Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera

Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera

Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera

ESE ukuntu usanga bihimbaye kuraba uwugira agatebetebe w’umuhanga ariko agira udutebetebe mu buryo buryoheye ijisho abigiranye ububangukirwe! Bibiliya iremesha abakirisu kumenyereza ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira nka kurya nyene uwugira agatebetebe yimenyereza.

Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo yagize ati: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, abo ububasha bwabo bwo gutegera [Ijambo ku rindi ni “ibihimba vy’umubiri bifasha kumenya ibidukikije,”] biciye ku gukoreshwa, bumenyerezwa [nka kurya kw’uwugira agatebetebe] gutandukanya iciza n’ikibi.” (Heb. 5:14) Ni kubera iki Paulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo kumenyereza ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira nka kurya nyene uwugira agatebetebe yakanongoreye amenyereza imitsi yiwe? Dushobora gute kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera?

“Mwabwirizwa kuba muri abigisha”

Igihe Paulo yariko arasigura ikibanza Yezu afise co kuba “umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki,” yanditse ati: “Ku bimwerekeye [ni ukuvuga Yezu] turafise vyinshi vyo kuvuga kandi bigoye isigura, kuko mwacitse abakomantaye mu kwumva kwanyu. Kuko, vy’ukuri, naho mwabwirizwa kuba muri abigisha turavye igihe kihaciye, mwongeye gukenera uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’intango vy’amajambo meranda y’Imana; kandi mwacitse abakeneye amata, si ibifungurwa bigumye.”​—Heb. 5:10-12.

Biragaragara ko abakirisu b’Abayuda bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere batari barateye imbere mu gutahura be n’uko batari barashoboye gutera imbere mu vy’impwemu. Nk’akarorero, vyarabagora kwemera umuco wagenda urongerekana werekeye rya Tegeko be n’ukugenyerwa. (Ibik. 15:1, 2, 27-29; Gal. 2:11-14; 6:12, 13) Bamwebamwe babona ko bigoye guheba imigenzo ya kera ijanye n’isabato yagirwa buri ndwi be n’iyijanye n’Umusi w’impongano wagirwa uko umwaka utashe. (Kol. 2:16, 17; Heb. 9:1-14) Ni co gituma Paulo yabaremesheje kumenyereza ububasha bwabo bwo gutegera kugira ngo bashobore gutandukanya iciza n’ikibi yongera ababwira ko bakwiye ‘gutera baja imbere bagana ku buhumure.’ (Heb. 6:1, 2) Iyo mpanuro yatanze itegerezwa kuba yaravyuriye bamwebamwe umutima wo kuzirikana ku kuntu bariko barakoresha ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira kandi ishobora kuba yarabafashije gutera imbere mu vy’impwemu. Tweho bite?

Numenyereze ububasha bwawe bwo gutegera

Dushobora gute kumenyereza ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo tube abantu bahumuye mu vy’impwemu? Paulo yavuze ati: “Biciye ku gukoreshwa.” Nka kurya kw’abagira agatebetebe, abo usanga biciye ku kumenyereza imitsi yabo n’umubiri wabo bagira udutebetebe turyoheye ijisho kandi tugoye, turakwiye kumenyereza ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo butandukanye iciza n’ikibi.

Uwitwa John Ratey, uno akaba ari umwigisha mufasha w’ibijanye n’indwara zo mu mutwe kw’ishure ry’ivy’ubuvuzi ry’i Harvard, avuga ati: “Gukoresha ubwonko bwawe ni co kintu conyene ciza kuruta ibindi vyose ushobora kubugirira.” Twisunze ibivugwa n’uwitwa Gene Cohen, uno akaba ari umuyobozi w’ikigo kigira ubushakashatsi ku vyerekeye ubusaza, amagara n’inyifato y’abantu kuri kaminuza yitiriwe George Washington, “igihe dukoresha ubwonko bwacu ibintu bitoroshe, udutsi nsozabwenge turanagako utundi dushami, bigaca bituma aho utwo dutsi dufatanira hongerekana,” ivyo bikaba bituma umuntu yoroherwa no kwiga ibintu bishasha.

