nimba ari ko biri, nurondere kumenya vyinshi ku bijanye n’ubutumwa Imana yarungikiye abantu buri muri Bibiliya, urabe n’ukuntu bwokugirira akamaro muri iki gihe no muri kazoza.

Urashobora kwisomera Bibiliya ku muhora wo kuri Internet www.jw.org. Kuri uwo muhora urashobora kandi kuhasuzumira agatabu kavuga ngo Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe? n’akavuga ngo Inkuru nziza iva ku Mana, n’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? hamwe n’ibindi bitabu bivuga igituma twokwizigira Bibiliya be n’ingene twoshira mu ngiro mu buzima bwacu no mu miryango yacu impanuro ngirakamaro itanga. Canke na ho nubaze Ivyabona vya Yehova bakubwire n’ibindi.

Iki kiganiro gishingiye ku Vyakozwe, Abanyefeso, Abafilipi, Abakolosayi, Filemoni, 1 Yohani, Ivyahishuwe.