Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Mu 2 Ab’i Korinto 6:14, Paulo yerekeza kuri bande igihe akoresha ijambo “abatizera”?

Mu 2 Ab’i Korinto 6:14, tuhasoma uku: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye”. Turavye amajambo akikije ico canditswe, biragaragara yuko Paulo ariko aravuga abantu biboneka neza ko batari mw’ishengero rya gikirisu. Iyo ntahuro irashigikirwa n’iyindi mirongo yo muri Bibiliya ivuga ukuntu Paulo yakoresheje iryo jambo “uwutizera” canke “abatizera”.

Nk’akarorero Paulo arakangira abakirisu kubera baja kuburanira “ku batizera” (1 Ab’i Korinto 6:6). Abo batizera bavugwa ngaha, ni abacamanza bakora muri sentare y’i Korinto. Mw’ikete rigira kabiri Paulo yanditse, avuga yuko Shetani ‘yahumye imitima abatizera’. Amaso y’abo batizera ‘yaratwikiriwe’ ngo ubutumwa bwiza ntibubakire. Abo batizera nta co bagize cerekana yuko bashaka gukorera Yehova, kuko imbere y’aho, Paulo yari yasiguye ati: “Iy’umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikūrwaho”.—2 Ab’i Korinto 3:16; 4:4.

Abatizera bamwebamwe barisuka mu vyo kurenga amategeko canke mu vy’ugusenga ibigirwamana (2 Ab’i Korinto 6:15, 16). Ariko rero si bose barwanya abasavyi ba Yehova. Bamwebamwe barashimishwa n’ukuri. Benshi usanga bubakanye n’abakirisu kandi bagashima kugumana na bo (1 Ab’i Korinto 7:12-14; 10:27; 14:22-25; 1 Petero 3:1, 2). Ariko rero, Paulo aguma akoresha ijambo “uwutizera” ku bantu batari mw’ishengero rya gikirisu nk’uko vyavuzwe aho haruguru, iryo shengero rikaba rigizwe n’“abizera Umwami”.—Ivyakozwe 2:41; 5:14; 8:12, 13.

Ingingo ngenderwako iri mu 2 Ab’i Korinto 6:14 ni inyobozo y’agaciro ku bakirisu mu mice yose y’ubuzima kandi kenshi yavuzwe ko ari impanuro iranga ubukerebutsi ku bakirisu bariko barondera uwo bazokwubakana (Matayo 19:4-6). Umukirisu yiyeguye akabatizwa, abigiranye ubukerebutsi ntaronderera mu batizera uwo bazokwubakana, kubera yuko ingingo ngenderwako z’abatizera, amahangiro yabo be n’ivyo bemera bitandukanye rwose n’ivy’abakirisu nyakuri.

Ariko none, tuvuge iki ku bantu biga Bibiliya kandi bakaba bifatanya n’ishengero rya gikirisu? Bite hoho ku bamamaji batarabatizwa? Boba ari abatizera? Oya. Abantu bemeye ukuri kw’inkuru nziza kandi bakaba bariko baratera imbere bagana ku kubatizwa ntibakwiye kwitwa abatizera (Abaroma 10:10; 2 Ab’i Korinto 4:13). Imbere y’uko Koruneliyo abatizwa, yiswe “umuntu yubaha Imana akayitinya”.—Ivyakozwe 10:2.

Vyoba none biranga ubukerebutsi umukirisu yiyeguye akabatizwa abandanije kureshanya ku bwo kuzokwubakana n’umuntu w’umwamamaji atarabatizwa, kubera yuko, tugumye ku vyo Paulo yavuze, impanuro yatanze yanditswe mu 2 Ab’i Korinto 6:14 itoshobora gukora muri ico gihe? Oya, ivyo ntibiranga ubukerebutsi. Kubera iki? Kubera impanuro idakikiriza Paulo yatanze ku vyerekeye abakirisu b’abapfakazi. Paulo yanditse ati: “Nta kimubuza gucūrwa n’uw’agomba, mugabo rero, ar’ūri mu Mwami [“gusa”, “NW”]” (1 Ab’i Korinto 7:39, ni twe tubihiritse.). Mu buryo buhuye n’iyo mpanuro, abakirisu biyeguye bahimirizwa kurondera uwo bazokwubakana mu bari “mu Mwami” gusa.

