Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI KIGARAMA 2014

 ABASOMYI BACU BARABAZA . . .

Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye Noweli?

Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye Noweli?

Hari imvo zitandukanye zituma abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bahimbaza Noweli. Bamwebamwe usanga baryoherwa no kuba bari kumwe n’incuti n’abagenzi kuri uwo musi mukuru. Abandi biyumvira ko kiba ari igihe co kwiyumvira ibijanye n’Imana canke gufasha abakene. Mu bisanzwe, ivyo bintu ubwavyo si bibi. Ariko rero, hari ibintu bitabereye usanga biranga uwo musi mukuru.

Ubwa mbere ni uko abantu benshi bahimbaza uwo musi bemera ko ari wo Yezu yavukiyeko. Yamara, abahinga mu vya kahise bo hirya no hino kw’isi barahuza ku ciyumviro c’uko umusi Yezu yavukiyeko utazwi. Igitabu kimwe (The Christian Book of Why) kivuga giti: “Abakirisu bo mu ntango ntibashinze itariki Yezu yavukiyeko kuko bipfuza kwitandukanya n’imigenzo yose ya gipagani.” Birashimishije kubona Bibiliya iterekana yuko Yezu yoba yarigeze guhimbaza umusi yavukiyeko canke ngo ahimbaze ivuka ry’uwundi muntu. Ahubwo ico yategetse abayoboke biwe guhimbaza ni urupfu rwiwe.Luka 22:19.

Ubwa kabiri ni uko abahinga benshi mu vya Bibiliya bavuga yuko myinshi mu migenzo ijanye na Noweli yakomotse ku migenzo y’abapagani be n’abatari abakirisu. Aho twovuga nk’ivyerekeye umwe bita Père Noël, igiti ca Noweli, guhanahana ingabirano, gucana amabuji, kumanika ingori z’amashurwe, kuririmba indirimbo za Noweli be n’ibindi bintu bigirwa. Ku bijanye n’iyo migenzo, igitabu kimwe (The Externals of the Catholic Church) kivuga giti: “Ni bangahe muri twebwe bamenya ko dushobora kuba turiko turakurikiza umugenzo w’abapagani igihe duhanahana ingabirano n’igihe tumanika ingori z’amashurwe y’urwatsi rutoto mu mazu yacu no mu nsengero zacu?”

“Ni bangahe muri twebwe bamenya ko dushobora kuba turiko turakurikiza umugenzo w’abapagani igihe duhanahana ingabirano n’igihe tumanika ingori z’amashurwe y’urwatsi rutoto mu mazu yacu no mu nsengero zacu?”—Vyakuwe mu gitabu The Externals of the Catholic Church

Ushobora guca wibaza uti: ‘Hoba hari ico bitwaye gukurikiza iyo migenzo?’ Inyishu y’ico kibazo ni ikintu kigira gatatu ukwiye kuzirikanako. Imana ntishima ko imigenzo ya gipagani yinjira mu gusenga gutyoroye. Biciye ku mumenyeshakazoza Amosi, Yehova Imana yabwiye Abisirayeli ba kera batumvira Imana ati: “Imisi mikuru yanyu ndayanse, ndayizinutswe . . . Nimunkureko uruyogoyogo rw’indirimbo zanyu.”Amosi 5:21, 23.

Ni kubera iki Imana yababwiye ayo majambo akomeye cane? Raba ivyo abantu bo mu bwami bwo mu buraruko bwo muri Isirayeli ya kera bariko barakora. Umwami wabo wa mbere Yerobowamu yarashinze inyana zibiri z’inzahabu, imwe ayishira i Dani iyindi ayishira i Beteli maze aremesha abantu ngo basenge izo nyana aho gusenga Yehova Imana mu buryo yemera ku rusengero i Yeruzalemu. Umwami yaratunganije kandi imisi mikuru yongera ashiraho abaherezi bo gufasha abantu kuyihimbaza.1 Abami 12:26-33.

Ivyo bintu Abisirayeli bakora womengo vyari vyiza, narirya babigira kugira basenge Imana bongere bayihimbare. Amajambo akomeye Imana yavuze biciye kuri Amosi n’abandi bamenyeshakazoza, arerekana mu buryo butomoye ukuntu Imana yabona ivyo bintu bakora. Biciye ku mumenyeshakazoza Malaki, Imana yavuze iti: “Ndi Yehova; sinahindutse.” (Malaki 3:6) Ivyo none ntibitwereka ingene Imana ibona ibintu bigirwa muri iki gihe mu guhimbaza Noweli?

Abantu amamiliyoni bamaze kumenya ivyo bintu bijanye na Noweli, baciye bafata ingingo yo kutayihimbaza. Igihe ico ari co cose bavyipfuje barahimbarwa no kumara umwanya bari kumwe n’incuti n’abagenzi bakongera bagafasha abakene.

 

Raba n'ibindi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza Noweli?

Abantu benshi barahimbaza Noweli naho bazi inkomoko yayo. Raba igituma Ivyabona vya Yehova batayihimbaza.

Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana

Raba ibintu bitandatu biranga abari mw’idini ry’ukuri.