Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Inkuru nziza iva ku Mana

 ICIGWA CA 11

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

1. Kubera iki dukeneye ubuyobozi?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute gutuma dufata ingingo zo kwirinda amasanganya?—ZABURI 36:9.

Umuremyi wacu araturusha ubukerebutsi. Kubera ko ari Dawe wa twese adukunda, aratwitwararika. Vyongeye, ntiyaturemye ngo twiyobore. (Yeremiya 10:23) Ku bw’ivyo, nka kurya nyene umwana mutoyi akenera ubuyobozi ahabwa n’abavyeyi biwe, twese turakeneye ubuyobozi buva ku Mana. (Yesaya 48:17, 18) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirimwo ubuyobozi, ubwo na bwo bukaba ari ingabirano iva ku Mana.—Soma 2 Timoteyo 3:16.

Amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe biratwigisha uburyo bwiza kuruta bwo kubaho ubu, n’ukuntu twoshobora kuzoronka ivyiza vyamaho. Kubera ko Imana ari yo yaturemye, birabereye ko twemera ubuyobozi iduha.—Soma Zaburi 19:7, 11; Ivyahishuwe 4:11.

2. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni iki?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ibintu vy’ukuri vy’ishimikiro Bibiliya yigisha. Ariko amategeko aratandukanye n’ingingo ngenderwako kuko yoyo ushobora gusanga akora gusa ku bintu kandondwa. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Tubwirizwa rero gukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo tumenye ingene ingingo ngenderwako kanaka ikora mu gihe ibintu biba vyifashe ukunaka. (Imigani 2:10-12) Nk’akarorero, Bibiliya yigisha ko ubuzima ari ingabirano iva ku Mana. Iyo ngingo ngenderwako y’ishimikiro irashobora kutuyobora ku kazi, i muhira be n’igihe dufashe urugendo. Iratuma dufata ingingo zo kwirinda amasanganya.—Soma Ivyakozwe 17:28.

3. Ni ingingo ngenderwako zibiri izihe zihambaye kuruta izindi?

Yezu yaravuze ingingo ngenderwako zibiri zihambaye kuruta izindi. Iya mbere irahishura ikintu nyamukuru  catumye twebwe abantu turemwa, na co kikaba ari kugira tumenye Imana, tuyikunde kandi tuyikorere tudahemuka. Mu ngingo zose dufata turakwiye kubanza kuzirikana kuri iyo ngingo ngenderwako. (Imigani 3:6) Abagumiza iyo ngingo ngenderwako ku muzirikanyi baragiranira ubucuti bwiza n’Imana, bakagira agahimbare nyakuri, kandi bazoronka ubuzima budahera.—Soma Matayo 22:36-38.

Ingingo ngenderwako igira kabiri ituma tugiranira ubucuti burangwa amahoro n’abandi. (1 Abakorinto 13:4-7) Gukurikiza iyo ngingo ngenderwako igira kabiri bisobanura gufata abantu nk’uko Imana ibafata.—Soma Matayo 7:12; 22:39, 40.

4. Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirigisha ukuntu abagize imiryango bokwunga ubumwe mu rukundo. (Abakolosayi 3:12-14) N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana rirakingira abagize imiryango mu kubigisha iyindi ngingo ngenderwako bokwisunga, na yo ikaba ari iy’uko ababiranye bakwiye kubana akaramata.—Soma Itanguriro 2:24.

Dushize mu ngiro inyigisho zo muri Bibiliya turashobora kumererwa neza mu mutima no ku mubiri. Nk’akarorero, abakoresha bakunda gukoresha abakozi babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zidusaba kuba inzirabugunge n’abanyamwete. (Imigani 10:4, 26; Abaheburayo 13:18) N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana riratwigisha kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa gusa no kubona ko ubucuti dufitaniye n’Imana bufise agaciro kuruta ibintu vy’umubiri.—Soma Matayo 6:24, 25, 33; 1 Timoteyo 6:8-10.

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora gukingira amagara yacu. (Imigani 14:30; 22:24, 25) Nk’akarorero, gukurikiza itegeko ry’Imana ribuza kuborerwa biratuma tudahitanwa n’indwara canke amasanganya biterwa n’akaborerwe. (Imigani 23:20) Yehova aratwemerera kunywa inzoga ariko ntiturenze urugero. (Zaburi 104:15; 1 Abakorinto 6:10) Turungukira ku ngingo ngenderwako z’Imana kuko zitatwigisha gusa kwiyubara mu vyo dukora, ariko no mu vyo twiyumvira. (Zaburi 119:97-100) Ariko ntiwumve, abakirisu b’ukuri ntibubaha ingingo ngenderwako z’Imana kugira gusa bazungukireko. Bazubaha kugira batere iteka Yehova.—Soma Matayo 5:14-16.

 

Raba n'ibindi

Tubeho mu buryo buhimbara Imana

Birashoboka ko ubaho mu buryo buhimbara Yehova. Nkako, urashobora kuba umugenzi wiwe.

Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona

Imana ibona gute ivyo gukorora inda, guterwa amaraso be n’ubuzima bw’igikoko?

Gusaba kwigishwa Bibiliya

Niwironkere ivyigwa vya Bibiliya ku mwanya no mu kibanza bikworohereza.