Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA KUBA UMUGENZI W’IMANA

Woba ukora ivyo Imana igusaba?

Woba ukora ivyo Imana igusaba?

“Ikintu cose wipfuza umbwire, ndakigukorera.” Ivyo ntushobora kubibwira umuntu utazi canke umuntu muzinanye gusa. Ariko urashobora kubibwira umugenzi wawe ashika. Umugenzi usanga yama yiteguriye gukora ico umugenzi wiwe amusavye.

Bibiliya irerekana ko Yehova yama akorera abamusenga ibintu bituma bahimbarwa. Nk’akarorero, Umwami Dawidi uwagiraniye ubugenzi n’Imana, yavuze ati: “Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi, ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko. . . . Ni vyinshi kuruta ivyo nodonda!” (Zaburi 40:5) Yehova arakorera mbere n’abantu bataramumenya ibintu bituma bahimbarwa, “ikanengesereza imitima ya[bo] ibifungurwa be n’urweze.”Ivyakozwe 14:17.

Turahimbarwa no gukorera ikintu abantu dukunda kandi twubaha

Kubera ko Yehova ahimbarwa no gukora ibintu bituma abandi bahimbarwa, abipfuza kuba abagenzi biwe na bo nyene bategerezwa gukora ibintu ‘binezereza umutima’ wiwe. (Imigani 27:11) Ariko none, ni ibiki wokora kugira ngo unezereze Imana? Bibiliya yishura iti: “Ntimwibagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.” (Abaheburayo 13:16) Ivyo vyoba bisobanura ko gukora iciza no gusangira ibintu n’abandi ari vyo vyonyene ukwiye gukora kugira unezereze Imana?

Bibiliya ivuga iti: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose.” (Abaheburayo 11:6) Biri n’ico bivuze kubona ‘Aburahamu yiswe umugenzi wa Yehova’ amaze ‘kwizera Yehova.’ (Yakobo 2:23) Yezu Kristu yarerekanye ko ‘kwizera Imana’ bihambaye nimba twipfuza ko iduhezagira. (Yohani 14:1) None ushobora gute kugira ukwizera Imana irondera mu bo igira abagenzi? Ico woherako ni ukwiga Ijambo ryayo Bibiliya udahorereza. Ubigize, uzoronka “ubumenyi butagira amakosa bw’ukugomba kwayo” maze umenye ukuntu ‘woyishimisha bimwe bishitse.’ Uko rero uzobandanya uronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Yehova, ugashira mu ngiro ivyo adusaba bigororotse, uzorushiriza kumwizera na we arushirize kukwiyegereza.Abakolosayi 1:9, 10.