Iyi mvugo ngo “mu Mwami” be n’iyi bifitaniye isano ari yo “muri Kristo” zisobanura iki? Mu Baroma 16:8-10 no mu Ab’i Kolosayi 4:7, Paulo avuga abantu bari “muri Kristo” canke mu Mwami”. Usomye iyo mirongo, urabona yuko mwene abo bantu bari mu Mwami bitwa: ‘abakorana natwe’, ‘abagejejwe’, ‘bene Data dukunda’, ‘abakozi b’abizigirwa’, bakaba kandi ‘abagenzi dukorana mu Mwami wacu’.

Ni ryari umuntu acika uwo ‘dukorana mu Mwami’? Ni igihe yemeye n’umutima ukunze gukora ivyo umushumba ategerezwa gukora akongera akiyanka. Yezu asigura ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye,” NW] ankurikir[a]” (Matayo 16:24). Umuntu atangura gukurikira Kirisitu no kuyoboka mu buryo bushitse ivyo Imana igomba igihe yiyeguriye Imana. Mu nyuma, aritanga akabatizwa agaca acika umusuku yatiwe afise impagararo yemewe imbere ya Yehova Imana *. Ku bw’ivyo rero, ‘kwubaka mu Mwami’ bisobanura kwubakana n’umuntu yerekanye vy’ukuri ko ari uwizera, ni ukuvuga “umugurano w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo” yiyeguye.—Yakobo 1:1.

Umuntu ariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi akaba ariko aragira iterambere ryiza ryo mu vy’impwemu, arakwiye gukezwa. Ariko rero, ntaba ariyegurira Yehova kandi ngo yemere icese yuko agiye kugira ubuzima bwo gusukurira Imana no kwitanga. Aba akiriko aragira amahinduka akenewe. Aba akeneye gukwiza amahinduka nyamukuru akenewe kugira ngo acike umukirisu yiyeguye kandi yabatijwe, imbere y’uko azirikana kugira irindi hinduka ryo mu buzima rihambaye, nk’akarorero ugushinga urwiwe.

Vyoba vyohanurwa yuko umukirisu aja mu vyo kureshanya n’umuntu asa n’uwufise iterambere ryiza mu kwiga Bibiliya kwiwe, kumbure akabigira afise intumbero yo kurindira gushika nya muntu abatijwe bakabona kwubakana? Oya. Imvo zituma umutohoji wa Bibiliya yipfuza kuba umukirisu yabatijwe zoshobora kugora kumenya mu gihe amenye yuko hari umukirisu yiyeguye ashaka ko bubakana ariko ko arindiriye gushika abatizwe.

Ahanini, umuntu amara ikiringo gitoyi gusa ari umwamamaji atarabatizwa imbere y’uko atera imbere agashika kw’ibatisimu. Rero, iyo mpanuro yatanzwe yo kwubaka mu Mwami gusa si iyidategereka. Bite hoho, nimba umuntu akwije imyaka yo kwubaka, yakuriye mu muryango w’abakirisu, amaze igihe ari umunyamwete mw’ishengero, kandi akaba ari umwamamaji atarabatizwa? Nimba ibintu vyifashe gutyo, ni igiki camubujije kwegurira ubuzima bwiwe Yehova? Ni iki gituma agonanwa? Yoba afise amakenga? Naho atari uwutizera, ntitwovuga ko ari “mu Mwami”.

Impanuro Paulo atanga ku bijanye n’ukwubaka ayitanga ku bw’ineza yacu (Yesaya 48:17). Igihe abaraririye kwubakana bose uko ari babiri biyeguriye Yehova, indagano bagiriranira mu mubano w’ababiranye iragira umushinge wo mu vy’impwemu ukomeye. Baba bagengwa n’ingingo ngenderwako zimwe kandi baba basangiye imigambi. Ivyo biraterera ikintu kinini gituma haba umubano urangwamwo agahimbare. Ikigeretseko, umuntu ‘yubatse mu Mwami’ aba abaye intahemuka kuri Yehova, ivyo na vyo bikaba bishikana ku mihezagiro iramba, kubera yuko ‘ku ntahemuka [Yehova] azokwiyerekana ari intahemuka’.—Zaburi 18:25.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 10 Ku bakirisu basizwe, abo Paulo yerekezako ubwa mbere na mbere ikete ryiwe, kuba ‘umugenzi dukorana mu Mwami’, birimwo kandi kuba barasizwe ngo babe abana b’Imana n’abavukanyi ba Kirisitu.

[Ifoto ku rup. 31]

‘Ku ntahemuka [Yehova] azokwiyerekana ari intahemuka’