Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO NZERO 2017

2-8 Nzero

YESAYA 24-28

2-8 Nzero
  • Ururirimbo rwa 12 n’isengesho

  • Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Yehova aritwararika abasavyi biwe”: (Imin. 10)

    • Yes 25:4, 5—Yehova ni ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu bw’abo bose bipfuza kumukorera (ip-1 272 ing. 5)

    • Yes 25:6—Yehova arashitsa isezerano ryiwe ryo kuduha imfungurwa z’ivy’impwemu ku bwinshi (w16.05 24 ing. 4; ip-1 273 ing. 6-7)

    • Yes 25:7, 8—Icaha n’urupfu bigiye gukurwaho ubutakigaruka (w14 15/9 26 ing. 15; ip-1 273-274 ing. 8-9)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Yes 26:15—Twofasha gute Yehova kwagura “imipaka yose y’igihugu”? (w15 15/7 11 ing. 18)

    • Yes 26:20—Vya “vyumba” vyari vyaravuzwe vyoba bifitaniye isano n’iki? (w13 15/3 23 ing. 15-16)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?

    • Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yes 28:1-13

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Ikiganiro c’uguhana ijambo gishingiye ku gice kivuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.” Kuri buri buryo, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Muri Nzero, bishitse abamamaji bagahura n’umuntu yipfuza kumenya ibijanye n’Umuremyi mu buryo bwimbitse, boshobora kumuha ka gatabu kavuga inkomoko y’ubuzima (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie). Baremeshe kurondera akaryo ko kwerekana akavidewo kavuga ngo Vyoba vyararemwe?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU