Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI KIGARAMA 2014

Noba nkwiye gufata ideni?

Noba nkwiye gufata ideni?

“Ukurya imyenda kuraryoha ukuyishura kukabiha.”

ABANTU benshi baramenyereye uwo mugani. Urerekana ukuntu abantu bo hirya no hino kw’isi babona ivyo gufata ideni. Woba nawe uhora wiyumva gutyo mu gihe ari umugenzi wawe canke uwundi muntu wasavye ideni? Naho rimwe na rimwe biba ngombwa ko tugurana, vyoba ari vyiza? None ni ingorane n’akaga ibihe biri mu gufata ideni?

Hari uwundi mugani uvuga ingorane iri mu gufata ideni. Uvuga uti: ‘Umwenda utera urwanko.’ Ni vyo, ideni rirashobora guteranya abagenzi rikonona n’imigenderanire hagati y’abantu. Naho umuntu yoba yipfuza vy’ukuri kuriha ideni, agategekanya neza n’ukuntu yoririha, ibintu birashobora guhinduka ntibibe nk’uko yabitegekanije. Nk’akarorero, utevye kuriha ideni, nyene kukugurana arashobora gushavura. Harashobora kuba icuka kibi hagati yawe na we, no hagati y’imiryango yanyu. Kubera ko ideni rishobora guteranya abantu, dufise ingorane y’amahera twofata ideni tumaze kubona ko ata kundi turi bugire.

Gufata ideni birashobora kandi kwonona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana. Uti gute? Ubwa mbere, Bibiliya ivuga yuko umuntu agurana akanka kwishura ari umubisha. (Zaburi 37:21) Iravuga kandi itomora yuko “uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana.” (Imigani 22:7) Uwaguranye ategerezwa kumenya yuko afise ico abazwa na nyene kumugurana gushika arishe. Hari uwundi mugani wo muri Afrika uvuga uti: “Utiye amaguru y’uwundi, akujana iyo ashatse.” Ivyo bisigura ko uwufise ideni rinini atagira umwidegemvyo wo gukora ico ashaka.

Kuriha ideni rero ni ikintu uwaguranye ategerezwa kwitwararika cane. Atari ukwo, vyokwega ingorane. Amadeni menshi arashobora gutuma umuntu agira amaganya menshi, akabura agatiro, agakorera gutabuka, umugabo n’umugore bakama mu nduru, mbere n’imiryango igasambuka. Aho rero ntituvuze ivyo kuburanywa no gupfungwa.  Mu Baroma 13:8 haratanga impanuro nziza igira iti: “Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe, atari ugukundana.”

VYOBA BIKENEWE?

Uravye ingorane gufata ideni biteza, umuntu yovyirinda. Vyoba vyiza yibajije ati: Vyoba vy’ukuri bikenewe ko mfata ideni? Noba nshaka kudakora ku mahera yanje kugira ngo ndonke ibitunga umuryango wanje? Canke kwoba ari ukugira umwina ngashaka kubaho mu buryo burenze ubwo mfise? Akenshi kubumbwa n’ivyo ufise ni vyiza kuruta gufata ideni.

Ariko ntiwumve, harashobora kwaduka ikintu ukabona ko ata kundi uri bugire. Bishitse ukagurana, ukwiye kuba imvugakuri. Gute?

Ntiwigere uriramwo mbege ngo ni uko umuntu yakuguranye asa n’uwifise. Ntidukwiye kubona yuko iyo umuntu atunze ategerezwa kudufasha mu bijanye n’amafaranga, canke ngo tubone yuko tutamurishe ata kibi twoba dukoze. Ntugirire ishari abantu basa n’abafise uburyo.Imigani 28:22.

Vyongeye, nurihe ideni udatebaganye. Uwakuguranye ataguhaye ikiringo, urashobora kumubwira igihe worihirako kandi ukacubahiriza. Biraba vyiza ivyo muvuganye muvyanditse kugira ngo mwirinde ukutumvikana kwoba hagati yanyu. (Yeremiya 32:9, 10) Nimba bishoboka, numwirihire amaso mu yandi hanyuma umushimire. Kwitwararika kuriha ideni biratuma imigenderanire iba myiza. Muri ya Nsiguro yo ku musozi Yezu yashikiriza, yavuze ati: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.” (Matayo 5:37) Vyongeye, wame wibuka rya Tegeko ry’agakura rigira riti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”Matayo 7:12.

IMPANURO NGIRAKAMARO BIBILIYA ITANGA

Bibiliya iratanga umuti wo kwirinda amadeni. Ivuga iti: “Nkako, ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye.” (1 Timoteyo 6:6) Tubivuze mu bundi buryo, kwikwira ari kwo kubumbwa n’ivyo ufise, ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kwirinda ingaruka mbi ziterwa no gufata ideni. Ariko tuvugishije ukuri, kubaho umuntu abumbwa n’ivyo afise si icoroshe muri ino si ituremesha kuronka ivyo twipfuza vyose. Aho rero ni ho “ukwihebera Imana” guca kudufasha. Mu buhe buryo?

Raba nk’akarorero ibijanye n’umugabo n’umugore umwe b’abakirisu bo muri Aziya. Bacubakana, baratamarira abari bafise uburyo bwo kwigurira inzu. Baciye bahitamwo kugura inzu bakoresheje amahera baziganije n’ayo baguranye mw’ibanki no mu ncuti. Ariko budakeye na kabiri, kuriha amahera menshi buri kwezi vyaratanguye kubabera umuzigo. Baciye batangura gukora cane, bagakora umwanya muremure, bituma bataronka n’umwanya wo kuba bari kumwe n’abana babo. Umugabo avuga ati: “Amaganya, umubabaro no kubura itiro vyari bindembeje. Rwari rwanyuzuriyeko.”

“Kubona amatungo nk’uko Imana iyabona ni bwo burinzi”

Mu nyuma, baributse amajambo ari muri 1 Timoteyo 6:6 maze babona ko umuti ari ukugurisha iyo nzu. Vyatwaye imyaka ibiri kugira umuzigo w’amadeni ubaveko. None uwo mugabo n’umugore ni icigwa ikihe bahigiye? Bavuze bati: “Kubona amatungo nk’uko Imana iyabona ni bwo burinzi.”

Wa mugani twavuga mu ntango abantu benshi barawuzi. Yamara ivyo ntibibabuza gufata amadeni. Twisunze impanuro zo muri Bibiliya twabonye, ntivyoba none biranga ubukerebutsi umuntu azirikanye ata gufyina akibaza ati: ‘Noba nkwiye gufata ideni?’

Raba n'ibindi

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise ingorane z’amahera n’amadeni?

Amahera ntashobora kugura agahimbare, ariko hariho ingingo ngenderwako zine zo muri Bibiliya zishobora kugufasha mu bijanye n’amahera.

Ibintu bitatu amahera adashobora kugura

Amahera aratuma tugura ibintu bimwebimwe dukeneye, mugabo ibintu vyotuma duhimbarwa kuruta ibindi vyose ni ibintu amahera adashobora kugura.