Ja ku birimwo

Mwoba mwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu kugira muzorokoke?

Mwoba mwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu kugira muzorokoke?

 Oya. Ni ivy’ukuri ko twama twamamaza inkuru nziza inzu ku nzu, ariko ntitubona ko ico gikorwa ari co kizotuma turokoka. (Abanyefeso 2:8) Uti kubera iki?

 Ehe akarorero kogufasha kubitahura: Dufate ko hari umuntu w’umutima mwiza asezeranye ko azoha ingabirano izimvye cane umuntu wese azoba ari ahantu kanaka kw’igenekerezo rinaka. Nimba vy’ukuri wizigira ko azoshitsa uwo muhango, ubwo ntiwokora nk’uko yavuze? Nta nkeka ko ariko wogira! Bisubiye, hari aho utobura kubibwira incuti n’abagenzi kugira na bo ntibaze bacikwe n’iyo ngabirano ntibacike. Naho ari ukwo, ntiworonka iyo ngabirano ngo n’uko wakoze ivyo nya muntu yavuze. Ingabirano ni ingabirano.

 Muri ubwo buryo nyene, Ivyabona vya Yehova baremera ko Imana yasezeranye yuko izoha ubuzima budahera abantu bose bayigamburukira. (Abaroma 6:23) Turihatira kubwira abandi ivyo twizera, twizigiye ko bazokwungukira ku vyo Imana yasezeranye. Ariko ntitubona ko igikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza ari co kizotuma turokoka. (Abaroma 1:17; 3:28) Mu vy’ukuri, nta muntu n’umwe yokwigera aca iyo ngabirano idasanzwe itangwa n’Imana. “Ntiyadukijije bivuye ku bikorwa na bimwe vy’ubugororotsi twari twarakoze, ahubwo yadukijije bivuye ku mbabazi” zayo.—Tito 3:5.