ICIGWA CA 12
Wokwiyegereza Imana gute?
1. Imana yoba yumviriza amasengesho yose?
Imana isaba abantu bo mu moko yose ngo bayiyegereze mw’isengesho. (Zaburi 65:2) Mugabo, ntiyumviriza amasengesho yose. Nk’akarorero, amasengesho aturwa n’umugabo afata nabi umugore wiwe arashobora gutangirwa. (1 Petero 3:7) Vyongeye, igihe Abisirayeli bashishikara gukora ibibi, Imana yaranka kwumviriza amasengesho yabo. Mu vy’ukuri, gutura isengesho ni agateka. Ariko Imana irashobora kwumviriza mbere n’amasengesho y’abacumuzi katwa igihe bigaye.—Soma Yesaya 1:15; 55:7.
Raba ividewo Imana yoba yumviriza amasengesho yose?
2. Dukwiye gusenga gute?
Dukwiye gusenga Yehova wenyene kubera ko ari we Muremyi wacu akaba n’Imana yacu. (Matayo 4:10; 6:9) Vyongeye, kubera ko tudatunganye, dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu kuko ari we yapfuye azira ibicumuro vyacu. (Yohani 14:6) Yehova ntiyipfuza ko tuza turasubiramwo amasengesho twafashe ku mutwe canke yanditse ahantu. Yipfuza ko tumusenga tubikuye ku mutima.—Soma Matayo 6:7; Abafilipi 4:6, 7.
Umuremyi wacu arashobora kwumva mbere amasengesho atuwe mu gacerere. (1 Samweli 1:12, 13) Adusaba kumusenga ibihe vyose, nk’igihe umusi utanguye canke urangiye, mu bihe vyo gufungura be n’igihe dushikiwe n’ingorane.—Soma Zaburi 55:22; Matayo 15:36.
3. Kubera iki abakirisu bakoranira hamwe?
Kwiyegereza Imana ntivyoroshe kubera ko dukikujwe n’abantu batizera Imana kandi bakengera umuhango yatanze wo kuzana amahoro kw’isi. (2 Timoteyo 3:1, 4; 2 Petero 3:3, 13) Ku bw’ivyo, turakeneye kwifatanya mu buryo buremesha n’abo dusangiye ukwizera, kandi na bo baradukeneye.—Soma Abaheburayo 10:24, 25.
Kwifatanya n’abantu bakunda Imana biradufasha kuyiyegereza. Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova aratuma umuntu aronka uturyo twiza two kwungukira ku kwizera kw’abandi.—Soma Abaroma 1:11, 12.
4. Woshobora gute kwiyegereza Imana?
Woshobora kwiyegereza Yehova mu kuzirikana ivyo wiga mw’Ijambo ryiwe. Nuzirikane ibikorwa vyiwe, impanuro atanga be n’ivyo yasezeranye. Kuzirikana ubijanisha n’isengesho biratuma urushiriza gutahura urukundo rw’Imana n’ubukerebutsi bwayo.—Soma Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1-3.
Ushobora kwiyegereza Imana mu gihe gusa uyizigira kandi ukayizera. Mugabo ukwizera kumeze nk’ikintu gifise ubuzima gikeneye kugaburirwa. Utegerezwa kwama ugaburira ukwizera kwawe mu kuza urazirikana kw’ishingiro ry’ivyo wemera.—Soma Matayo 4:4; Abaheburayo 11:1, 6.
5. Kwiyegereza Imana bizokumarira iki?
Yehova aritwararika abamukunda. Arashobora kubarinda ikintu cose coshobora guhungabanya ukwizera kwabo be n’icizigiro bafise co kubaho ibihe bidahera. (Zaburi 91:1, 2, 7-10) Aratugabisha ku bijanye n’uburyo bwo kubaho bwoshobora kugirira nabi amagara yacu bukongera bugatuma dutakaza umunezero. Yehova aratwigisha uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose.—Soma Zaburi 73:27, 28; Yakobo 4:4, 8.