Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Harani ikibanza ca kera cakorerwamwo ibikorwa vyinshi

Harani ikibanza ca kera cakorerwamwo ibikorwa vyinshi

Harani ikibanza ca kera cakorerwamwo ibikorwa vyinshi

KU BAMENYEREYE Ivyanditswe, uvuze gusa izina Harani baca ubwo nyene babona umwe sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa ari we Aburahamu. Igihe yagira urugendo ava i Uri aja mu gihugu c’i Kanani, we n’umukenyezi wiwe Sara, hamwe na se wiwe Tera, be n’umuhungwabo Loti barahagaze i Harani barahamara igihe kinaka. Ng’aho Aburahamu yaraharonkeye amatungo menshi cane. Se wa Aburahamu amaze gupfa, Aburahamu yarabandanije urugendo rwiwe agana mu gihugu Imana y’ukuri yari yaramusezeraniye. (Ita. 11:31, 32; 12:4, 5; Ibik. 7:2-4) Mu nyuma, Aburahamu yararungitse i Harani canke mu karere ka hafi y’aho, umusuku wiwe yari akuze gusumba abandi kugira ngo aje kuronderera umukenyezi Izahaki. Umwuzukuru wa Aburahamu ari we Yakobo na we nyene yarabaye ng’aho imyaka itari mike.​—Ita. 24:1-4, 10; 27:42-45; 28:1, 2, 10.

Mu butumwa bw’ingabisho Umwami Senakeribu wa Ashuri yarungikiye Umwami Hezekiya wa Yuda, Harani ivugwa ko iri mu “mahanga” yatsinzwe n’abami ba Ashuri. Izina “Harani” ng’aho ntiryerekeza gusa kuri ico gisagara ariko ryerekeza no ku ntara zari zigikikuje. (2 Abm. 19:11, 12) Ubuhanuzi bwa Ezekiyeli buvuga ko Harani cari kimwe mu bisagara nyamukuru vyakorana na Tiro mu vy’ubudandaji, ivyo bikaba vyemeza uruhara Harani yari ifise mu kuba ikibanza gihambaye gikorerwamwo ivy’ubudandaji.​—Ezk. 27:1, 2, 23.

Ubu Harani ni agasagara gatoya gusa gaherereye hafi ya Şanlıurfa, mu Buseruko bwa Turukiya. Mugabo igisagara ca kera ca Harani carigeze vy’ukuri kuba ikibanza gikorerwamwo ibikorwa vyinshi. Harani ni kimwe mu bibanza vyabamwo abantu bikeyi cane vya kera bigifise izina vyitwa muri Bibiliya. Izina ryaco ryo mu rurimi rw’Abashuri ari ryo Harranu rishobora gusobanura “Ibarabara” canke “Ibarabara ry’ingenzi,” ivyo bikaba vyerekana ko igisagara ca Harani cari giherereye ku mabarabara makurumakuru yacamwo ibidandazwa yahuza ibisagara bininibinini kukiruta. Twisunze ivyandikano vyacukuwe i Harani, nyina w’Umwami Nabonide wa Babiloni yari umuherezikazi mukuru ku rusengero rwa Sin, kino kikaba cari ikimana c’ukwezi c’i Harani. Bivugwa ko Nabonide yasanuye urwo rusengero. Mu nyuma, abantu b’i Harani bariboneye ingene inganji nganzabami zitandukanye zagiye zirahaguruka zongera zitemba.

Muri iki gihe, Harani iratandukanye rwose n’ingene yari imeze muri kahise. Harani ya kera cari igisagara giteye imbere cane kandi gihambaye, na canecane mu biringo binaka. Harani yo muri kino gihe yoyo igizwe gusa n’umugwi w’amazu afise ibisenge vy’umuzingi. Ikikujwe n’ibisigarira vy’amahanga ya kera. Mw’isi nshasha izoshirwaho n’Imana, abantu benshi bigeze kuba i Harani, harimwo Aburahamu, Sara na Loti, bazozuka. Birashoboka rwose ko bazoshobora kutubwira n’ibindi vyinshi ku vyerekeye Harani, ikibanza ca kera cakorerwamwo ibikorwa vyinshi.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 20]

Ibibomagurike vya Harani

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 20]

Amazu afise ibisenge vy’umuzingi

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 20]

Ishusho yerekana igice kinini ca Harani yo muri kino gihe