Ja ku birimwo

Kubera iki mwamamaza inzu ku nzu?

Kubera iki mwamamaza inzu ku nzu?

 Yezu yategetse abayoboke biwe ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa.’ (Matayo 28:19, 20) Igihe yatuma abigishwa biwe bo mu ntango, yabategetse ngo basange abantu ku mihana yabo. (Matayo 10:7, 11-13) Inyuma y’urupfu rwiwe, barabandanije gukwiragiza ubutumwa “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.” (Ivyakozwe 5:42; 20:20) Natwe tugira nk’ukwo kw’abo bakirisu bo mu ntango tukabona ko kwamamaza inzu ku nzu ari bwo buryo bwiza bwo gushikira abantu.