Twoba tubaye inkerebutsi rero tumenyereje ububasha bwacu bwo kwiyumvira maze tukongereza ubumenyi dufise bwerekeye Ijambo ry’Imana. Tubigenjeje gutyo, tuzorushiriza kugira ibikenewe kugira ngo dukore “ukugomba kw’Imana . . . gutunganye.”​—Rom. 12:1, 2.

Nutsimbataze akayabagu k’“ibifungurwa bigumye”

Nimba twipfuza ‘gutera imbere tugana ku buhumure,’ turakeneye kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndatera imbere ku bijanye no gutahura ukuri kwo muri Bibiliya? Abandi boba babona ko ndi umuntu ahumuye mu vy’impwemu?’ Inabibondo arahimbarwa no kugaburira uruyoya rwiwe amata n’udufungurwa tw’inzoya igihe rukiri uruhinja. Mugabo niwiyumvire ukuntu yohagarika umutima igihe hoca imyaka mugabo uwo mwana ntafungure ibifungurwa bigumye. Muri ubwo buryo nyene, turahimbarwa no kubona umuntu twigisha Bibiliya atera imbere gushika aho yiyegurira Imana akabatizwa. Ariko none, vyogenda gute hamwe uwo muntu mu nyuma atoshobora gutera imbere mu vy’impwemu? Ivyo none ntivyotuvuna umutima? (1 Kor. 3:1-4) Umwigisha aba yizigiye ko igihe nicagera uwo mwigishwa mushasha na we nyene azoba umwigisha.

Gukoresha ububasha bwacu bwo gutegera kugira ngo twiyumvire ibintu binaka bisaba kuzirikana no kugira akigoro. (Zab. 1:1-3) Ntidukwiye kureka ibisamaza, nk’ukurorera televiziyo canke ukwinezereza, bidasaba gukoresha ubwenge cane, ngo bitubuze kuzirikana ku bintu bihambaye. Kugira ngo dutsimbataze ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira, birakenewe ko dutsimbataza akayabagu ko kwiga Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” tukongera tukimara ako kayabagu. (Mat. 24:45-47) Uretse porogarama yo kwisomera Bibiliya tudahorereza, birahambaye ko dutegekanya umwanya w’Ugusenga kwo mu muryango n’uwo kwiga bimwe bigera kure ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya.

Uwitwa Jerónimo, uno akaba ari umucungezi w’ingenzi wo muri Megizike, avuga yuko yiga inomero yose y’Umunara w’Inderetsi ikimara kuboneka. Arategekanya kandi umwanya wo kwiga ari kumwe n’umukenyezi wiwe. Jerónimo avuga ati: “Uko turi abubakanye turafise akamenyero ko gusomera hamwe Bibiliya ku musi ku musi, kandi turakoresha ibikoresho nka ka gatabu ‘Ca gihugu ciza.’” Umukirisu umwe yitwa Ronald avuga yuko yama ajana n’urutonde rwo gusoma Bibiliya rwo mw’ishengero. Arafise kandi porogarama imwe canke zibiri zo kumara umwanya muremure ariko ariyigisha. Ronald avuga ati: “Izo porogarama ziratuma nitegana umushasharo ikiringo co kwiyigisha gikurikira.”

Tweho bite? Twoba turiko turafata umwanya uhagije wo kwiga Bibiliya no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana? Twoba turiko turamenyereza ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira gutyo tukamenya utuntu n’utundi mu bijanye no gufata ingingo twisunze ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe? (Imig. 2:1-7) Ese twogira intumbero yo kuba abantu bahumuye mu vy’impwemu, bafise ubumenyi n’ubukerebutsi bifiswe n’abantu bamenyereje ububasha bwabo bwo gutegera kugira ngo butandukanye iciza n’ikibi!

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]

Tumenyereza ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira ‘biciye ku kubukoresha’