Umwamamaji ariko avuga inkuru nziza muri Gana

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Nzero 2017

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi be n’ukuri kwo muri Bibiliya kwerekeye imisi ya nyuma. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yehova aritwararika abasavyi biwe

Nka kurya kw’umwakiranyi w’inda nziza, Yehova araturonsa ibifungurwa vy’impwemu ku bwinshi.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Umwami azoganza ku bw’ubugororotsi”

Umwami Yezu araturonsa abakurambere bitwararika ubusho. Bararuhurira ubusho mu kubuha indemesho n’ubuyobozi bwo mu vyanditswe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa

Abashuri bashaka ko Abayuda bishikana batarinze kurwana, ariko Yehova yararungitse umumarayika gukingira Yeruzalemu.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”

Birahambaye ko twizigira Yehova Imana mu bihe vyiza no mu bihe bibi. Hezekiya yerekanye gute ko yizigira Imana?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yehova araha ububasha uwurushe

Ukuntu inkona iguruka kuratwibutsa neza ingene natwe dushobora kubandanya gukorera Imana tubikesheje inkomezi iduha.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo

Twobwira iki Yehova igihe dusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ivyo Yehova avuga vyama biranguka

Yehova yaramenyesheje biciye kuri Yesaya ivyoshikiye Babiloni, hagisigaye imyaka nka 200 ngo bibe.