Tito 3:1-15

  • Ukuyoboka kubereye (1-3)

  • Niwitegurire gukora ibikorwa vyiza (4-8)

  • Niwamirire kure impari z’ubupfu n’utugwi tw’idini (9-11)

  • Ivyo Pawulo yasavye Tito be n’indamutso (12-15)

3  Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose, 2  kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+. 3  Kuko na twebwe kera twari abantu b’imburabwenge, bagambarara, bazimiye, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitandukanye, turi abantu babi, b’abanyeshari, bashisha kandi bankana. 4  Ariko igihe ubuntu bw’Imana+, yo Mukiza wacu, n’urukundo ifitiye abantu vyerekanwa 5  (bivuye ku mbabazi zayo+, atari kubera ibikorwa bigororotse twari twarakoze+), yaradukijije mu kutwuhagiza amazi yatumye tugira ubuzima+. Yadukijije kandi mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+. 6  Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+, 7  kugira ngo tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwiwe buhebuje*+, tube ba samuragwa+ dufise icizigiro c’ubuzima budahera+. 8  Aya majambo ni ayo kwizigirwa, kandi ndipfuza ko wama ushimika kuri ivyo bintu kugira ngo abemeye Imana bashire umutima ku kwama bakora ibikorwa vyiza. Ivyo birabereye kandi biragirira akamaro abantu. 9  Mugabo wirinde rwose impari z’ubupfu, ivyo kurondera amamuko, amahane n’intambara zijanye n’amategeko*, kuko ata co vyungura umuntu kandi nta kamaro bifise+. 10  Nayo ku vyerekeye umuntu ashaka kuzana ivy’akagwi k’idini+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura* ubwa mbere n’ubwa kabiri+, 11  uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yicira urubanza. 12  Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose unsange i Nikopoli kuko ari ho nahisemwo kumara urushana. 13  Witwararike Zena wa muhanga mu vy’amategeko na Apolo, ubaronse ivyo bakeneye kugira ngo ntihagire ivyo bakena mu rugendo rwabo+. 14  Mugabo abantu bacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza, kugira ngo bagire ico bafashije iyo hari ibikenewe vyihuta+, ntibabe abantu batama ivyiza+. 15  Abari kumwe nanje bose barakuramutsa. Undamukirize abadukunda bari mu kwizera. Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «bakora ibitegereka», «batumira ku vyiyumviro vyabo», «batarenza urugero.»
^ Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
^ Canke «kumuburira.»