Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ko Yehova yiyamiriza ugusenga ibigirwamana, ni kubera iki atahanye Aroni igihe yahingura imasa y’inzahabu?

Igihe Aroni yahingura ya masa y’inzahabu, nk’uko bivugwa muri Kuvayo ikigabane ca 32, yararenze kw’itegeko Imana yatanze ku bijanye n’ugusenga ibigirwamana. (Kuv. 20:3-5) Ivyo vyatumye “Uhoraho arakira Aroni cane, bituma agomba kumwica; ariko na we [Musa aca a]ramusabira muri ico gihe nyene.” (Gus. 9:19, 20) None ukwo gusaba kw’uwo mugabo w’umugororotsi Musa kwoba kwaragize “inguvu nyinshi” mu bijanye na Aroni? (Yak. 5:16) Ego cane. Biboneka ko Yehova yishuye isengesho rya Musa maze ntiyahana Aroni yisunze ukwo gusaba be n’izindi mvo n’imiburiburi zibiri.

Bigaragara ko imvo imwe yari ijanye n’ukuntu Aroni yari yarabaye umwizigirwa. Igihe Musa yashingwa igikorwa co kurenguka imbere ya Farawo no gukura Abisirayeli mu Misiri, Yehova yagenye Aroni ngo aherekeze Musa maze amubere umuvugizi. (Kuv. 4:10-16) Abo bagabo babiri bararengutse imbere y’umwami wa Misiri incuro nyinshi babigiranye ukugamburuka, barihanganira ugukomantara umutima kwa Farawo. Gutyo rero igihe bari bakiri mu Misiri, Aroni yarasukuriye Yehova ari intahemuka kandi ashikamye.​—Kuv. 4:21.

Rimbura kandi icatumye Aroni ahingura ya masa y’inzahabu. Musa yari amaze imisi 40 ku Musozi Sinayi. “Abantu babonye Mose atevye kuri uwo musozi atamanutse,” baciye bajijura Aroni ngo abakorere ikigirwamana. Aroni yaremeye maze arahingura igishusho c’imasa c’inzahabu. (Kuv. 32:1-6) Ariko rero, ivyo Aroni yaciye akora birerekana yuko umutima wiwe utari ushigikiye ukwo gusenga ibigirwamana. Biboneka yuko yatwawe n’umukazo. Nk’akarorero, igihe Musa yatorera umuti ruhasha ico kibazo co gusenga ibigirwamana, bene Lewi bose, harimwo na Aroni, baragiye ku ruhande rwa Yehova bashikamye. Abantu ibihumbi bitatu basenze ibigirwamana bari bagiye imbere abandi muri ukwo gusenga ibigirwamana barishwe.​—Kuv. 32:25-29.

Inyuma y’aho, Musa yabwiye abantu ati: “Mwakoze icaha gikomeye.” (Kuv. 32:30) Gutyo, Aroni ntiyari we wenyene yagirwa ku rugero runaka n’ico kibi. We hamwe n’abandi bantu barungukiye ku mbabazi nyinshi cane za Yehova.

Inyuma y’ico kintu cabaye cerekeye iyo masa y’inzahabu, Yehova yategetse yuko Aroni agirwa umuherezi mukuru. Imana yabwiye Musa iti: “Wambike Aroni ya myambaro yejejwe, umurobanuze ayo mavuta, umweze, kugira ngw ankorere igikorwa c’ubuherezi.” (Kuv. 40:12, 13) Biragaragara ko Yehova yababariye Aroni ubugoyagoye bwiwe. Mu mutima, Aroni yari umuntu ashigikira adahemuka ugusenga kw’ukuri, ntiyari umugarariji asenga ibigirwamana.