Inkuru nziza iva ku Mana

Iyo nkuru nziza iva ku Mana ni iyihe? Kubera iki twoyemera? Aka gatabu karishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya bikunda kubazwa.

Ukuntu wokwungukira kuri aka gatabu

Aka gatabu kazogufasha kugira ivyo wize uvyisomeye mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Raba ukuntu wokoresha Bibiliya yawe kugira ngo utore aho ivyanditswe binaka biherereye.

ICIGWA CA 1

Iyo nkuru nziza ni iyihe?

Numenye iyo nkuru nziza iva ku Mana iyo ari yo, igituma vyihutirwa ko abantu bumva iyo nkuru, be n’ico ukwiye gukora.

ICIGWA CA 2

Imana ni nde?

Imana yoba ifise izina kandi yoba itubabaye?

ICIGWA CA 3

Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?

Ni ibiki bitwemeza ko ubutumwa bwo muri Bibiliya bukomoka ku Mana?

ICIGWA CA 4

Yezu Kristu ni nde?

Numenye igituma Yezu yapfuye, incungu ico ari co, be n’ico Yezu ariko arakora ubu.

ICIGWA CA 5

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Bibiliya irasigura igituma Imana yaremye isi, igihe imibabaro izoherera, be n’ukuntu isi n’abayibako bizobagendera muri kazoza.

ICIGWA CA 6

Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?

Bitugendera gute iyo dupfuye? Twoba tuzosubira kubona abacu bapfuye?

ICIGWA CA 7

Ubwami bw’Imana ni iki?

Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde, kandi ni ibiki ubwo Bwami buzoshikako?

ICIGWA CA 8

Ni kubera iki Imana ireka hakaba ibibi be n’imibabaro?

Ikibi catanguye gute, kandi kubera iki Imana yakiretse kikabandanya? Imibabaro yoba izoteba igahera?

ICIGWA CA 9

Mworonka gute agahimbare mu rugo rwanyu?

Yehova we Mana ihimbawe yipfuza ko ingo zihimbarwa. Numenye impanuro ngirakamaro Bibiliya iha abagabo, abagore, abavyeyi, n’abana.

ICIGWA CA 10

Womenya gute abasenga mu kuri?

Hoba hari idini ry’ukuri rimwe gusa? Raba ibintu bitanu vyerekana abasenga mu kuri.

ICIGWA CA 11

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Yezu yarasiguye igituma dukeneye ubuyobozi be n’ingingo ngenderwako zibiri zo muri Bibiliya zihambaye cane.

ICIGWA CA 12

Wokwiyegereza Imana gute?

Numenye nimba Imana yumviriza amasengesho yose, ukuntu dukwiye gusenga, be n’ibindi twokora kugira ngo twiyegereze Imana.

ICIGWA CA 13

Ni ibiki bizoshikira amadini?

Abantu bose boba bazoteba bagahurikira hamwe mu gusenga Imana yonyene y’ukuri?

ICIGWA CA 14

Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?

Bibiliya iravuga igituma n’ukuntu abakirisu b’ukuri bagize ishirahamwe.

ICIGWA CA 15

Kubera iki ukwiye kubandanya wiga Bibiliya?

Abandi bokwungukira gute ku vyo umaze kumenya ku vyerekeye Imana? Ni ubucuti ubuhe ushobora kugiranira n’Imana?